Vestine na Dorcas bazoba bateramanye n’abakunzi babo i Vancouver kw’igenekerezo rya 18 gitugutu umwaka wi 2025, vy’umwihariko kubakunzi babo bumva ururimi rwigiswahili mu ntumbero yo kwagura igikorwa c’Imana no gushikira isi.
Ibihe vyiza vyo guhimbaza no gutazira Imana hamwe n’abaririmvyi Vestine na Dorcas, bigiye kubera kumugabane wuburayi ku ncuro yabo ya mbere, inyuma yuko vyari vyarategekanijwe mumwaka uheze (2024) ariko ntivyakunda.
Nikuriyi ncuro abo baririmvyi bagomba basohoke umugabane wa Afurika (Afrique) baja kumugabane w’uburayi, kimwe muvyo bari baripfuje kandi kigiye mungiro nkuko tubisanga mukinyamakuru Inyarwanda.
Umurongozi wabo Irene Murindahabi mu kiganiro yatanze kuri Inyarwanda agira ati :
« Icipfuzo cacu nuko Vestine na Dorcas bahura n’abakunzi babo aho bari hose kw’isi. Ni muriyo ntumbero twatunganije ururugendo bagiye gukora muri canada, aho twahisemwo gutangurira ibiteramo vyacu ahitwa Vancouver. Ibindi biteramo bikazogenda birakorwa bivanye nuko tuzoba turiko turabishobozwa nkuko umugwi ujejwe gutunganya ivyo bikogwa urushirije kwitanga utiziganya ngo bize bigende neza kandi bishikweko. »
Murindahabi agira kandi ati:
« Turashaka ko indirimbo zabo zirenga urubibe rwu Rwanda zigashikira abantu benshi. Iyi ncuro twahisemwo ururimi rwigiswahili kugira ngo abagwumva nabo biyumve kandi tubagaragarize ko turikumwe nabo. »
Aha twobabwira kandi ko tumaze gutunganya ibikorwa bitari bike mu Rwanda ndetse no hanze yarwo, aho twovuga nko mu Burundi. Muri uyu mwaka rero tugomba dushire ibikorwa vyacu kugwego mpuzamakungu biciye muri uru rugendo twateguye.
Murindahabi arangiza agira ati :«Intumbero yurwo rugendo yavuye mundirimbo twise “ Yebo” yerekana amahitamwo yacu yogutangura guhimbaza no gutazira Imana tubicishije mu rurimi rwigiswahili.»
Womenya ko kuva mu mwaka wi 2018 abo baririmvyi bariko barakora ibikorwa bishimishije bifasha imitima, bitera intege kandi bikomeza Ubwami bw’Imana bikazana besnhi ku kugororoka.