Maandag, Julie 7, 2025
spot_img
HomeAbanditsi n'abaririmvyiPasteur Jean Apotre Nikiza yashize ahabona  igitabo yanditse c’insobanuro y’isezerano rya kera...

Pasteur Jean Apotre Nikiza yashize ahabona  igitabo yanditse c’insobanuro y’isezerano rya kera rya Bibiliya

Pasteur Jean Apotre Nikiza yaraye ashize ahabona  igitabo yanditse  c’insobanuro ya Bibiliya kivuga isezerano rya kera mu rurimi rw’ikirundi   kigiye kuja kw’isoko mu misi ya vuba citwa “Ubwatsi butotahaye bwo mw’isezerano rya kera.

Ivyo akaba yabishikirije ku wa 7 Ruheshi 2025 mu kiganiro yagiranye na bamwe mu barongozi b’amashengero hamwe n’abarwizatunga b’abakristo bari batumiwe muri Hotel le chandelier, ku butumire bw’ishirahamwe  Little Flock Ministries  risanzwe rirongowe na Pasteur Jean Apotre Nikiza.

Nk’uko bishikirizwa na Pasteur Jean Apotre Nikiza, ngo mu mashengero yo mu Burundi, hari ibitabo ndoramana bike cane vyanditswe mu rurimi kavukire rw’ikirundi kugira ngo bifashe abakristo gutahura neza  ijambo ry’Imana no gushinga imizi mu kwizera kw’abo. 

Ivyo rero ngo bikaba vyatumye muri ino myaka 10 iheze, Pasteur Jean Apotre Nikiza yaranditse igitabo citwa “Ubwatsi butotahaye bwo mw’isezerano rya kera” (Green postures), kigizwe n’ibice 2 (vol1&2).

Ibisa n’ibi : https://umwungere.com/bibiliya-ihishurwa-ryimana/ 

Ngo ni mu ntumbero yo kurwiza inyandiko ndoramana ziri mu kirundi, kugira ngo zifashe abakristo gutahura neza  Ijambo ry’Imana, maze bakomeze kubaho nk’uko Imana igomba. 

Ikindi ngo ni kugira ngo abakozi b’Imana abereke  ibiri muri ico gitabo kugira ngo nabo bagire ico baterereye imbere yuko gisohorwa.  

Igitabo kije nk’inyishu ku kibazo: “Mbega Isezerano rya kera ritubwira iki?”

Bamwe mu bitavye, bakaba bashikirije intererano zabo kugira ngo ico gitabo kiryohorwe neza. 

Pasteur Onesphore Manirakiza, asanzwe arongoye Antioch Foundation, akaba n’umwungere mw’ishengero Shammah Temple Fellowship mu Burundi, akaba yateye intege Pasteur Jean Apotre nikiza ku gikorwa c’iteka yakoze co kwandika igitabo nk’ico mu kirundi, aca agirako asaba ko n’abandi bomufatirako akarorero kuko ngo inyandiko ndoramana mu kirundi ari nke cane mu mashengero. 

Read also : https://umwungere.com/pasteur-lopez-nininahazwe-yahishuye-ibanga-ryo-gukora-ibikorwa-bishimwa-nimana-nabantu/ 

Ku bwiwe, abona ko ico gitabo kije kwishura ahanini ku kibazo: “Mbega Isezerano rya kera ritubwira iki?”

Yifashishije ubushakashatsi yagize muri 2010 bwerekeye no kuraba ingene ishengero ryo mu Burundi ritahura igikorwa rijejwe, Pasteur Onesphore Manirakiza yararekanye bimwe mu vyo yabonye. 

Avuga ati:  

“…nabajije ibibazo mu mashengero 60 ya kera na mashasha. Umwimbu nazanye werekana ko inyandiko z’ ikirundi zirwiriye mu mashengero ari Bibiliya y’ikirundi yanditswe mu 1967, igitabo c’indirimbo zo guhimbaza Imana hamwe n’igitabo c’ingezi kirimwo inkuru ya John Bunyan (voyage du pèlerin) cahinduwe mu kirundi na Rosemary Guillebaud (edition abregee)  ku mashengero amwe amwe.”

Read also : https://umwungere.com/abepiskopi-nuburenganzira-bwo-kuvuga-ku-matora-bibiliya-ivuga-iki/ 

 Apotre Apollinaire yari yitavye ivyo bikorwa, yamenyesheje ko iki gihe ari igihe ciza ko abantu b’Imana bavugishwa mu rurimi rw’ikirundi abarundi bumva maze batahure ico Imana ibagombako. Akaba yasavye ko uko inyandiko z’ikirundi zirwira, ariko twoguma twiyumvira n’ingene abarundi bogira ishaka ryo gukunda gusoma ikirundi cacu na cane cane duhereye mu muryango ku bana bacu.

Reverend Dr Emmanuel NDIKUMANA nawe , asanzwe ari umwungere mw’ishengero PTI I Bujumbura, akaba n’umwigisha w’ijambo ry’Imana muri za kaminuza,  akaba yasavye abaraho ko bokora ibishoboka vyose bagaterera mu nyandiko nziza y’ikirundi kuko candikiwe abarundi ariko kandi bakitonda bakaraba ko ico gitabo kiguma giserura ukuri kw’ijambo ry’Imana.

None akamaro k’ico gitabo ni akahe?

Pasteur Apotre NIKIZA yagarutse ku kamaro igitabo “Ubwatsi butotahaye mw’isezerano rya kera” kizozana:

Ubwa mbere ngo kizoterera mu gukura mu buryo bw’Impwemu: ugukura gushingiye kw’ijambo ry Imana. 

Ica kabiri ngo kizoterera mu gutsimbataza ubukristo bwubakiye kw’ijambo ry’Imana mu Burundi.  Ica gatatu ngo kizoterera kugira ngo ivugabutumwa rikorwe ariko  rishingiye kuri Kristo.

Ica kane ngo kizoherekeza umuntu yifuza gutahura inkuru ya Bibiliya ngo ukwizera kwiwe gukomere. 

Ica gatanu ngo kizotera inyota ku wundi wese yifuza kwandika ibitabo ndoramana vyanditswe mu rurimi kavukire rw’ikirundi.

Gushika ubu benshi bakaba barindiranye igishika kubona ico gitabo “Ubwatsi butotahaye bwo mw’isezerano rya kera (vol1&2)” gisohoka.

Musomyi iyi nkuru uyakiriye gute? 

Read also : https://umwungere.com/kumenya-umwungere-news-urubuga-ruyobora-nkumwungere/ 

 

Read also :  https://umwungere.com/bibiliya-ihishurwa-ryimana/ 

Ndayikeza Pascal
Ndayikeza Pascalhttps://muckrack.com/ndayikeza-pascal
Pascal Ndayikeza ni umumenyeshamakuru w’Umurundi yatanguye umwuga wiwe muri 2022, akorera RegionWeek. Yarahawe inyigisho zikwiye zijanye n’ivyo kumenyeshamakuru, aho yigishijwe ubuhinga bwo gutohoza no gutangaza inkuru zijanye na politike, intwaro ibereye, ubutungane, ubutunzi, demokarasi, iyobokamana, n’umutekano mu Burundi no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Yaranongereje ubumenyi mu bijanye no kwihweza no gusuzuma ukuri kw’inkuru (fact-checking) biciye mu nyigisho za Code for Africa mu gisata cayo ca PesaCheck. Pascal azwi cane nk’umusore yitaho ukuri, afise ubumenyi buhanitse n’ugukunda igihugu biciye mu mwuga wiwe.
RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments