Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 08 Nyakanga 2025, niho ikinyamakuru Umwungere News gisanzwe gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi catanguza inyigisho ku rwaruka 10 rutanguye kwimenyereza (stagiaires) umwuga wo kumenyesha amakuru rukristo (Journalisme Chrétien). Izo nyigisho zikaba ziriko zirabera mu gisagara ca Bujumbura, zikazomara ikiringo c’amezi atatu.
Mugihe yariko arakira abo bimenyereza bashasha, Umuyobozi mukuru w’ico kinyamakuru Pasteur Oswald NSHIMIRIMANA yamenyesheje ko intumbero yatumye hategurwa izo nyigisho ku rwaruka, ari mu ntumbero yo kwagura ubwami bw’Imana hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi.
Ku bwiwe, ngo igikorwa cose umuntu agikoze neza kubwo icubahiro c’Imana aba ariko arakorera Imana.

Akamenyesha ko inyuma y’ico kiringo, urwo rwaruka ruzogira ihuriro (réseau) ry’abaKristo bakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mu kwagura ubwami bw’Imana.
Read also :
Ishengero ni ishirahamwe ritandukanye n’ayandi mashirahamwe yose
Pascal Ndayikeza, umwigisha azomara ico kiringo ariko arakurikirana urwo rwaruka, amenyesha ko mu nyigisho bagiye guhabwa harimwo: Ibijanye n’ubuhinga bwo kwandika amakuru, gufata amashusho, gufata hamwe no gukora amasanamu, kwiga ibijanye no gushushanya mu buhinga bwa none (design graphique), gukoresha ibiganiro ku mbuga ngurukanabumenyi, gukoresha imbuga hwaniro (Réseaux sociaux et site web) n’ibindi , ariko ivyo vyose bakabikora bafise ihangiro ryo kwamamaza ibikorwa vy’Imana.
Akaba kandi amenyesha ko inyuma y’izo nyigisho z’amezi atatu, yiteze ikintu gikomeye kuri abo bariko barimenyereza. Akaba yabahaye n’impanuro z’uko umumenyeshamakuru yokwigenza, mu kubandanya yiga kuko umuntu akeneye gutera imbere ni uko aguma yiga bishasha bigezweho.

Ikindi yabahanuye, n’uko batoba abamenyeshamakuru bo ku munwa gusa, ahubwo ko boba abamenyeshamakuru babigize umwuga kandi babikora neza (Professionnels), biyumvira gukora umwuga bisunze amategeko awugenga, abamenyeshamakuru bakora imigambi ibateza imbere (Journalistes entrepreneurs), kandi ko bokora akazi bakishimiye, kuko ngo iyo ibikorwa umuntu wese akora abikoze neza, aba ariko akorera Imana. Akabibutsa ko kandi impembo itari aha kw’Isi gusa, ahubwo impembo iri no mw’Ijuru.
Read also :
https://youtu.be/8hT6c2MSXt8?si=4vGFQGiDeUqi0HhT

Nayo abo bakozi bashasha bakavuga ko banezerejwe n’izo nyigisho bagiye guhabwa, bakaba biyemeje ko bagiye kuba ku mwanya no gukoresha inguvu kugira ico kiringo kizorangire baronse ubumenyi bukwiye mu bijanye no kumenyesha amakuru.
Bakavuga ko bivanye nivyo umwigisha yababwiye, baciye bumva bagize intege zo gukurikira izo nyigisho kuko ari ngirakamaro. Bakizera ko bagiye kwongereza inguvu mu gukoresha imbuga ngurukanabumenyi na cane cane mu kwamamaza igikorwa c’Imana.
Umuyobozi mukuru w’ico kinyamakuru Pasteur Oswald NSIMIRIMANA akaba yateye intege abo bakozi bashasha, abasaba ko boshiramwo inguvu kugira baze bashikirize abenegihugu amakuru yizewe.
Read also :
INGO [Ubwo ingo nyishi zibayeho zifise ibibazo zoba zibayeho zitari mu bugombe bw’Imana?]
Kubera iki bihambaye ko ubutumwa bwiza buvugirwa no ku mbuga hwaniro ?
Umuyobozi w’ikinyamakuru Umwungere News, asanzwe kandi ari umwungere mw’ishengero Shammah Temple Fellowship- Paroisse Mukaza, mugihe yariko arasigura impamvu yiyumviriye gushinga ikinyamakuru gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, yagize ati:
“Muri kino gihe abantu benshi barakoresha imbuga ngurukanabumenyi, cane cane urwaruka rusanzwe ari narwo rwinshi (ibice birenga gato 60% vy’abenegihugu mu Burundi nk’uko vyerekanwa na Rusansuma y’abanyagihugu, uburaro, uburimyi n’ubworozi yo mu 2024), …… Rero birihutirwa ko habaho gukoresha ubuhinga bwa none mu kwagura ubwami bw’Imana.”

Arongera ati:
“Imbuga ngurukanabumenyi zaramaze kuba nk’iyindi si abantu babako. Umuntu aho ari hose aguma akwegakwerwa no kujayo, hageze ikizazanira umuntu, ku mbuga ngurukanabumenyi hahindutse aho umuntu aronderera ivyo yifuza.”
Akaba kandi yashimangiye iciyumviro cigeze kuvugwa n’umu Pasitori, asanzwe azwi mu kwigisha ivyigwa vy’uburongozi mu Burundi Acher Niyonizigiye aho yavuze ati: “Iyaba intumwa Paulo yari akiriho uno musi, nibaza ko abari ku mbuga ngurukanabumenyi zose kugira ngo ashikirize ubutumwa bwiza abantu bose”
Ku bwiwe rero ngo, uravye ishaka Paulo yarafise, ingendo yagenda ajanye ubutumwa bwiza, kuri we ubuhinga bwa none bwomubereye igikoresho ciza.
Ikindi kandi ngo, ubuhinga bwa none busigaye ari igikoresho kigezweho abantu bakoresha mu gushika ku nyungu mbi canke nziza zabo.
Abaza ati:
“None habura iki ngo abantu b’Imana bakoreshe ubwo buhinga bwa none mu kuvuga ubutumwa bwiza, guhagararira ukuri no gufasha ikibano mu kwishura ku bibazo abantu bibaza ntibaronke inyishu vyoroshe mu buzima bwabo rukristo dukoresheje ubuhinga bwa none?”
Read also :
https://umwungere.com/ni-gute-umurongozi-akwiye-buera-akarorero-abo-arongoye/
Izi nyigisho zizofasha urwaruka gushira ahabona ivyo Imana iriko irakoresha abantu bayo
Oswald Nshimirimana abandanya avuga ko muri iki gihugu cacu hariho abantu b’Imana, amashengero, amashirahamwe rukristo bakora ibintu bikomeye mu gihugu mugabo ntibivugwe ngo bitere abizere gushima Imana kandi ngo bigaragaze urukundo rw’Imana. Ikindi ngo mbere kubera ivyo bikorwa bitavugwa, ngo hoba hariho abibaza ati : “None abo bantu bavuga ko bazi Imana ivyo bakora biri hehe?”
Umwigisha agiye gukurikirana abo bigishwa- bamenyerezwa bashasha, Pascal NDAYIKEZA, asanzwe afise ubumenyi n’ubuhinga budasanzwe mu vyo kumenyesha amakuru ku buhinga ngurukanabumenyi, mu nyigisho zo ku musi wa mbere akaba yatanguye yigisha ibintu nyamukuru umwuga wo kumenyesha amakuru ushingiyeko. Hamwe n’ivyo umuntu yokwisunga mu gutohoza amakuru cane cane ajanye n’ibinyamakuru rukristo.

Mwomenya ko Ikinyamakuru Umwungere News gikorera mu gisagara ca Bujumbura, hamwe no kuri Internet: Umwungere.com, Facebook: Umwungere News, Twitter: Umwungere News, Instagram: Umwungere News no kuri Youtube: Umwungere TV.
Read also :
129 Personnes ont accepté Jésus-Christ Comme Seigneur et Sauveur dans leurs vie
Mwavuze ko mugiye kwigisha abanyeshure 10 ariko kw’isanamu twabonye 7. Batatu bari hehe kw’isanamu?