Usomye Bibiliya yose uca usara?
Kuva mu mwaka wa 2022 abagize umurwi wo gusoma Bibiliya ku musi ku musi bahurira ku rubuga rwa whatsap isaha zitatu z’ijoro bagasangizanya ico batahuye babirongowemwo n’umwigisha wabo Pasitori Cyrille Nitunga, kuri uyu wa 1 Munyonyo i Bujumbura inyuma yo kwigira hamwe ibijanye n’ukugaruka kwa Yesu, abicishije mw’ishure yise TURANO SCKOOL yabahaye urupapuro rwemeza ko basomye Bibiliya yose ahereye kubatanguye 2022 gushika 2025.
Abamaze guheza kuyisoma:

“Twatanguye mu mwaka wa 2022
Kandi 2022 na 2023 twasoma ibice bine ku musi (4 chapitres par jour). Aho twahejeje Bibiliya yose uko umwaka utashe.
Hama kuva 2024 na 2025 twasomye ibice bibiri ku musi (2 chapitres par jour) kugira duheze Bibiliya yose mu myaka ibiri. Abo twatanguranye 2022 tugira duheze kuyisoma incuro igira gatatu(3)”.

Pasitori Cyrille Nitunga asanzwe yanonosoye ivyirwa Ndoramana, akaba n’umwigisha muri za Kaminuza ari nawe yashizeho uwo murwi avuga ko ihangiro ryabo nyamukuru ari gushingwa neza mw’Ijambo ry’Imana ngo kuko igihambaye cane ari kuzobona Umwami Yesu Kristo mw’Ijuru umwe yadupfira ku musaraba.
Babikora gute?

Hambavu yuko ku musi ku musi baba bafise ibisomwa bariko barasomera hamwe, buri musi wa gatanu barimburira hamwe (méditation Biblique) igisomwa bisunze ibibazo vyo: kwihweza , gusobanura no gushira mu ngiro. Ivyo vyose bakabikorera muri groupe whatsap.
Abagize uwo murwi ni bande?

Muri uwo murwi(groupe) bahahurira n’abari mu mihingo itandukanye barenga mirongo itanu (50), bava mu mashengero atandukanye bo mu myaka itandukanye,bose bahujwe na Bibiliya gusa.
Usomye Bibiliya yose ubwenge buca butirigana(usara)?
Ku kibazo c’uko hari abavuga ko usomye Bibiliya yose uca usara (uterwa n’uburwayi bwo mu mutwe), Pastor Cyrille asanzwe arongoye ishengero rya Church of God paroisse Mutakura avuga ko ari ikinyoma cambaye ubusa, ngo ubwiwe yarayihejeje mbere ngo hari n’abamaze kuyisubiramwo incuro zirenga 5 ariko ngo ntibarasara! Muri uwo murwi nyene ubwabo kuva 2022 gushika 2025 bazoba bayisubiyemwo incuro zitatu 3 kandi ngo ntawurarwara mu mutwe kubera yayisomye yose.
Umunezero w’abitavye igikorwa:

“Abitavye ico gikorwa bati “Twari tuzi ko uzotwirukana none uradushimiye”!!!

“Gusomera Bibiliya hamwe vyatumye nkunda gusoma cane Ijambo ry’Imana, n’igihe ntaronse akanya numva mpomvye cane”.
“Hariho ibintu nasoma muri Bibiliya nkabisimba nibaza ko bitatwerekeye, none ubu naramenye insiguro yavyo”.

Musomyi,wewe umaze gusoma ibitabo bingahe mubigize Bibiliya? Canke nawe waratinye ko ubwenge bwohava bwikoma (usara)?



