Saterdag, November 22, 2025
spot_img
HomeUncategorizedNijeriya : Umukozi w’Imana Ezekiel Dachomo avuga ko “hari jenoside y’agahomerabunwa” ikorerwa...

Nijeriya : Umukozi w’Imana Ezekiel Dachomo avuga ko “hari jenoside y’agahomerabunwa” ikorerwa Abakristo bo hagati mu gihugu

BARKIN LADI, NIJERIYA

Umukozi w’Imana Ezekiel Dachomo, arongoye ishengero Church of Christ in Nations (COCIN), yahamagariye reta y’Amerika hamwe n’amakungu yose kugira bagire ico bakora vuba kugira bahagarike “jenoside ikomeje gukorerwa Abakristo” mu bice vyo hagati muri Nijeriya.

Uwo mukozi w’Imana yashikirije iryo jambo inyuma y’ibitero vyabaye kw’itariki 14 Gitugutu, aho abantu bitwaje ibigwanisho bivugwa ko ari abashumba ba kera b’Abapeulh bateye akarere ka Barkin Ladi, mu ntara ya Plateau. Ivyo bitero vyahitanye abantu 13 b’Abakristo, abandi barakomereka, kandi imiryango myinshi irahunga.

Amakomine yatewe mw’ijoro

Abatangaza ivyabaye bavuga ko abatera bateye imihana ya Rawuru, Tatu na Lawuru mw’ijoro.I Rawuru, abari mu masengesho batewe n’abarwanyi bica abantu babiri. I Tatu, Abakristo 10 barishwe, amazu araturirwa, imirima irononekara, n’inka ziribwa. I Lawuru, abandi babiri barahasize ubuzima, bigatuma abapfuye bose baba 13.

Naho abo bantu bari baramenyesheje inzego z’umutekano ko hari ugutera gukekwa, nta burinzi na bumwe bwatanzwe. Umwe mu barongoye ishengero i Rawuru yavuze ati : “Twamenyesheje abajejwe umutekano ko hari abashaka kutugirira nabi, ariko nta n’umwe yaje kudufasha. Ubu turiko guratabara abacu bapfuye.”

Reta iragirizwa ukutagira ico ikora

Mu kiganiro yahaye International Christian Concern (ICC) inyuma y’ihambwa ry’abapfuye bose hamwe mu gisagara ca Rachas, Révérend Dachomo yagaragaje ukwidoga ku kutagira ico reta ikora, ayagiriza gufata uruhande no kwigira impumyi.

“Naho kuvuga ukuri vyonyica, nzovyemera,” niko yavuze. “Hari jenoside iri kuba muri Nijeriya. Abakristo baricwa, barahunga kubera ukwemera kwabo, mu gihe reta isa n’aho ibakingira abakoze ayo mabi.”

Abayobozi b’akarere basaba ingingo zihuta

Da Paul Tadi-Tok, umukuru w’akarere ka Heipang, yasavye ko hasubizwaho umugambi Operation Rainbow wo gukingira abenegihugu, umujanama mu bijanye n’umutekano ari we guverineri w’intara ya Plateau, yavuze ko hariko hategurwa abasirikare bashasha bo gukurikirana umutekano muri ako gace.Ariko abanyagihugu bavuga ko bamaze imyaka bumva gusa amasezerano atigera ashika.

Ijwi ry’ukwizera n’icizigiro

Naho yugarijwe n’ibituma ubuzima bwiwe bwibonekeza mu kaga, Révérend Dachomo avuga ko atazohagarika kuvuga ukuri.“Imana yangiriye ubuntu ikankiza kanseri i Buhindi, izonankiza n’iyi kanseri y’iterabwoba iriko Iraba muri Nijeriya,” niko yavuze.Yasavye abategetsi b’amahanga, harimwo na perezida wa Amerika Donald Trump, ko bobafasha vuba  kugira ubu bwicanyi buhagarare.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments