Abuja, Nigéria kuwa kane w’indwi iheze, abanyagihugu b’abakristo bashika kuri bane baragandaguwe n’umurwi w’abantu uri mu bwoko bwitwa éleveurs peuls, babiri bo muri Reta ya Nasarawa (Nasarawa State), abandi babiri bo muri Reta ya Plateau, aho n’imbere yuko abandi bakristo bagera kuri 11 bari baheruka kugadangurwa n’uwo murwi nyene muri Reta ya plateau mu ntango z’indwi irangiye, nk’uko vyashikirijwe n’abanyagihugu bo muri ako karere.
Mu karere Sarkin Noma muri komine ya Keana (akarere kagizwe n’abakristo benshi), aba éleveurs peuls bitwaje inkoho, barateye imihana yo muri ako karere aho benshi bari baryamye, hafi mu masaha ya satanu z’ijoro (23h00). Maze niho bagandagura abakristo babiri kandi bongera banyuruza uwundi umwe. Ivyo vyavuzwe na Dooshima Tse asanzwe aba muri ako karere.
Musa Adamu, uwundi mwenegihugu, aremeza ayo makuru aho agira ati :
“Akarere ka Keana nta mahoro ahari. Imihana yacu itekanye yahindutse indaro y’abitwaje inkoho. Imbere y’ico gitero co kuwa kane, aba éleveurs peuls bari banyuruje umugabo n’umugore muri Giza, kandi ntituramenya irengero ryabo. Dusavye inzego z’umutekano ko zokwihutira kugarukana amahoro mu micungararo yacu.”
Kuri uyu wa gatanu uheze, abanyagihugu amajana bo muri Reta ya Nasarawa baciye biha ibarabara, bagira imyiyerekano, berekana akababaro n’agahinda kabo ku bwicanyi buriko bukorerwa abakristo.

Imvo z’ibi bitero
Aba éleveurs peuls (bitwa kandi Aba Foulani, aba pular canke aba Fellata, bivanye n’igihugu) ni ubwoko bukunze kuba abungere, rimwe na rimwe abarimyi, aho busanzwe buri mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika y’uburengero hamwe no mu karere ka Sahara.Ubwo bwoko tubusanga mu bihugu birenga cumi na bitanu, bukaba bufise abantu bangana hagati y’ imiriyoni 25 na 65.
Nigéria ni kimwe mu bihugu ubwo bwoko burwiriyemwo.Umuce munini w’abagize ubwo bwoko ni abayisilamu, ariko n’ubwo biruko, si bose bafise ivyo vyiyumviro vy’ubugizi bwa nabi ku bakristo, nk’uko ikinyamakuru c’Abashingamateka b’Ubwongereza (APPG) cabishikirije mu cegeranyo co muri 2020.
Icegeranyo cavuga giti:
“Bafise uburyo bw’ugutegura ibitero bumeze nk’ubwa Boko Haram na ISWAP, kandi bagamije gutegura ibitero ku bakristo no kurwanya ibimenyetso vy’abakristo, akarorero nk’amashengero, Bibiliya, imisaraba, n’ibindi bigaragaza ukwizera kwa gikristo.
Abarongozi b’amashengero ya gikristo muri Nigéria bavuga ko ivyo bitero ku bakristo bitumwa nuko abo ba éleveurs peuls bashaka kwigarurira ubutaka bw’abakristo kubera ko ukwuma kw’isi (désertification) kubabuza kuragira neza, hamwe no nuko bipfuza gushiraho idini rya Islamu”.
Nigéria iracari mu bihugu bigararamwo cane ihamwa ku bakristo
Nk’uko vyashikirijwe na Portes Ouvertes mu Cegeranyo c’Isi 2025, Nigeria iracari mu bihugu 10 vya mbere bigoye kuba umukristo. Mu bakristo 4476 bamaze kugandagurwa kw’isi yose kubera ukwemera kwabo, 3 100 (69%) n’abo muri Nigeria.
Icegeranyo cerekana ko:
“Urwego rw’ubwicanyi bukorerwa abakirisu muri Nigeria rwamaze kurenga urugezo aho ico gihugu kiri ku mwanya wa 7 mu bihugu 50 abakristo bahura n’ikibazo c’ihamwa, nk’uko urutonde rw’ishirahamwe Portes ouvertes ruvyerekana”.


