Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeAbanditsi n'abaririmvyiNgibi ibikorane n’ibiteramo bitegekanijwe kubera mu gisagara ca Bujumbura imbere y’uko uku...

Ngibi ibikorane n’ibiteramo bitegekanijwe kubera mu gisagara ca Bujumbura imbere y’uko uku kwezi kwa Munyonyo 2025 kurangira

Nkuko bisanzwe bimenyerewe, amashengero n’imigwi y’abaririmvyi ndetse n’abaririmba ku giti cabo bama bategura ibikorane n’ibiteramo. Abenshi bakaza ngo bahimbaze Imana, bumve ijambo ryayo, bakire indwara kandi baturwe imitwaro ibaremereye. Umwungere news twazanye urutonde rw’ibikorane n’ibiteramo bigiye kuba imbere y’uko uku kwezi kwa Munyonyo kurangira.

Urunani rw’abaririmvyi batandukanye,TAO EVENT (Together As One Event), rwarateguye ibihe vyo guhimbaza no gutazira Imana.

Ku ncuro ya kabiri TAO Event, abaririmvyi nka Pasteur Lopez Nininahazwe, umugwi wa Pasteur Masezerano na Fofo Masezerano, Anny Godly ndetse n’abandi benshi, bazokoranira hamwe mw’Ishengero Eglise Bon Evangile.

Aho azoba ari kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2025, kuva igihe c’isaha icanda z’umuhingamo (15h00) mu kibanza c’Ishengero Eglise Bon Evangile, aho bita ku kazuba center.

Azoba ari akaryo ko guhura n’abatumire b’abaririmvyi n’abavugabutumwa batandukanye.
Uwo munsi uriko uvugwako vyinshi n’ibimenyeshamakuru rukristo bitandukanye. Benshi bawitezeko kugira ibihe vyiza kandi vyimbitse mu guhimbaza Imana hamwe n’abaririmvyi bafise ingabire n’ubuntu bw’Imana.

Eka mbere muri kuno kwezi hari n’ibindi bihe vyateguwe.
Ishengero Three in One Church ryo mu Carama, rirongowe n’Umwungere Pasteur Patrick Ndikumana, ryarateguye igikorane citiriwe “Thanksgiving Atmosphere” (Ikirere c’amashimwe).

Nkuko tubisanga ku rubuga rwa facebook rw’Ishengero Three in One Church:
Ico gikorane kizobera ku kibanza Ishengero risanzwe rikoraniramwo: mu Carama I, avenue Muka N°80, aho bita ku mayira abiri.
Kikazoba kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo 2025 kuva igihe c’isaha cumi n’imwe z’umuhingamo (17h00).
Azoba ari ibihe vyo gutazira Imana no kuyishimira kuri vyinshi yakoze n’ivyo igenda ikora.

Igikorane citiriwe “Thankgiving Atmosphere” hamwe n’Ishengero Three in One Church

 

Ibihe vyo guhurira hamwe mu gusenga, guhimbaza Imana ndetse no kwumviriza ijambo ryayo biteguwe aha mu gisagara ca Bujumbura s’ivyo gusa.

Revelation Sound, Chorale ikorera mw’Ishengero rya Methodiste libre Paroisse Kamenge, yarateguye igiteramo co guhimbaza Imana, bitiriye “Ineza Concert”.

Ico giteramo gitegekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2025, kuva igihe c’isaha icenda z’umuhingamo (15h00) mu kibanza c’Ishengero Methodiste libre Paroisse Kamenge.

Igiterama “Ineza Concert” ca Chorale Revelation Sound

Kubera ko iyo Chorale isanzwe ikora ivugabutumwa mu kibano umuntu ku muntu. Ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 22 Munyonyo 2025, bamenyesha ko, imbere y’uko haba igiteramo co ku munsi w’Imana ku muhingamo, abagize iyo Chorale bazozindukira mw’ivugabutumwa rifatanye no gutumira abizeye ndetse n’abandi muri ico giteramo.

