Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeBibiliyaNta kure cane Imana itokura umuntu: Emelyne “Ishanga” yavuye mu buzima bw’ibiterasoni,...

Nta kure cane Imana itokura umuntu: Emelyne “Ishanga” yavuye mu buzima bw’ibiterasoni, arabatizwa kandi ashimira Imana

Umwigeme w’umunyarwandakazi Kwizera Emelyne, benshi bamumenye ku mbuga ngurukanabumenyi kw’izina rya “Emelyne Ishanga”, yamenyekanye cane mu masanamu n’amajambo y’ibiterasoni, yaraye yemeje imbere y’isi yose ko nta kure Imana itokura umuntu, aho yakiriye agakiza kandi yaraye abatijwe mu mazi menshi, ashimira Imana yamukuye mu mwiza ikamushira mu muco.

Emelyne Ishanga: “Nari mfite amazina mabi, arampaye izina risha — incuti ya Yesu!”

Ku munsi w’ejo ku wa Gatandatu, igenekerezo rya 8 Munyonyo 2025, Emelyne yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ubutumwa bukomeye bwo gushima Imana no gutanga intahe yiwe.

“Ndabizi biragoye kuvyumvisha abantu gusa niko biri, ndagushima Yesu ku bw’ubuntu bwawe n’urukundo rwawe. Ndagushimira ku bw’agakiza wampereye ubuntu, sinari mbikwiriye, nari mubi, nari ikivume, nari uwo gucirwako iteka, uwo gupfa. Nari mfitse amazina mabi, umpa izina risha: ‘Incuti ya Yesu’. Hallelujah!”

Isanamu ya Emelyne akigendera mubidahimbara Imana

Aya majambo y’ugushima yatumye benshi bavuga menshi ku mbuga hwaniro, benshi baratangazwa n’ukuntu Emelyne yakiriye impinduka mu buzima bwiwe, yemeza ko ubu atanguye urugendo rushasha rwo gukorera Imana.

“Wankuyeko umwambaro w’isoni, unyambika umwambaro wera”

Mu majambo akora ku mitima, Emelyne yabandanije avuga yifashishije amajambo yo mu ndirimbo z’uguhimbaza Imana, aho yagize ati: “Wankuyeko wa mwambaro w’isoni, unyambika umwambaro wera. Ndagushima Yesu ko wankuye mu maboko y’umwansi. Nishimira amaraso yawe y’igiciro cinshi yanyogeje ivyaha vyanje. Ndashima umusaraba, ndashima ya mva nziza, ariko cane ndashima Umwami Yesu!”

Ayo majambo y’ugushima yerekana neza uko Emelyne yahuye n’ubuntu bw’Imana, aho ivyaha n’isoni vyo mu gihe ca kera vyasigaye inyuma.

Ivyanditswe vyahinduye ubuzima bwiwe

Yifashishije umurongo wo mu 2 Abakorinto 5:17, Emelyne yavuze ati:

“Umuntu wese iyo ari muri Kristo aba ari icaremwe gisha; ivya kera biba biheze, vyose biba bihindutse bisha.” Yongera kandi yandika afatiye mu cete Intumwa Pawulo yandikiye Ab’ i Galatiya 6:14, aho yemeza ko atacirata ibintu vy’isi: “Ariko jeho sinkirate ikindi atar’umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera ikibambge, nanje isi nkayibera ikibambge…”

Mu nyigisho zivuga ku gukurwaho ivyaha, Emelyne yifashishije amajambo ari muri Bibiliya mu gitabo ca Yesaya 1:18, aho Imana ivuga iti: “Naho ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero.” Ibi vyanditswe vyerekana neza ko ata kibi kinini kiruta imbabazi z’Imana.

“Ntakure Imana itokura umuntu”

Ubutumwa bwa Emelyne buriko burakwiragira nk’umuyaga mu mitima ya benshi. Abamumenye mu buzima bwa kera baratangazwa n’impinduka y’ukuri, abandi bakabona ivyemezo vy’uko Imana ihindura ubuzima bw’umuntu wese ayemereye. Ubutumwa bwiwe bwatumye benshi bibuka ico Yesu yavuze mu butumwa bwiwe:  “Sinaje guhamagara abera, ahubwo n’abo mu vyaha kugira bihane.” (Matayo 9:13)

Urugendo rwa Emelyne Ishanga ni icicaro c’ukuri c’uko Imana itagira uwo yanka. Nta kure umuntu yokwibwira ko ari kure cane ku buryo urukundo rw’Imana rudashobora kumushikira.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments