Mu kiganiro ciwe ca mbere kuva atorwa, cashikirijwe mu gitabu citwa “Léon, umwenegihugu w’isi, umusuku w’ubutumwa bw’ikinjana ca 21″ casohowe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 18 Nyakanga 2025 mu gihugu ca Perou, Papa Léon 14 yerekanye aho ahagaze ku bijanye n’abahuza ibitsina babisangiye.
Papa Léon 14 akaba avuga ko Ekleziya katolika ikwiye kwemera kwakira bose, ariko ata guhindura inyigisho z’ishengero. Aho rero hakaba harimwo n’ukutemera ugushingirana kw’abahuje ibitsina.
Ivyo abishikirije inyuma y’igihe gito uwo yasubiriye Papa Fransisko, atangaje ko yari afise aho ahagaze hatandukanye gato naho.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Associated Press, Papa Fransisko yavuze ko « ugushingirana bw’abahuje ibitsina ari igicumuro (peché), ariko atari icaha (crime) gihanwa n’amategeko y’igihugu».
Mu yindi filimi yerekanywe ku wa 21 Gitugutu 2020 mu birori vy’isinema vy’i Roma, yakozwe na Evgeny Afineevsky, Papa Fransisko yari yavuze n’ivy’ukwemerera abantu bahuza ibitsina babisangiye « amabwirizwa y’ugushira hamwe mu muryango ».
Yavuze ati :
“Abantu bahuza ibitsina babisangiye uburenganzira bwo kuba mu muryango. Ni abana b’Imana. Ico dukeneye, ni itegeko ry’ugushira hamwe mu muryango kugira barindwe n’amategeko.”
Ariko rero, ayo majambo ntiyakiriwe neza mu bihugu vyinshi, cane cane muri Afrika.
Abepiskopi Katolika b’i Burundi batangaje icese ko abantu bari mu gicumuro c’icese kandi baterekana namba ko boba bashaka kukivamwo, ata musaseredoti yobahezagira.
Bongeye bagira bati :
“Ukubana nk’umugabo n’umugore kw’abafise ibitsina bisa si igicumuro gisanzwe ni ivumwe, kandi biteye kubiri n’imico myiza yamye iranga abarundi.”
Amakoraniro y’abepiskopi nk’ayo muri Côte d’Ivoire no muri Nijeriya nayo nyene yarabihakanye rwose.
Abepiskopi bo muri Côte d’Ivoire bagize bati :
“Ntitwokwegereza ivyago vyo guhagarika abantu no kubatera urujijo kubera umugisha w’abahuje ibitsina.”
Abepisikopi ba Nijeriya nabo bagize bati :
“Ico ni ikintu gihanwa n’itegeko ry’Imana, inyigisho z’ishengero, amategeko y’igihugu cacu, hamwe n’imico y’abanyagihugu.”
Ishirahamwe mpuzamakungu ry’ababaye abatinganyi, abahuje ibitsina, abahuye n’ingorane z’igitsina (ILGA) rivuga ko hafi ibihugu mirongo itatu vyo muri Afrika bitemera ugushingirana bw’abahuje ibitsina.
Iryo shirahamwe rikaba rivuga ko mbere nko mu bihugu bimwe bimwe nka Uganda, Mauritaniya hamwe n’intara zimwe zo mu buraruko bwa Nijeriya, ico caha gishobora guhanishwa igihano co gupfa.
Gushika ubu, Afrika y’Epfo ni yo gusa mu karere kose yemeye ugushingirana kw’abahuje ibitsina (mu 2006).
Nyuma y’urupfu rwa Papa Fransisko, isubirizwa ryiwe na Papa Léon 14 ryazanye ihinduka : yemera kwakira bose, ariko agasubira kwiyamiriza ugushingirana kw’abahuje ibitsina, bitandukanye n’ukwuguruka gukeyi kwari kwaragaragajwe na Papa Fransisko.
Soma n’ibi :