Umurongozi w’iyo Chorale, Niyonzima Dieudonné, mw’Ishengero Methodiste libre Paroisse Kamenge, yarashikirije impamvu ico giteramo bacitiriye “Ineza Concert”.

Akaba yavuze ko abantu bazokwumva ineza y’Imana biciye mu butumwa bwiza bazokwumva, maze bakihana bakizera Yesu.

Ikindi umurongozi w’iyo Chorale, aramenyesha ko muri ico giteramo biteze bagahinduka abigishwa ba Yesu.

Mu majambo yashikirije Umwungere News, yaragize ati: “Mu bazoza mu gikorane hazoba harimwo n’abazoba bakiriye Umwami Yesu mw’ivugabutumwa. Twiteze ko, inyuma y’igiteramo, bazoca batangura gukorera Imana mw’Ishengero”

Umugwi Hope Generation Team, warateguye Igikorane c’iminsi ibiri
witiriye “Hope Christian Event” ku ncuro ya kabiri.

Azoba ari igikorane kirimwo ibihe vy’inyigisho ndetse no guhimbaza Imana. Ico gikorane kizobera mu kibanza cagutse (Grande Salle) ca Kaminuza Université Espoir d’Afrique, Ngagara Quartier 2, haruguru y’ahitwa kwa Komine.

Igikorane Hope Christian Event

Uko ibikorwa bitegekanijwe, mur’ico gikorane, n’uku gukurikira:

Ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 15 Munyonyo 2025, hazoba inyigisho z’urwaruka (Conference des Jeunes) kuva isaha zibiri z’agatondo gushika isaha indwi n’inusu (8h00-13h30).
Kuri uwo munsi nyene, ku mugoroba, kuva isaha umunani gushika isaha imwe y’ijoro (14h00-19h00), azoba ari umugoroba w’ikanguro ry’ivyizigiro (Soirée du Reveil de l’Espoir).

Maze ku munsi w’Imana, kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo 2025, niho hazoca haba ca giteramo co guhimbaza no gutazira, kuva isaha umunani z’umuhingamo gushika isaha imwe y’ijoro (14h00-19h00).

Abatumire batumiwe mu gikorane Hope Christian Event

Woshobora kwibaza ati mbega ibikorane bitegekanijwe ngaha mu gisagara ca Bujumbura nivyo gusa!
Ahibambewe, hariho n’ibindi bikorane bitegekanijwe:

IGIKORANE kinini co KUVAYO: Va mu vyago! Va mu ndwara! Va mu vyaha! Va mu bukene! Va mu mwijima!
JABUKIRA MU MUGAMBI W’ IMANA MW’ IZINA RYA YESU KRISTO.” Ni amajambo Pastor Stanley Niyongabo yanditse ku rubuga rwiwe rwa facebook aho yariko aramenyesha yongera atumira abantu mu gikorane.

Igikorane Exodus Crusade categuwe na Zoe Ministry hamwe na Pastor Stanley Niyongabo

Ico gikorane categuwe n’Ishirahamwe rukristo Zoe Ministry risanzwe rirongowe na Pastor Stanley Niyongabo.
Igikorane citiriwe “Exodus Crusade” (KUVAYO).

Ico gikorane kizoba kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo 2025, kuva igihe c’isaha icenda c’umuhingamo (15h00).
Azoba ari ku kibuga c’umupira w’amaguru, impande ya Zone Kinama.

Ibi bihe vyo guhurira ahantu hamwe kugira abantu basabane n’Imana no kugira bahure nayo mw’ijambo ryayo no mu bikorwa vyayo, yaba n’ivyo tutamenye canke ibikiriko birategurwa, ni ibihe vyiza Uwizera Imana wese yarakwiye kubamwo.

Musomyi hoba hariho igiteramo canke igikorane twibagiye kuvuga?

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments