Vyavuzwe na pasteur Esron Rutayisire, asanzwe arongoye Ishengero rya Bon Berge mu Burundi, kw’ igenekerezo rya 8 Munyonyo 2025, aho yariko yigisha ku buzima buhoraho. Yarabajije ati:
“ubu buzima turimwo mbega nibwo buzima bw’ukuri?”
Yaciye abandanya avuga ko turavye neza, tuzosanga ubu buzima turimwo ataribwo buzima vy’ukuri, kuko ubuzima bwiza n’uguhitamwo Kristo.
Uwo Kristo yazanye agakiza kuko, Yesu yaravuze icarico ubugingo budashira, yavuze ubugingo budashira, ko aruko abantu bamenya Imana yonyene y’ukuri, n’uwo yatumye, ariwe Yesu Kristo (Yohana 17:3).
Diacre Lambert Ntisinzira yavuze kurubu buzima turimwo k’ataribwo buzima bw’ukuri, Yongera avuga ko ubuzima iyo buguhindutse, vyose birakuvako, abavyeyi , abagenzi, abana, bose barakuvako, ariko Yesu niwe buzima, ubuzima kandi budahera. Kandi uwo Yesu niwe atanga n’ubwo buzima.

Pasteur Esron Rutayisire yarangije avug’ati: “Nawe ushobora kuba ushaka ubwo buzima buhoraho Kristo aracateze amaboko kubashaka ubugingo buhoraho bose niwewe arindiriye,
erega ushobora kuba ukeneye ubuzima, ubuzima butanga amahoro, ubwo buzima ukeneye ni Yesu abutanga”
Kandi Kristo atanga ubuzima buhoraho, erega ubwo buzima arabufise, kandi inkuru nziza ni uko abuha abamurondera.

Isinzi ry’abavyumvise, bizeye bakira Umwani Yesu. Kristo atanga ubuzima,
nawe ushobora kuba ushaka ubuzima buhoraho, akira uwo Kristo abutanga, maze ubone ubuzima buhoraho .


