Mu gihe abantu benshi bakora cane bakaruha haba mu kazi ka reta, mu bikorera ivyabo mbere no mu bikorwa vy’ishengero, ariko ugasanga umusaruro ni muke canke ukabura, Pasteur Lopez Nininahazwe avuga ko vyose bitangurana no gushira umutima ku co Imana yaguhaye.
Mu kiganiro yagiranye na Akeza.Net igenekerezo rya 26/5/2025 , uwo mukozi w’Imana yamenyekanye mu ndirimbo “Uri Imana y’akandi karyo”, agira ati :
“…umuntu akwiye gushira umutima ku co Imana yamuhaye, indangagaciro yiwe, ntahiganwe n’abandi, agakora nkaho ari we wenyene, agasenga kugira ngo akorere mu b’ubugombe bw’Imana hamwe no kugira umwete wo gukora.”
Ikindi ngo ni ugukora utishiramwo kuhatiwe kugikora ariko ugakora gushika aho unezerererwa ivyo ukora, nkuko bibandanya bishikirizwa na Pasteur Lopez Nininahazwe.
Yongera ati : “Ubonye ukoze nabi naho, hagarika urabe uko wokora, ukore ikintu ciza, ugire umwete, ufate umwanya wokubana n’Imana kandi ntugire amahiganwa n’abantu.”
Read also: https://umwungere.com/kumenya-umwungere-news-urubuga-ruyobora-nkumwungere/
Mwomenya ko Lopez Nininahazwe asanzwe ari umukozi w’Imana akorera mw’ ishengero “Umurwa w’Imana nzima” C.L.G (The City of the Living God) rirongowe na Apôtre Kevin SIBOMANA akaba ari n’umuririmvyi w’indirimbo mpimbazamana. Akaba ari “Pasteur”, kuva 2014.

Yavutse muri 1989 mu gisagara ca Bujumbura ku Musaga. Kuva akiri muto yamye akunda indirimbo n’ubuzima bw’aba “stars”, ariko amaze gukizwa niho yiyumvira kuja muri chorale. Amaze kujayo, yasanze bari mu mahiganwa hagati yabo, ni ko kugerageza, arabishobora, gutyo urugendo rwiwe n’umuziki ruba rutanguriye aho, hari muri 2009.
Indirimbo yatanguye gusohora yitwa “Vyaremwe nawe”, hari muri 2020, ubu akaba ageze kuri “album zirenga 2”, harimwo indirimbo zirenga 18.
Zimwe mu ndirimbo ziwe zakunzwe n’abantu benshi ni iyitwa “Imana y’akandi karyo” imaze kurabwa incuro zirenga imiriyoni 4, hamwe n’iyindi yitwa “Ntibesha” imaze kurabwa n’abantu barenga umuriyoni, ku rubuga “YouTube”, zose yazisohoye muri 2024
Imwe muri izo ndirimbo “Imana y’akandi karyo” yaratumye atahukana agashimwe muri “Isanganiro award” ku ncuro ya 13, inyuma y’igiteramo yakoze mu misi iheze cakoranije abantu barenga ibihumbi bitanu (5 000 000) cabereye kuri Jardin Public.

Nk’uko abivuga, kuba ashobora gutunganya ibikorwa vyiwe agaha ikibanza Imana adakoresheje gusa ubuhinga n’ubwenge bwiwe, vyatumye indirimbo ziwe zakirwa neza n’abarundi benshi. Gushika ubu, biraboneka ko yagiye ku rutonde rw’abaririmvyi baririmba indirimbo mpimbazamana bari basanzwe bamenyerewe nka Apotre Apollinaire, DUDU T Niyukuri, Fabrice Nzeyimana, David Nduwimana, Fortran Bigirimana, Willy Uwizeye n’abandi.
Musomyi, mbega wewe mu gutunganya ibikorwa vyawe uraha ikibanza Imana canke n’ubuhinga n’ubwenge bwawe gusa bikora?
Read also: BIBILIYA : KUBERA IKI IGUMA ARI YO HISHURWA RY’IMANA KU BANTU? – Umwungere News
https://umwungere.com/ishengero-ryokora-iki-mu-guteza-imbere-amagara-meza-mu-kibano/