Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeIbindiUbwitange :  𝗗𝗮𝗻𝗶𝗲𝗹 𝗝𝗼𝗵𝗻𝘀𝗼𝗻, yasize vyose  muri America aza  kwitangira igikorwa c’Imana...

Ubwitange :  𝗗𝗮𝗻𝗶𝗲𝗹 𝗝𝗼𝗵𝗻𝘀𝗼𝗻, yasize vyose  muri America aza  kwitangira igikorwa c’Imana mu Burundi

Mu kiganiro Daniel Johnson, aheruka guha  Ikinyamakuru Akeza Net mu kwezi kw’icenda 2025, avuga ko yavuye muri America, azana n’umuryango wiwe mu Burundi, kubera umuhamagaro w’Imana wo kuza gukorera Imana mu Burundi. Uyo mukozi w’Imana gushika ubu akaba atunze abana bangana amaja atatu (300) batishoboye, bagendana ubumuga bwo kutavuga 𝗮𝗵𝗶𝘁𝘄𝗮 𝗺𝘂 𝗚𝗶𝘀𝘂𝗿𝘂, 𝗺𝘂 𝗻𝘁𝗮𝗿𝗮 𝘆𝗮 𝗕𝘂𝗵𝘂𝗺𝘂𝘇𝗮 (𝗥𝘂𝘆𝗶𝗴𝗶 𝘆𝗮 𝗸𝗲𝗿𝗮). 

Daniel Johson ninde ? 

Daniel Johnson ni umuhungu wa Samwel Johnson, umwuzukuru wa Carl Johnson, ni umugabo w’umuvugabutumwa, yavukiye mu Burundi bivuye kuri Sogokuru wiwe yaje mu Burundi, ari umu misiyoneri, aje kwigisha ijambo ry’Imana no gutanguza amashengero ya “Emmanuel” mu Burundi. Yavukiye mu gisagara ca Bujumbura, ahitwa mu Gasenyi, Zone Gihosha ya Kera, aho benshi bita kwa « Johnson ». Mu nyuma, kubera intambara, bahavuye bahungira i Kigoma, mu Gihugu ca Tanzania mu nyuma aca aja kwiga muri Amerika, aho umuryango wiwe waje ukomoka. 

Isanamu ya Daniel Johnson mu kiganiro n’ikinyamakuru Akeza Net

Ni gute none igikorwa co kuza mu Burundi catanguye? 

Daniel Johnson amaze guheza amashure muri Amerika, yaciye aronka akazi ko kwigisha mu mashure yisumbuye, munyuma yahavuye yubakana n’umugore w’umuganga. Nk’uko abandanya avyigana, uwo mukozi w’Imana  yahavuye yumva umuhamagaro w’Imana, umuhamagarira guheba vyose, akagaruka mu Burundi, kugirango afashe mu bikorwa vy’Imana no kwitaho abatishoboye. Ashitse i Bujumbura yarahabaye, arahakorera, mu nyuma yumva ko umuhamagaro wiwe udakwiye, abona kwimukira ruguru, ahitwa mu Gisuru, mu ntara ya Ruyigi ya kera, kugirango afashe abantu nyezina batishoboye, bakeneye ubufasha nyabwo. Ashitseyo yatanguriye ku busa, ahunja amashamba, akangaza ivyatsi n’ibisaka, abona gutanguza uwo mugambi ujanye n’ubugombe bw’Imana.

Abana 300, bariga, bagafungura kubwa Daniel Johnson

Muri ico kiganiro n’Ikinyamakuru Akeza Net, uyo mukozi w’Imana, avuga ko uyu munsi afise amashure yubatse, aho yigisha abana barenga 300 bagendana ubumuga bwo kutavuga (Abaragi). Abo bana akabigisha ibijanye no kuganira hakoreshejwe ubuhinga bwabagenewe (hakoreshejwa ibimenyetso), akabigisha kandi ibijanye n’imibano, ijambo ry’Imana, imyuga hamwe no kwitwararika ibijanye n’iterambere. Igisumbije vyose uwo mugabo Daniel Johson, yarikoreye umutwaro ukomeye wo kugaburira abo bana bose no kubaryamika. Bariga, bagafungura kandi bakaryama muri ico kigo yubatse. Hambavu y’ivyo  ararima, akongera akorora kijambere, kugirango aronke umwimbu wo gutunga abo bana. Kugeza ubu abana yatanguranye umwaka wa mbere, bageze mu mwaka w’umunani, aho benshi yatanguye kubavangira inyigisho zijanye n’imyuga, nko gukora imikate, kubarira n’ibindi. Kugeza ubu abenegihugu baho mu Gisuru baramukunda cane guko ngo hari vyishi abafasha mu buzima bwabo. Bamwe bati ni umwe mu banyamahanga baba mu Burundi, babereye akarorero n’itara ryaka, abarundi benshi bafise amikoro make mu Burundi. Abandi nabo bati aho ku mutumba wa Gisuru bamwita Papa, Umugenzi mwiza canke Mukozi w’Imana.

Bamwe mu banyeshure biga kw’ishure Ephatha School, ishure ryatangujwe na Daniel Johnson

None ni gute Leta ifata igikorwa ca Daniel Johnson

Mu rugendo aheruka kugira mu kwezi kw’icenda muri 2025,  kw’ishure Ephatha School ishure rya Daniel Johnson, riri muri komine Gisuru mu ntara ya Buhumuza, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, yarashimiye uwo mukozi w’Imana mu ruhara agira muguteza imbere abatishoboye biciye mu gisata c’indero. Umukuru w’igihugu c’Uburndi, yaciye agenda yemereye itoni 5 z’ibigori iryo shure ryigisha abana bagendana ubumuga bwo kutavuga( abaragi)  riraza abanyeshure 300. 

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye. Igihe yari yagendeye ishure Ephatha School rya Daniel Johnson

Hambavu y’ishure ryigisha abagendana ubumuga bwo kutavuga, ibikorwa vy’uburimyi n’ubworozi, Daniel Johnson, amenyesha ko agiye kwubaka ibitaro mu Gisuru. Akarangiza ashimira Imana iriko iramushoboza gushika kubikorwa nk’ivyo, ashimira umutambukanyi wiwe we yemeye guheba akazi yari afise muri Amerika akemera kuza kumufasha gushitsa ubugombe bw’Imana mu Burundi. Mwomenya ko iryo shure  Ephatha School ryatanguye mu mwaka wa 2017, kugeza ubu rifise abana bangana 300 biga kuva mu wambere kugeza mu mwaka w’umunani, benshi bakaba bamuka mu ma komine ya Ruyigi, Rutana, Cankuzo na Muyinga.  

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments