
Mukiganiro cabereye kuri Isimbi tv ikorera kuri youtube, kuwa 4 Munyonyo 2025, Théogene Bosebabireba yarashimiye cane amashengero atandukanye yamuserutseko muri bino bihe bitoroshe arimwo vyo kurwaza umufasha wiwe, akaba ashimira cane ishengero rya City Light Foursquare Church, n’ishengero rya ADEPR aho asanzwe akorera imirimo y’Imana, ndetse n’abandi bamugezeko bakamufasha.
Théogene yavuze kuri Apôtre Mignonne ko yamuhamagaye amubaza igiciro c’amadeni amaze gufata hanyuma arayamurihira ana renzako n’ayandi mafaranga
Yagize ati: “umuntu wambere yatanguye kumpamagara amaze kumva ivyambayeko ni Apôtre Mignonne, maze ambaza igitigiri c’amadeni mfise kugira ayanyishurire, ndetse anampa n’ayandi mafaranga yo kuba ndifashisha.”
Ikindi umuririmvyi Israël Mbonyi, nubwo atari mu gihugu, yararungitse intumwa muhira iwe.
Iyo ntumwa yarashikanye ubufasha bwa Israël Mbonye yari yarungitse, yongera imubwira ko Israël Mbonye, nubwo atari mu Rwanda, ariko nawe akaba yifadikanije nabo murib’ibihe bitoroshe vy’uburwayi bw’umugore wiwe.
Theogéne reo amenyesha abantu ko inyuma yogutanga akamo k’uburwayi bw’umufasha wiwe, Abakozi b’Imana batandukanye
n’abaririmvyi batandukanye bagerageje kumufasha
Amenyesha Ubu ko umufasha wiwe ariko arafata imiti kandi n’amadeni yari yarafashwe ko yashobowe kwishurwa yose
Umuryango Pathogène uzwi kw’izina Bosebabireba barashimira cane abantu bose bumvise akamo bakagira nico baterereye .
Urukundo rugaragarira mu bikorwa. Yesu yavuze ko nitwagiriranira urukundo ariho bose bazomenya ko turi abigishwa biwe (Yohana13:35)


