Kw’igenekerezo rya 17 Ruheshi, mu kiganiro yashize kuri YouTube, umupasitori wo muri Afrika y’Epfo yitwa Joshua Mhlakela yatangaje ko yagize iyerekwa aho Yesu yamubwiye ko kuduzwa kw’ishengero bizoba hagati y’amagenekerezo ya 23 canke 24 Nyakanga , ariko iryo garuka rya YESU canke iduzwa ry’ishengero ntiryigeze riba kuko ayo magenekerezo uko ari abiri yose yararenganye.
Iyo nkuru rero yaramenyekanye cane mu mezi atatu aheze kumbuga hwaniro , nka Tiktok na You Tube , Facebook, ..aho benshi bagenda babivugako ugutandukanye banarindiriye ko ubwo buhanuzi buzoshika vyukuri .
*Imyifato y’abakristo canke abandi bantu kubwiryo yerekwa ryuwo mupasitori wo muri Afrika y’Epfo.
Igihe ayo majambo avuzwe nuwo mupasitori ,abakristo benshi baragize ivyiyumviro bitandukanye kumbuga hwaniro , aho bamwe basavye insobanuro ivuye muri Bibiliya isobanura neza ayo majambo yashikirije , hari n’abandi bemeye ivyo yavuze mbere baranareka n’imirimo yabo.
Ivyo kandi bikaba vyatumye abakristo benshi bakeburana biciye kumbuga hwaniro aho bavuga ko abakristo bakwiye kwitondera ubuhanuzi bugenda buvuga n’abapasitori batandukanye Kandi barongeye bibutsa ko umwana w’umuntu adashobora kumenya umunsi n’isaha y’igihe Yesu azokongera kugaruka ngaha kw’isi.
Arik’ uwo musi cank’ iyo saha, ntawubizi niyo boba abamalayika bo mw’ijuru canke umwana w’Imana atari Data gusa Matayo 24:36
Kubwayo majambo yavuzwe nuwo mupasitori wo muri Afrika y’Epfo , vyatumye abizera bamwe bamwe bagira amakenga ( canke ibibazo) kuvyerekeye isobonurwa ry’ukuza kwa YESU canke iduzwa ry’ishengero hamwe n’igihe nyaco iryo duzwa ry’ishengero rizobera.