Mugihe kuri uyu wa 11, 12 na 13 Mukakaro 2025, hariko haraba uruganda rw’inyigisho mu gisagara ca Bujumbura rwateguwe n’ishengero “Eglise messianique pour la guérison des âmes-Paroisse Kinindo” rifadikanije n’ishirahamwe UCCD (United Christian for Change and Development) ku bakozi b’Imana, habaye kwibaza nimba ibiharuro bivugwa ko vyoba ari vyo, mugihe ibice 90% mu Burundi ari abakristo, ariko ugasanga hageze gusuzuma ibihugu vya mbere birya ibiturire, ugasanga Uburundi buje mu kibanza ca kabiri canke ca gatatu.
Bagira bati: “… none ibice 10% atari abakristo nibo barya ibiturire?”
Ayo majambo akaba yarigeze kuvugwa n’uwatanguje ishirahamwe DML (Discipling Marketplace Leaders) kw’isi, Dr Renitha, igihe yari mu nyigisho n’abarongozi b’amashengero hamwe n’abari mu gisata c’ubutungane mu Burundi, hari ku wa 12 Ntwarante 2024.
Ico gihe akaba yarabajije abakozi b’Imana abo barya ibiturire aho baca bava, yongera abaza ko abapasitori boba bibuka kubaza abayoboke babo aho bakuye arya mafaranga bashikana.
Yababajije ati:
“…none abo barya ibiturire, ko ku wa mungu baba bari mu mashengero atandukanye, nk’abarongozi b’amashengero mubabwira iki? Muribuka kubabaza ingene baserukira Kristo mu kibanza c’akazi? arya mafaranga bazana mu rusengero muribuka kubabaza ingene bayaronka?”
Ivyo rero ngo biva ku kuntu abakristo benshi batamenya ko ari abaserukizi b’Imana, bahamagarirwa guserukira Imana mu kibanza c’akazi. Ikindi ngo baba bakwiye kwama bibaza bati: “ Mbega iyaba ari Yesu Kristo yari hano yari kuvuga gute, yari gukora gute, yari kwiyumvira gute?”
Read also: https://umwungere.com/abepiskopi-nuburenganzira-bwo-kuvuga-ku-matora-bibiliya-ivuga-iki/
Umukristo wese arafise “Podium” yiwe
Ku bwa Pasteur Oswald Nshimirimana, umwe mu bigisha muri urwo ruganda, avuga ko uwizera wese aba ari umukozi w’Imana, ko ”podium” yiwe iri mu kibanza c’akazi aho amara umwanya munini ari, kandi ko ahamagarirwa kugaragaza Kristo.
Agira ati: “Umukristo wese aho akorera akazi kiwe, harya abaye, niho yatumwe n’Imana ngo agaragaze Kristo kandi ni we Imana yahisemwo ngo abe umujanabutumwa wayo.”
Yongera ati: “Umukristo wese ni uwera ahamagariwe kugaragaza uburanga bw’ubwami bw’Imana kuko ari mu bwami bw’Imana. Ikindi, ni Umuherezi. Ahamagarwa gusengera no kwigisha ijambo ry’Imana abo bahura mu kibanza c’akazi.”
Abakristo botahura ko ari abakevyi mu vyo Imana yaremye n’ivyo yabajeje.
Ku bwa Pasteur Claver, ngo umuntu wese ariko arakora akwiye kwiyumvira kugwiza umwimbu mu buryo bune: mu vy’ubutunzi (kurwiza ivyo Imana yaremye no kubigira vyiza cane), ibidukikije (kubungabunga ibidukikije), ikibano (kuzana ivya nkenerwa mu kibano dusunitswe n’urukundo dukunda Imana kandi dukunda abo Imana yaremye) hamwe n’ijanabutumwa (Kubwira ubutumwa bwiza umuntu wese kuko umuntu ni umunyavyaha).
Agira ati: “…ndifuza ko dutahura ko ibintu vyose ari ivy’Imana, twebwe abaremwe turi abakevyi mu vyo Imana yaremye n’ivyo yatujeje.”
Ayo majambo akaba yayashikirije yisunze amajambo y’Imana ari muri Bibiliya mu gitabo c’Itanguriro [Maz’ Imana irabahezagira, iti: Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi. —Itanguriro 1:28] [ “Uhoraho Imana ajana wa muntu, amushira mur’iryo tongo ryo muri Edeni, ngw aririme, arizigame.” —Itanguriro 2:15]
Abitavye urwo ruganda barashima cane ingene inyigisho zabafashije zikabugurura amaso ku bintu vyinshi mw’ijambo ry’Imana.
Ku bwa MUGISHA Gracia, ngo inyigisho zamufashije kubona ikintu gikomeye, ko kenshi abantu iyo bategura imigambi baba abamaze kwizera Yesu Kristo canke bataramwizera, besnhi baraba inyungu bazokuramwo. Rero ngo we yumvise birenze aho, nk’umwana w’Imana. Akaba rero ngo yatahuye y’uko ivyo dukora vyose tudakwiye kubikora gusa kugira ngo twunguke ariko kandi ko twobikora kugira ngo abantu baronke ivya nkenerwa, tukabikora neza duhesha Imana icubahiro.
Mwomenya ko intumbero ngarukamwaka y’urwo ruganda yari iyo gukarishanya, kwigishanya kugirango ntihagire urunganwe rutakara kuko rwabuze abarugira inama, abarutera intege, abaruhanura nk’uko bishikirizwa na Pasteur Emmanuel, umwe mu barongozi b’ishengero “Guérison des âmes-Kinindo”.
Uno mwaka wa 2025, intumbero nyamukuru ikaba yari iyo gutumira abakozi b’Imana maze babasangize inyigisho yobafasha mu gutegura abo barongoye yerekeye ingene umukristo wese yokomeza kuba umwigishwa mwiza wa Yesu Kristo mu kibanza c’akazi.
Musomyi,wewe wama wibuka ko userukira Imana harya ukorera akazi ka misi yose?
Soma n’ibi : https://umwungere.com/bibiliya-ihishurwa-ryimana/