Vrydag, Augustus 22, 2025
spot_img
HomeAbanditsi n'abaririmvyiWoba waramenye ivyaranze igiteramo c'indirimbo za cantique cabereye kur Hôtel Source du...

Woba waramenye ivyaranze igiteramo c’indirimbo za cantique cabereye kur Hôtel Source du Nil?

Ku wa 13/7/2025 kuri Source du Nil habereye igiteramo c’indirimbo mpimbazaMana zo mu gitabo(cantique) categuwe n’ishirahamwe rukristo RPEM (lvugabutumwa lkanguro Amasengesho). lco giteramo citabwe na Apôtre Apollinaire HABONIMANA, Shemeza Music, Fabrice NZEYIMANA n’abandi batumire batandukanye ico giteramo.

Apôtre Apolinaire na Fabrice NZEYIMANA barafashe akanya ko gushimira abitavye no gushimika cane ku bijanye n’ubutumwa buri mu ndirimbo za kino gihe aho usanga nyinshi ata kanovera zigifise kuko zandikwa nabi canke zikavuga ivyo ubutumwa bwiza budatumbereye kuvuga.

Apotre Appolinaire yari yitavye ico giteramo
Apotre Appolinaire Habonimana yari yitavye ico giteramo c’indirimbo za Cantique cabereye muri Hotel Source du Nil

Indirimbo zo mu gitabo rero ni indirimbo nziza zifise akanovera kazo abaziririmvye ubwa mbere bari baratahuye ubutumwa bwiza kandi bari baranywanye n’lmana. Abo bakozi b’lmana barahanuye ishengero ryo mu Burundi ko rikwiye kwijukira gukoresha zino ndirimbo mu myanya y’amakoraniro.

Read also : https://umwungere.com/abepiskopi-nuburenganzira-bwo-kuvuga-ku-matora-bibiliya-ivuga-iki/

Igiteramo c'indirimbo mpimbazaMana zo mu gitabo(cantique) categuwe n'ishirahamwe rukristo RPEM
Igiteramo c’indirimbo mpimbazaMana zo mu gitabo(cantique) categuwe n’ishirahamwe rukristo RPEM

lntumbero y’ico giteramo n’uko ishengero rya Kristo riba mu gihe c’ikanguro no kubungabunga indirimbo zagize uruhara mu buzima bw’ishengero. Bikunze rero ico gikorwa kizokwama kiba buri mwaka citiriwe Hosana night celebration.

Mukundwa nawe ubona indirimbo zo muri kantique zifise ico zirusha izindi ndirimbo?

Ibisa n’ibi : https://umwungere.com/pasteur-lopez-nininahazwe-yahishuye-ibanga-ryo-gukora-ibikorwa-bishimwa-nimana-nabantu/

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments