Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeBurundiUbumwe: Amashengero akwiye kugiriranira ubumwe n'urukundo.

Ubumwe: Amashengero akwiye kugiriranira ubumwe n’urukundo.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Munyonyo 2025, Ku kibuga c’Ubuhinga kiri mu Ngagara, harabaye urukino rw’umupira w’amuguru rwo gukomeza ubumwe n’umuvukano uri hagati y’ mashengero ya Eglise du Rocher na Méthodiste Unie.

Mw’ijambo ryiwe, Musenyeri mukuru arongoye amashengero ya Méthodiste Unie mu Burundi, Emmanuel Sinzohagera yari yateye iteka urwo rukino, yarashimye ubucuti budasanzwe buri hagati ya Méthodiste Unie na Eglise du Rocher, amenyesha ko ukwinonora imitsi ari ikintu ciza kuba kristo kuko gituma ya ngoro ya Mpwemu Yera ariwo mubiri unonoka maze umuntu akagira amagara meza. Yavuze kandi ko urwo rukino rwamuhaye icirwa abantu bose bokwigirako agira ati: “Ndavye uko urukino rwagenze gutangura neza sivyo vyerekana ko uzorangiza neza. Hahirwa urangiza neza kuruta uko yatanguye.”

Musenyeri Emmanuel Sinzohagera arongoye amashengero ya Methodiste Unie mu Burundi

Mwomenya ko urwo rukino rwarangiye Umurwi w’ishengero ry’Urutare Rock Star utsinze ibitsindo bitatu kubitsindo bibiri (3-2) vy’Umugwi United FC wa Méthodiste Unie. Urwo rukino rwitabiriwe kandi n’abungere b’Amashengero y’Urutare na Méthodiste Unie.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments