Mu gihe ibimenyeshamakuru vyinshi vyo muri iki gihe bishira imbere gutanga amakuru afise ubuhinga bukomeye, intumbero y’ibimenyeshamakuru kenshi aba ari ukumenyesha, kwigisha no gutera akamo.
Ariko, biragoye cane gusanga abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru bishira imbere umwuga w’ukumenyesha amakuru unshigiye ku kuri kw’ubutumwa bwiza.
Muri iyi si yuzuye imidugararo, abantu benshi bibaza ibibazo vyinshi ntibabironkere inyishu, bumva batawe, batekewe n’ubwoba kandi bafise inyota yo kumenya ukuri.
Zaburi 23 si ivyanditswe vyera bisanzwe; ni ijwi ry’ukwizigira n’ukwizera Imana gukomeye, Umwungere wacu w’ukuri. Iyi Zaburi 23, iradusigurira ko naho isi yoba yuzuye imidugararo, hariho Umuyobozi w’ukuri, Umurinzi atananirwa.
Ivyo nivyo Umwungere News ibereyeho: kuba ijwi ry’abizera, itara rimurika mu mwijima, ahantu ibibazo bitorerwa inyishu zishingiye ku Vyanditswe vyera.
Umwungere News, ijwi ry’abizera, ariko kandi ni ijwi ry’abarondera ukuri
Mu nyandiko zayo, umwihwezo n’intahe vy’abizera Imana, Umwungere News ni ahantu h’akarorero ku bantu bose bashaka guhuza ukwizera kwabo n’ubuzima babaho buri musi.
Umwungere News ni umuyobozi wo mu vy’impwemu hagati y’ibibazo vyinshi duhura navyo. Ni ijwi rituje ariko rikomeye, hagati y’induru n’ibirwisha vy’iyi si.
Umwungere akwitaho
“Uhoraho ni we Mwungere wanje: sinzokena.”
Imana iritaho abana bayo, ikabatunganiriza ivyo bakeneye vyose.
Umwungere News iraha abizera Imana ibibakomeza mu kwizera kwabo, inyigisho zibamurikira n’urufatiro rukomeye rwo mw’Ijambo ry’Imana.
Akaruhuko hagati y’ibihuhusi
“Amvyagiza mu canya c’ubwatsi butotahaye:Andongoera I ruhande y’amazi adasuma….”
Muri iyi si yuzuye imidugararo n’ibirwisha vyinshi, aho uruhagarara mu mutima n’amakenga vyabaye imigenzo.
Umwungere News ni ahantu ukura akaruhuko ko mu mutima. Ibicishije mu nyandiko zitera intege, itanga ivyizigiro, ivyiyumviro n’urufatiro rw’ukuri ku bantu bose barondera icerekerezo.
Inzira y’ukuri
“Aremesha umutima wanje. Anyobora mu nzira zo kugororoka kubwo izina ryiwe.”
Muri iki gihe aho uburanga nyabwo bugenda burahera, aho guta ivyizigiro vyabaye ibisanzwe, Umwungere News ihagaze nk’inyenyeri yerekana inzira. Yerekana ukuri kw’Imana, ikayobora abizera Imana ku bugororotsi nyakuri ishingiye ku vyanditswe vyera gusa.
Uko Imana yama iri iruhande yacu no mu bikomeye
“Mbere naho noca mu mwonga w’igitutu c’urupfu, sinzogira ikibi ntinya; kuko uri kumwe nanje:Inyobozo yawe n’ubuhiri bwawe ni vyo bimpumuriza.”
Ubuzima ntibubura ingorane, ariko ivyizigiro vyo kumenya ko Imana yama iruhande yacu biduha inkomezi.
Umwungere News ikora ico gikorwa co gutera intege no guhumuriza, yibutsa ko umuco w’Imana uguma ucana n’aho twoba turi mu mwiza w’umuzitanya.
Intsinzi mu ngorane
“Untegurira ameza mu maso y’abansi banje.”
Naho isi irwana no guhakana ukuri kw’Imana, Umwungere News iha abakristo ijwi ryo gushikama no guhagararira ukuri. Ni urubuga aho ukwizera gushimangirwa n’ukuri kw’Ijambo ry’Imana gushobora kuvugwa mu mwidegemvyo.
Ivyizigiro bitadukanye n’ivy’isi
“Ni ukuri, ubuntu n’imbabazi biza bimpararira imisi yose yo kubaho kwanje.”
Isi iha abantu ivyizigiro bihera, ariko Imana iha abayo ivyizigiro vy’ukuri kandi bihoraho. Umwungere News ni ijwi ribibutsa amasezerano y’Imana, rikaba umuyobozi wabo bose bashaka kugenda mu nzira y’ukwizera kw’ukuri, gushikana ku buzima buhoraho.
Urubuga njanabutumwa rufise Ubutumwa bw’Umwungere Mwiza
Zaburi 23 itwereka Imana nk’Umwungere w’ukuri, yitaho kandi aba hafi y’abayo igihe cose. Umwungere News igendera muri iyo nzira: itanga umuco, igatera intege, iyobora, yubakiye ku kuri kw’ijambo ry’Imana. Ni ijwi ry’abakristo bashaka kumenya neza ukwizera kwabo no gutanga inyishu ku bibazo vyibonekeza mu kibano.
Nk’uko Umwungere mwiza aragira intama ziwe, Umwungere News ifata iya mbere mu guhagararira ukuri, gushigikira ishengero mu gikorwa caryo no gufasha abizera gukomeza urugendo rwabo rw’ukwizera muri Yesu Kristo.
Imana iguhezagire cane.
[…] Soma n’ibi : Kumenya Umwungere News: Urubuga ruyobora nk’Umwungere. – Umwungere News […]