Donderdag, Oktober 2, 2025
spot_img
HomeIbindi" Kubwo amasengesho Narakize indwara narimaranye imyaka itanu (5), yo kutaja mu...

” Kubwo amasengesho Narakize indwara narimaranye imyaka itanu (5), yo kutaja mu butinyanka”. 

Mu gikorane giheruka kubera mu gisagara ca Ottawa, mu gihugu ca Canada kirongowe n’umukozi w’Imana  CHRIS NDIKUMANA, Ku magenekerezo ya na 13 na 14   Nyakanga 2025, umukenyezi Rolls asanzwe aba muri ico gihugu arashinga intahe ko yabonye ukuboko kw’Imana muri ico gikorane mugukira indwara yo kutaja mubutinyanka yari amaranye imyaka itanu. 

 Umukenyezi Rolls avugati :

“Nitwa Rolls Mba muri OTTAWA mu gihugu  ca Canada, ndi umwe mu bakenyezi babonye ukuboko kw’Imana, Aho naja mu gikorane ca kanguka, kirongowe n’umukozi w’Imana  CHRIS Ndikumana,  cari cabereye muri Canada Ottawa, muri salle  ya Canadian tire center ni imwe muma salle meza  yakira abantu benshii cane.” 

Uyo mukenyezi arongerako ati : “Hari umugwi w’abaririmvyi Aho twahimbaje Imana n’abandi vyari biryoshe cane ijuru ryari ryamanutse, muri ico kibanza  narahimbaje Imana, naririmbanye umunezero, n’inkomezi nyishi kuko mpwemu yera yariko arakora. Aho twasomye umurongo uri muri Zaburi 86:9-10

(Mwami, amahanga yose waremye azoza, akwikubite imbere, agusenge : kandi azohimbaza izina ryawe, kuko uhambaye, kandi ukora ibitangaza : ni wewe  Mana wenyene). Inyuma yo gusoma  ijambo ry’Imana yayice atangura, gusengera abantu, akiriko aradusengera, yatanze ijambo ryo ku menyesha  canke ijambo rya gihanuzi (parôle de connaissance)Yaciye avuga ati : 

“Hariho umukenyezi ari hagati muri twebwe, amaze imyaka itanu (5 ans) ataja mu mihango canke mu butinyanka (Ama règles)  aca avugati : niwakire  ugukira kwawe uyumusi. 

Abantu bari bitabirye igikorane

Muri uyo mwanya akivuga uko numvise munda yanje umenga n’ibintu bariko baranzibura, muri turya turingoti ducamwo imbuto (mu ma trompe), ariko nakomeje gusenga nongera mpimbaza kuko numva mpwemu yera  ariko arakora. 

Munyuma naciye ngenda kwihererana muri twarete (Toilette) nk’abandi  Bose niho naciye ntangura  kubona amaraso, nk’umugore wese ari mu  mihango  canke umukobwa, ari mu butinyanka  inyuma yimyaka myishi kuruyo musi niho nasubiye kubona imihango 

Naciye nshimira Imana, yabanye nanje, nongera nshimira  Équipe  ya Kanguka  ibera izamu igikorwa c’Imana, nongera shimira  n’umukozi w’Imana Chris Ndikumana, n’umutambukanyi  wiwe amuba Hafi Aho  naciye niyumva Ko hari izindi ntahe nyishi ngiye gutanga kubwibikorwa Imana  yakoreye muri Salle ya canadian tire center”

 

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments