Saterdag, November 22, 2025
spot_img
HomeIbindiOuganda: Umushingantahe yakubaguye  umupfasoni wiwe amuhora  ukwemera kwiwe kwa gikristo yongera abomora...

Ouganda: Umushingantahe yakubaguye  umupfasoni wiwe amuhora  ukwemera kwiwe kwa gikristo yongera abomora inyubakwa y’urushengero

 

Hari ku wa  12 Gitugutu, inyuma yo gusozera amasengesho yo ku musi w’Imana mw’ishengero Fit for Jesus Evangelical Church, riri mu gisagara ca Muguti muri Ouganda, Kulusumu Namulondo, umupfasoni aheruka kwakira agakiza , yararonse terefone imuhamagara y’ umushingantahe wiwe   w’umu isilamu, uwo mushingantahe  amaze kumenya ko umupfasoni wiwe  yari gusenga,yaciye ashavura cane aho yamwagirije kuba ariko arayovya abana mu kwizera gutandukanye  n’idini rya Islam. Nk’uko vyashikirijwe n’ikinyamakuru Morning Star News.

Inyuma y’iyo terefone,uwo mushingantahe yaciye yuzura ishavu amuhamagara incuro nyinshi, sivyo gusa yaciye mbere yishikira kuri iyo nyubakwa y’ishengero . Namulondo abonye ko bikomeye yaciye avyiganirira  umupasitori mukuru w’ishengero, Charles Kitinyo,  amuhanuza  uko yobigenza n’abana biwe babiri kugira baronke umutekano, uwo mu pasitori amaze kuvyumva  yaciye abwira uwo mupfasoni hamwe n’abo bana biwe kuguma binyegeje.Kulusumu Namulondo agira ati:

“Umugabo wanje yatanguye kuntuka, ambwira ko nteye isoni umuryango kandi ko ndiko ndashaka  kwinjiza abana mw’idini ridahuye na islamu. Naciye ntinya cane ku buzima bw’abana banje n’ubwanje.”

Bukeye, uwo mushingantahe yarongeye arengera k’ umupfasoni wiwe aramukubita vyivuye inyuma, amwagiriza kwihakana “idini rya Allah.” aho yagira ati:

 “Warenze ku mategeko kandi wihakanye idini rya Allah, ugomba gupfa.”

Akiriko aramukubita,  abana bariko baragerageza gufasha nyina wabo, na bo nyene barakubiswe n’uwo mushingantahe imbere y’uko ababanyi baza gutabara.Uwo mupfasoni arongera ati:

“Umugabo wanje yakubise umuhungu wanje cane akoresheje inkoni, aragwa hasi, arira kubera ububabare. Umwana wanje akiri hasi, umugabo yaciye atangura gukubita umwana wanje w’umukobwa nanje . Imana ishimwe, ababanyi  baraje kwihutira kudufasha, hanyuma arahunga.”

Kulusumu n’abana biwe baciye bajanywa  mu bitaro vya Mbale, aho bamaze imisi itatu bariko baravurirwa.

Ntivyahereye  aho: ku wa 15 Gitugutu, uwo mushingantahe, afashijwe n’abandi bantu, yarasambuye burundu inyubakwa y’ishengero Fit for Jesus. Abarongozi b’ishengero baciye bamwitwarira  ku gipolisi ca Muguti, ariko kugeza ubu uwo mushingantahe  ntarafatwa.

Iyi nkuru yongeye kwerekana ko mu gihugu c’Ubuganda hakomeje kwibonekeza ihamwa ku bakristu.Akarorero, mu kwezi kwa Rusama 2025, umupasitori Isima Kimbugwe yarishwe aturiwe mu nzu yiwe, kubera ko yari yahaye ubutumwa bwiza aba isilamu bakakira agakiza . Mu mezi yakurikiye naho, umusore w’imyaka 19 yarishwe n’umuvukanyi wiwe inyuma yo guhinduka umukristu.

Nk’uko bivugwa n’ishirahamwe Portes Ouvertes, mu bice vy’ibihugu aho aba isilamu ari benshi,  ihamwa ku bakristo riribonekeza cane,na  cane cane ku bahoze ari aba isilamu bahindutse abakristo.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments