Mugihe kuri uyu Gatatu igenekerezo rya 6/8/2025, hatanguye igikorane c’ubutumwa bwiza catunganijwe na Destiny Encounters_International arico Burundi Miracle Crusade kiriko kibera muri Zone ya Kinama Commune Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, Umuvugabutumwa Charlie Shamp yamuka mugihugu ca Leta nzunze ubumwe za Amerika, avuga ko Imana igiye gukora Ku bantu benshi Kandi ko Izina rya Yesu rigiye gukora ibintu bikomeye Ku gihugu c’Uburundi. Aho agira ati: “Ivyo Bibiliya ivuga vyose birahari, Yesu yamye ari umwami Kuva Kera, Uno munsi no muri kazoza”
Bishop Callixte arongoye urunani rw’aba pasitori biyemeje guharanira amahoro mw’iterambere rirama mu gihugu c’Uburundi, yamenyesheje ko ico gikorane catunganijwe mu ntumbero yo gusengera igihugu c’Uburundi, ngo bakaba bahisemwo uwo mukozi w’Imana hamwe n’abandi bagenzi we kuko ngo basanzwe ari abadasanzwe, aho basanzwe bafise umutima wo kurondera intama zazimiye mu gukora ibikorwa vya Kristu.
Callixte arongerako amenyesha ko abo bakozi b’Imana baje mu gihe ciza aho Igihugu Kiri mu gihe co gushiraho indongozi nshasha ,ati bazoca babashigikira mu gusengera igihugu n’indongozi nsasha ,ngo bakaba kandi biteze ko abantu benshi bazokwakira umwami Yesu nk’umukiza mu bugingo bwabo.
Bishop Callixte arangiza atera akamo abenegihugu bari mu ma Commune yose yo mu gisagara ca Bujumbura n’abahegereye, kuza kwifatanya nabo muri ico gikorwa c’ivugabutumwa no gusengera igihugu. Ico gikorane kikazoba citabirimwe n’abaririmwe batandukanye harimwo Armel Ishimwe hamwe na Upendo Nkone yamuka mu gihugu ca Tanzaniya
Mwomenya ko ico gikorane catanguye kuri uno wagatatu igenekerezo rya 6/8/2025 kikazorangira kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 10/8/2025.