Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeIbindiYannick Utter yoba agiye kuronka kakaduga Prophet Joshoua yavuga?

Yannick Utter yoba agiye kuronka kakaduga Prophet Joshoua yavuga?

Yannick Utter yoba agiye kuronka kakaduga Prophet Joshua yavuga?Ishengero rya Holly Center rirongowe na Apotre Jean Paul Manirakiza rihejeje gufata ingingo yo gusohora icapa gihamagarira abakunzi ba Yannick Utter ko bomugurira imodoka mu ntumbero yo gushigikira impano yiwe no kumworohereza mw’ibango ryiwe.

K’urubuga rwa facebook rw’ishengero rya HOLLY CENTER, hasohotse kw’uyu wa 19 Munyonyo 2025 ico benshi bita affiche iriko ama nimero ya konte na lumicash yo kugurira imodoka Yannick Utter inyuma yaho vyankiye ko atahana iyateguwe na SuperBat ribicishije mw’ihiganwa SurperBeat.

Yannick Utter aririmba indirirmbo mpimbazamana, yanavuzwe cane muri iri higanwa kubera indirimbo yiwe yamamaye yise “Ni wewe” aho hasohotse n’amajambo ameze nk’ubuvugishwa yasohowe n’umuvugishwa Joshua amuha amahigwe yo gutahukana akaduga ka SuperBat munyuma kaza gutwarwa n’umuririmvyi Kirikou Akili aririmba secular, izo benshi bita ko ari indirimbo z’isi.

Mbega ubuvugishwa bwa Joshua bwoba bugira bushike muyindi nzira?Abenshi batanguye kwibaza ko ubuhanuzi bwa Joshua bwoba bushitse muyindi nzira, yamara Prophet Joshua ubwiwe yaramaze guhakana abicishije kukinyamakuru yahaye AKEZA NET, aho yumvikanye avuga ko butari ubuvugishwa, ivyo akaba yabihakanye incuro zibiri zose.

Tubibutse ko Yannick Utter yoba yari yavuze imbere yihiganwa rya SuperBeat ko Imana yavuganye nawe kubijanye n’akaduga ka SuperBat kari kategekanijwe nkuko bivugwa n’abakurikirana imbuga hwaniro.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments