Donderdag, Oktober 2, 2025
spot_img
HomeBibiliyaUbuvugishwa bwa Zebiya vyari ibinyoma

Ubuvugishwa bwa Zebiya vyari ibinyoma

Eloge yahavuye amenya ko ivyo bakurikiye atari Imana nyakuri, vyari ibinyoma, arabivamwo amenya ukuri nakwo kumuha ukwidegmvya.

“Igihe bari bamaze kuturasa kubera twahungabanya umutekano baciye batwegeraniriza ahantu hamwe mw’ikambi, jewe rero maze kubona ubuzima bubi twari tubayemwo, haraje abantu bambarira ko bampaye imiti bambwira ko bonjana ahantu kugira bikunde nsohoke mw’ikambi nje muri Uvira. Narabona ko ari umugambi ndagenda baransabira indaro, mugabo haheze imisi baciye banyirukana aho hantu, nca nja ahandi hantu ndaharindirira batazi iyo nagiye n’abo kwa Zebiya bibabaza ko nasubiye mu Burundi. Nico gihe numvirije Radio ijwi rya Amerika baca bavuga ko impunzi z’abarundi bayoboka Zebiya babafashe bakabajana mu Rwanda. Ndavyumvise ubwonyene naciye ndondera amahera buca buca mfata imodoka nca nururukira kuri MONESCO hafi y’umupaka w’urwanda na Congo. Ndisigura baca baramperekeza bangeza mu Rwanda. Ntivyari gukunda ko ngaruka mu Burundi kubera ko umuryango wanje wari urikumwe n’abo bantu.

Ifoto ya Zebiya

Nshitse mu Rwanda haragomvye kuba kunyihakana bivanye , ariko hariho umwe mubajejwe impunzi yari anzi yaciye amvugira avuga ko ndi incuti yabo. HCR ica iranyandika ku giti cabo nshitse mu Burundi ntamuntu numwe twahuza kuko sinarinkisenga hamwe n’abo. Ntangura kuba mu buzima bwo kwihebura nywa inzoga nyishi. Nciye nja kuba ku miryango. Umugabo wa mushikanje yaranyihanganira ndi imborerwa. Nagendera mu vyaha vyose, kugeza yaho hagera ko niyumvira kwiyahura. Umusi umwe twahuye n’umukobwa yahora ari umugenzi wanje nsanga yarakijijwe, asengera mw’ishengero rimwe yakunda kumpa ikiganiro kanguka, nkaca ndabifuta, ndamubwira nti ni ububeshi

 Mugabo nkamubwira nti jewe ndarushe ndakeneye umuntu yonyumviriza. Yarampuje n’ umuntu yanyumvirije yari umwungere Aimé Prosper Ninganza aransabira umubonano aca ambarira ko nokwitaba italiki 11/4/2018 isaha zitanu, hari ku musi wa kane nashitse satatu aranyakira ndamubwira ubuzima bwose nababayemwo arantega ugutwi yumviriza ivyo naciyemwo vyose. Arambaza ingingo nafashe ndamubwira mururimi rw’igifansa “ Renoncer, Dénoncer na Anoncer”. 

Renoncer ni kuvavanura ,  Dénoncer  gutanganza no Anoncer kuvavanura ndamubwira nti nshaka amahoro yo mu mutima. Aca aratangura anyereka amahoro ya Kristo, uwo mwanya naciye ndonka amahoro yo mu mutima nca ndasinzira muri bureau yiwe nagiye kwikangura mu masaha y’icenda. Ndabona ko nemewe n’Imana atakintu nakimwe mbanje gutanga, naciye ntahura ko agakiza ari Ubuntu bwonyene kandi tubihabwa kuri gusa kubera ukwizera, naciye nzana umunezero nca ndasaba imbabazi n’abantu bose twabana mu rupangu gushika n’ubu numva noshingira intahe Yesu gushika kumpera y’Isi.”

 Ico ahanura abantu

Uyo mukozi w’Imana inyuma yo guca mu bigeragezo bitandukanye bishingiye kukwemera imyemerere itandukanye, aratanga impanuro ku bantu babona ibintu vyose bije vyinyegeje inyuma y’ijambo ry’Imana ko bobanza gusuzuma bakaraba kuko hari abantu benshi vyagiriye nabi batandukana n’imiryango yabo

“Ico novuga idini ry’ibinyoma ni ikintu kibi. Mu bintu nk’ivyo narindimwo narabonye haba ugutandukana kw’imiryango kubera kwemera ibintazi, ukabona ko abantu bari mubuzimire, twabona ko umuntu apfuye yari muri twebwe twemera ko umuntu apfuye ategerezwa guhambwa imbere y’amasaha 48, twakoresha umwanya mukumuhamba, hari naho vyashika ko umuryango uvuze ko uje kumutora twavyanka. Ndababazwa n’ukuntu bahamvye mama wanje vyari bibabaje kuko bamuhamvye vyihuse, twaciye twitura ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bafadikanije n’ubushikirangaji bw’umutekano, kugira badufashe tumuhambane iteka. Ukwemera kutarikwo kuratandukanya abantu.

Turakwiye kugaba tukamenya ko Imana ari imwe gusa kuko uyo Zebiya harageze igihe avuguruza ibintu vyose vyavuzwe n’abavugishwa n’Imana, baranahakana ijambo ry’Imana. Nokwemeza neza ko Zebiya atabantu ariko aratwara mu bwami bw’Imana n’abariyo bakwiye kuvayo bakamenya ko inzira imwe gusa ijana ku mana ari Yesu Kristo. Nohanura abantu bariko barahenda abantu ko kugira bemerwe n’Imana ko ari ugutanga ibiguzi ko bariko barazimira.”

Ikibanza c’Ibusinde

Eloge amaze gukizwa yaciye afata urugendo rwo kubohoka no gusengerwa, kuko ntiyemera ko urukundo hagati y’umukobwa n’umuhungu bibaho, yaciye atangura kurondera uko abaho hari umugenzi yamufashije gutangura kudandaza amasabuni, ico gihe niho yaciye yumva yotera imbere,

“Ariko sinigera numva ko nzorongora, numva ko nobanza kuja kwiga amashure , ariko numva ijwi rimbarira ngo mbanze ndindire, mbanze ngire marriage, hari umuntu numva twobana, amaze kunyemerera naciye ndonka akazi nkora ibintu bijanye na comptabilité. Uyo mudamu twakundanye amezi icenda, ndamushimira uko tubanye arantahura cane.”

Eloge yahavuye ahamagarwa n’Imana ko yoyikorarera akareka ibindi vyose yakora aca afata ingingo yogukorera Imana umwanya wose yaciye yumva umutima wo gusengera abatarakizwa. Kuva ico gihe muri 2020 gushika uno musi Eloge ni umukozi w’Imana avuga ubutumwa bwiza, uno musi ni umujanabutumwa (missionnaire) afise umutwaro w’uko abantu bose boshikirwa n’ijambo ry’Imana isi yose iyo iva ikagera.

Musomyi hari abantu woba uzi bari mu nyigisho zimeze nk’ibi vyashikiye abakurikira Zebiya? Twibaza ko iyi ntahe ya Eloge Gatore hari ico  yagufashije.

 

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments