Mu gikorane giheruka kubera mu gisagara ca Ottawa, mu gihugu ca Canada kirongowe n’umukozi w’Imana CHRIS NDIKUMANA, Ku magenekerezo ya na 13 na 14 Nyakanga 2025, umukenyezi Rolls asanzwe aba muri ico gihugu arashinga intahe ko yabonye ukuboko kw’Imana muri ico gikorane mugukira indwara yo kutaja mubutinyanka yari amaranye imyaka itanu.
Umukenyezi Rolls avugati :
“Nitwa Rolls Mba muri OTTAWA mu gihugu ca Canada, ndi umwe mu bakenyezi babonye ukuboko kw’Imana, Aho naja mu gikorane ca kanguka, kirongowe n’umukozi w’Imana CHRIS Ndikumana, cari cabereye muri Canada Ottawa, muri salle ya Canadian tire center ni imwe muma salle meza yakira abantu benshii cane.”
Uyo mukenyezi arongerako ati : “Hari umugwi w’abaririmvyi Aho twahimbaje Imana n’abandi vyari biryoshe cane ijuru ryari ryamanutse, muri ico kibanza narahimbaje Imana, naririmbanye umunezero, n’inkomezi nyishi kuko mpwemu yera yariko arakora. Aho twasomye umurongo uri muri Zaburi 86:9-10
(Mwami, amahanga yose waremye azoza, akwikubite imbere, agusenge : kandi azohimbaza izina ryawe, kuko uhambaye, kandi ukora ibitangaza : ni wewe Mana wenyene). Inyuma yo gusoma ijambo ry’Imana yayice atangura, gusengera abantu, akiriko aradusengera, yatanze ijambo ryo ku menyesha canke ijambo rya gihanuzi (parôle de connaissance)Yaciye avuga ati :
“Hariho umukenyezi ari hagati muri twebwe, amaze imyaka itanu (5 ans) ataja mu mihango canke mu butinyanka (Ama règles) aca avugati : niwakire ugukira kwawe uyumusi.

Muri uyo mwanya akivuga uko numvise munda yanje umenga n’ibintu bariko baranzibura, muri turya turingoti ducamwo imbuto (mu ma trompe), ariko nakomeje gusenga nongera mpimbaza kuko numva mpwemu yera ariko arakora.
Munyuma naciye ngenda kwihererana muri twarete (Toilette) nk’abandi Bose niho naciye ntangura kubona amaraso, nk’umugore wese ari mu mihango canke umukobwa, ari mu butinyanka inyuma yimyaka myishi kuruyo musi niho nasubiye kubona imihango
Naciye nshimira Imana, yabanye nanje, nongera nshimira Équipe ya Kanguka ibera izamu igikorwa c’Imana, nongera shimira n’umukozi w’Imana Chris Ndikumana, n’umutambukanyi wiwe amuba Hafi Aho naciye niyumva Ko hari izindi ntahe nyishi ngiye gutanga kubwibikorwa Imana yakoreye muri Salle ya canadian tire center”