Muganga (Dr) Hervé-Tistou Hitimana arongoye ishirahamwe Initiative in Medical Intervention Fellowship(IMIF ) mu kiganiro yahaye Umwungere News kw’igenekerezo rya 09 Gitugutu 2025, aragabisha amashengero ko Sida atariyo ndwara yonyene yo kwipimisha k’umusore canke inkumi bagiye gushinga urugo, ariko ko hari izindi ndwara zidakwiye kwirengagizwa.
Mu gihe uno musi, mu mashengero menshi mu Burundi bisanzwe bizwi yuko iyo umusore n’inkumi bageze gushinga urwabo, atakindi gipimo babatuma gukoresha mu ndwara zandukira biciye mu maraso atari umugera wa Sida. Muganga Hervé-Tistou we siko abibona. Kubwiwe umugera wa Sida siyo ndwara yonyene ikwiye gutuma umusore canke inkumi bipimisha imbere yo gushinga urugo rwabo. Kuko ngo iyo umuntu afata neza imiti yandikiwe n’umuganga arashobora kubaho igihe kirekire, akubakana n’uwutayirwaye, ndetse akavyara n’abana bazima.
Muganga Hervé-Tistou rero abona ko nyabuna hari izindi ndwara zirengagizwa kandi zari zikwiye kwipimishwa hakiri kare nka : Hépatite kuko ishobora kwonona igitigu kandi ikandukira biciye mu mibonano mpuzabitsina canke mu maraso. Canke nka Diabète irashobora gutera ingorane k’umugore yibungenze no ku mwana n’izindi n’izindi .
Muganga Hervé-Tistou abandanya avuga ko umwigeme canke umusore akwiye kumenya groupe sanguin na rhésus yiwe kuko ngo hariho amaraso adahura aramutse ahura biteza ingorane no gushika ku bana.
Amagara y’abanyeshengero yarakwiye kuba umwitwarariko udasanzwe wa bungere b’amashengero.

Kubwa Muganga Hervé-Tistou, ishengero rirafise uruhara runini mu guteza imbere amagara y’abanyeshengero. Kuko kuva kera ishengero ryamye ryisunga cane ubuzima bw’impwemu, ivyo rero vyatumye abantu bamwe bibwira ko gusenga gusa bikwiye ugasanga arapfuye azize ubumenyi buke ku ndwara zitandukanye.
Nk’akarorero umunyeshengero arashobora gutinya kwipimisha bivuye kubwoba bwuko yokwakirwa mu kibano nkahamwe asanze arwaye inzo ndwara.
Ivyo vyose birafise ingaruka k’umuntu ubwiwe, kw’ishengero no ku gihugu. Aho twovuga nko guhomba inkomezi z’urwaruka, gutandukana kw’umugore n’umugabo kubera amatati aturutse ku ndwara, abana gusigara batagira umuryango n’ibindi…
Muganga Hervé-Tistou abona ko rero igihe kigeze ko ishengero ryiyumvira no k’ubuzima bwabagize uwo muryango.
Musore nawe nkumi, namwe shengero, murafise uruhara rudasanzwe mu gutuma amagara y’umuryango wanyu yifata neza bigatuma igihugu kigira imiryango myiza kandi itekanye.
Photo-Crédit : IMIF


