Mw’ihuriro ryitiriwe EHAD CONFERENCE ririko ribera ku cicaro c’Ishengero El Shaddai i Bujumbura mu Burundi, mu cirwa ca mbere ciswe ” Ibisikanya ry’uburongozi hagati y’urunganwe k’urundi “, abigisha bagiye bigisha kuri iki cirwa baravuga ko umuntu adahoraho, akwiye gutegura neza abazomusubirira mugihe atazoba akihari.
” Umurongozi akwiye kumenya ko umunsi umwe azosubirizwa. Ivyo bituma amenya gutegura abandi, agakurikirana ingabire zabo, akazirera kugira ngo abazomusubirira bazobe abatagira umugayo “. Vyashikirijwe na Eric Ndayikengurutse ; umu Pasitori arongoye Ishengero El Shaddai de Bujumbura mu Burundi.
Nayo kubwa Apôtre Apollinaire Habonimana, umurongozi w’ishengero Shemeza Worship Temple, we avuga ko umurongozi akwiye kugira icitegererezo ciwe ari we Yesu Kristo kuko ariwe aruta abandi bose. Mu gihe umurongozi atisunze uwo Kristo, uburongozi bwiwe bubamwo amakosa menshi n’intege nke nyinshi. Abandanya avuga ko umurongozi akwiye kurangwa no guca bugufi hamwe no gukorera abandi. Ivyo ngo bituma amenya uko ategura abazomusubirira. Abategurwa kuba abarongozi nabo, iyo babonye umurongozi wabo arimwo Kristo, ngo bituma batekana bakemera kwigishwa.

Apostle Sibomana Kevin, umurongozi w’ishengero The City of the Living God C.L.G, asanzwe ari mu bigisha nawe agira ati : ” Itegeko Kristo yadusigiye ni uko ubwami bw’Imana bwaguka, abantu bose bagahinduka abigishwa basa na Yesu Kristo”. Kubwiwe ngo yigisha abitegurira kuba abarongozi kudatwarwa n’ibishobisho, bemere kurerwa, basenge Imana mugihe gikwiriye Imana izobakoresha.

Mwomenya ko iryo huriro EHAD CONFERENCE rikaba ryatanguye kw’igenekerezo rya 19 Myandagaro 2025 rikazorangira kw’igenekerezo rya 22 Myandagaro 2025.