Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Mukakaro 2025 niho hasozerwa Igikorane c’ijambo ry’Imana ku rwaruka rw’ishengero Methodiste Libre mu Burundi hamwe no mu yandi mashengero cari kimaze imisi kiriko kibera mu Ntara ya Gitega ku civugo kigira giti : “IMANA IGOMBA KO MBA UMWIZIGIRWA”
Inyuma yizo nyigisho zatunganijwe n’Ishengero Methodiste Libre mu Burundi urwaruka rwo mu turere twa Mweya na Kibuye barakoze igikorwa co gutanga amaraso no kwegeranya uburyo bwo kugurira udukarata two kwivurizako (Mutuelles) abafise amikoro make,nayo abo mu karere ka Mihigo baragendeye abageze muzabukuru batishoboye mukubaronsa imfungurwa.
Urwo rwaruka rwakwirikiranye izo nyigisho, bavuga ko zabagiriye akamaro kanini. Aho bamwe bashinga intahe ko zari inyigisho zikenewe, na cane cane baravye aho bari bari naho ivyo vyigwa bize bibagejeje, aho mugushinga intahe hari abavuze ko bahora batora utuntu tw’abavyeyi batababajije bigatuma bataba abizigirwa. Ariko inyuma y’izo nyigisho bavuga ko bagiye guhindura izo ngeso bahoramwo.
Nayo BARANYIKWA Vital arongoye Igisata c’Ivugabutumwa, Uguhindura Abantu Abigishwa n’ Ugukura Kw’Ishengero mu biro bikuru vy’Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi ashikiriza ko vyabaye ibikorwa vyiza cane kuko vyabahaye kubona ingene abigisha batanga ivyo vyigwa, no kubona ingene ivyigwa biriko birakirwa n’urwaruka. Kandi akavuga ko babonye ko ahatari hake abarongozi bitabiriye ivyo bikorwa bakabifata mu ntoke. Uyo murongozi yarongeye aragaragaza ko ivyamukoze ku mutima muri zino nyigisho, ari. Aho agira ati:” Ni ikimenyetso c’ubumwe bugomba kuranga ishengero ry’Imana”.
Nayo Candidat Pasteur NIMBONA Viateur, umwe mu bigisha b’urwaruka ngo yaranezerejwe cane no kubona inyigisho zabaye mu runani; aho urwaruka rwabaye mu bihe biryoshe cane. ngo vyarashoboje urwaruka cane, aho wasanga urwaruka ruva ahatandukanye rwagiye ruruzuzanya mu kwishura ibibazo vyo mu migwi.
Mwomenya ko atari ico gikorwa co kugurira udukarata two kwivurizako abantu gusa urwo rwaruka rwakoze, ahubwo habaye n’igikorwa co gutanga amaraso, kugendera abageze muzabukuru mukubagurira imfungurwa ndetse n’utundi twankenerwa.