Mu kiganiro umukozi w’Imana Onesphore Manirakiza yahaye imboneshakure Heritage TV, aratwereka icarico uburongozi bwo mu rugo n’uwugomba kuba umurongozi uwariwe n’ingene yokwitwara
Uburongozi ni iki?
Uburongozi harimwo gutanga umurongo, ingene ibintu bikwiye kugenda. Uburongozi ni igikorwa co kwerekana umurongo wo gukorerwako, kwerekana ingene ibintu bikwiye kugenda no gukurikirana ko biriko bigenda nkuko uvyipfuza. Abandi bavuga ko uburongozi ari kwandukiza ivyuyumviro vyawe abandi bagaca babigenderako badafashwe ku nguvu. Ni kubwira ikintu umuntu atari yiyumvira gukora akagikora kandi aryohewe.
Mbega uburongozi bwoshirwa mu ngo?
Urugo ni abantu babiri (Umuhungu n’umukobwa) bahura bakarondoka bakagira umugwi w’abantu. Uyo mugwi rero urakeneye imbonakazoza, iyo utera werekeza, ingene ubaho, ingene wigenza. Muri ico gihe harakenewe umuntu ushobora gutunganya ingene ibintu vyose bigomba kugenda kugira uyo mugwi uze ushike kw’iterambere.
Ninde none wokuba umurongozi muri uyo mugwi?
Uyo mukozi w’Imana aratubwira umuntu yakagomvye kurongora umuryango yishimikije Bibiliya aho agira ati : “Bibiliya iratomora neza uwukwiriye kuba umurongozi mu muryango; abantu beshi barafise uko babivuga muri kino gihe, ariko Ijambo ry’Imana rirafise uko ribivuga; turavye igihe Imana yarema umugabo yaciye ivuga ko atari vyiza ko umuntu yibana wenyene akwiye kuronka umuntu amufasha akaza nk’umufasha. Rero iryo jambo uburongozi bibiliya itwereka ko yabuhaye umugabo, umugore nawe akaba umufasha wiwe nk’icegera.
Ku kibazo cerekeye ko uburongozi aho buva ko babuvukana, Onesphore yishura agira ati:
“Uburongozi hariho abavuka bafise iyo ngabire yo kurongora ariko bagakenera kwiga dukeya. Rero mu rugo hoho nubwo woba udafise iyo ngabire y’uburongozi utegerezwa kurongora kuko ntubisimba. Nicogituma mu ndero yakera abahungu bajana na ba se kugira babigishe uko bazorongora imiryango yabo.

Iyo mu rugo hatabaye uburongozi bwubakiye ku mugabo hariho igipfa
Nk’uko uyo mukozi w’Imana yatubwiye ko uburongozi mu rugo bugomba kwubakira ku mugabo, rero iyo atari umugabo ari hejuru y’urugo hashobora kuba ivyononekara.
Agira ati : “Imana yaremye abantu 2 umugabo n’umugora mugabo batandukanye, umwe wese rero Imana ikimurema yaramuremeye ico azokora. Ntagusumbana kurimwo oya umwe wese ni umuhinga mu vyo yaremewe. Umugabo ntari bushobore gukora igikorwa c’umugore kandi n’umugore nawe ntari bushobore gukora igikorwa c’umugabo. Iyo bavuze ko umuntu ari mukuru mukintu kanaka ntibisigura ko umukuru arengeye icegera, oya ahubwo ni kugira ngo habe urutonde. Nicogituma rero umuntu agomvye kugereranya umugore n’umugabo aba abitahuye nabi ntabwo abo bantu babiri bagereranwa, ahubwo umwe wese ntari busubirire uwundi.”
Ni igiki none umugabo yokora kugira arongore urugo rwiwe neza?
Icambere ni uko umugbo abwirizwa gukunda umugore wiwe mukumuronderera ineza, icakabiri kwumviriza ivyiyumviro vy’umupfasoni wiwe, icagatatu kumugisha inama kugira ivyo yipfuza ko vyokorwa abanze kubiganiriza umufasha wiwe
Ariko rero umugore nawe akwiye kwumvira umugabo, kworohereza umugabo mubikorwa akora.
Mugusozera uyo mukozi w’Imana aratubwira icokorwa mugihe mu rugo umwe wese amaze guta umurongo wiwe kugira bikunde umwe wese asubire mu kibanza yaremewe. Avuga ko ari ukwihana, umugabo akamenya ko umurongozi mwiza bidasigura ko ari incabwenge cane, ariko akwiye kuba umukuru mubangana, ntibisiguye ko ari ugutanga amategeko, kuko nabikora nkuko ntamwimbu uri buboneke. Kuko umurongozi bisaba ko agira ikiyago n’abo arongoye kugira barabire hamwe icokorwa kugira ngo batorere inyishu ibibazo bihari, umwe wese azana iciyumviro hama hakaba kucigira hamwe.