Igenekerezo rya 4/8/2025, mu nama yabereye I Vatican niho hemezwa ko Paruwasi nkuru ya Mugera mu Burundi yemererwa kugira ibe “Basilika” ni kuvuga ishengero rya Pāpa mu Burundi. Ni muri iyo ntumbero rero Pāpa yaciye arungika Umunyamabanga wiwe, Pietro Parolin kuva italiki 12-17 Myandagaro 2025 ngo aze gushikiriza iyo “Basilika ” kuri uyu wa 15 Myandagaro 2025.
None “Basilika” ni iki?
“Basilika” ni ishengero ryubashwe rifise agaciro gakomeye muri Eklesia Catholique. Ni izina rishirwaho n’umwungere mukuru wa Eklesia ariwe Pāpa. kandi “Basilika” ziri ubwoko bubiri: Hariho “Basilika” nkuru ( Majeur). Kugeza kino gihe izihari ni zine kandi zose ziri I Roma mu Butaliano. hariho kandi na “Basilika” ntoya (Mineur) izo nazo ni nyishi ndestse niyiheruka kuvuka aha mu Burundi.
Paruwasi ya Mugera yavutse gute?
Patiri Mukuru wa paruwasi ya Mugera mukiganiro yahaye Insamirizi n’Imboneshakure vy’Igihugu c’Uburundi (RTNB) igenekerezo rya 12/8/2025 yavuze ko iyo paruwasi yabayeho mu mwaka wa 1899 ishinzwe n’abamisiyonari, iba ibaye paruwasi ya kabiri ishinzwe mu Burundi, inyuma ya paruwasi ya Muyaga yo mu ntara ya Buhumuza. Ati: “Abamisiyonari 3 bari bagiye gushinga paruwasi ku mutumba wa Munyinya yamara bageze i Mugera, igitwazi bariko kiranka kurengana bibaza ngo carushe. Niko kuharara kugira kiruhuke buce babandanye urugendo, yamara na bukeye caranse kurenga ngaho, baca babonako ariho Imana ishaka ko haja iyo paruwasi”.
Patiri Venansi Mpozako ati: “Naho yabaye iparuwasi ya kabiri yabayeho mu Burundi, niyo yabaye icicaro c’umwepisikopi wa mbere mu Burundi”.
Amenyesha ko umwepiscopi wa mbere mu Burundi, Musenyeri Julien Gorju yari afise icicaro i Muyaga kuva mu mwaka wa 1922 gushika mu mwaka wa 1936. Amaze gushika i Mugera, Musenyeri Julien Gorju, ngo mu myaka 3 yaciye yatira abapatiri ba mbere ba barundi aribo, Patrice Ntidendereza na Emile Ngendagende hari ngo ku wa 19 Kigarama 1925 kandi ngo bose bava muri paruwasi ya Muyaga.Mu mwaka wa 1926, ngo niho Musenyeri Julien Gorju yashinga ngaho i Mugera, ishure rya mbere ryisumbuye mu Burundi, iseminari ntoya y’i Mugera.
Mu gihe ngo mu mwaka wa 1958, Ekleziya katolika yari iramutse ihimbaza imyaka 100 yari irangiye Bikira Mariya abonekeye i Lourdes mu gihugu c’Ubufaransa, aho i Mugera harubatswe isenga rishirwako n’ibuye rivuye i Lourdes mu Bufaransa, kugira ngo ivyiza Bikira Mariya akorera i Lourdes mu Bufaransa, abikorere n’i Mugera mu Burundi. Ico kibanza ciswe ikirimba ca Bikira Mariya, Mugabekazi w’amahoro.
Patiri Mukuru wa paruwasi ya Mugera amenyesha ko ari muri ico kibanza nyene kw’igenekerezo rya 15 Myandagaro mu mwaka wa 1961, Umuganwa Rudoviko Rwagasore na Reta yiwe hamwe n’abasenyeri ba Ekleziya katolika y’i Burundi beguririyemwo Bikira Mariya igihugu c’Uburundi.
Ni muri ico kibanza nyene, abemera bavuye mu mihingo itandukanye y’igihugu no mu karere bakoraniramwo basenga kw’igenekerezo rya 15 Myandagaro uko umwaka utashe, mu guhimbaza iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya, aho ngo kubera ico kibanza ari gito haciye hubakwa mu mwaka wa 1976 ahagutse abo bemera bahuriramwo. Aho i Mugera nyene hari umusaraba washinzwe n’abamisiyonari bashinze paruwasi ya Mugera, nk’ikimenyetso c’aho Yezu Kristu yacungura abantu ku musaraba nk’uko vyiganwa na Patiri Venansi Mpozako, aho yanabwiye RTNB ko mw’isengero y’i Mugera hariyo uduce tw’umusaraba Yezu Kristu yabambweko.

Ko paruwasi Mugera, yaraye ibaye isengero ya Pāpa, izoca itandukanira he n’ayandi maparuwasi, ni akahe kunguko ku gihugu?
Kuri ico kibazo, Patiri Mukuru wa paruwasi ya Mugera yishuye ko ica igira ubucuti budasanzwe na Pāpa, igaca igira intunganyo yihariye mu bijanye n’amasabamana hamwe n’itangwa ry’amasakaramentu bivanye n’uko iba ishobora kugenderwa n’abantu bavuye mu mihingo myinshi y’isi, ikaba ngo nk’ishure rya riturujiya n’ikibanza c’iratiro gikomeye.
Ivyo ngo birashobora kuzanira akamaro ku gihugu muvy’ubutunzi kuko ngo izo ngenzi zirakenera gufungura, uburaro n’ibindi, bituma igihugu cinjiza amafaranga y’agaciro.
Mu bimenyetso vyihariye biranga isengero ya Pāpa harimwo ikimeze nk’umutaka wuguruye(ombrellino) cerekana uburinzi bwa Pāpa kuri iyo sengero, ikimeze nk’impfunguruzo zinyuranye hamwe n’agakengeri k’umujumpu(tintinnabulum).
Ku bwa Patiri Venansi Mpozako ngo kuba mu Burundi hagiye kuboneka isengero ya Pāpa bisigura ko urugero rwo kwemera mu Burundi rugeze ku ntambwe ikomeye cane. Agirako anasaba abenegihugu bo muri ako karere kwitegurira kwakira ingenzi zizoza zigana iyo sengero ya Pāpa. Abasaba cane cane gukora kugira bimbure cane, kwubaka amazu y’uburaro meza hamwe n’ay’ubudandarizo kugira ngo ingenzi zize zironke ivyo zizoba zikeneye.
Leta y’Uburundi yakiriye gute “Basilika” mu Burundi?
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu birori vyo gushikiriza ku mugaragaro ko Paruwasi ya Mugera ibaye “Basilika”, mw’ijambo ryiwe, yavuze ko ivyo birori atari umusi mukuru wa Ekleziya katolika gusa, ahubwo ari umusi mukuru ku gihugu cose. Yongeyeko ko Mugera yamye ari ikibanza cerekana ukwemera kw’Abarundi, rero ngo ico kibanza ni ic’Abarundi bose.
Evariste Ndayishimiye Umukuru w’igihugu yasavye Umunyamabanga wa Reta ya Vatikano kuzobwira Pāpa Léon wa XIV ngo yame yibuka imfura yiwe guko ariyo Basilika yambere ibayeho mu Burundi, no kumusaba ngo azoze kuyikwangura. Ati: “Basilika” ( isengero ya Pāpa) turayironse, haracasigaye rero ko turonka umukaridinari azoyiturabira”. Arongerako ati: “Ese Mugera yotubera ikibanza tuzokwama duhuriramwo n’Imana, ikibanza c’amahoro kiruhura, kidukaburira gukura amaboko mu mpuzu tugakora tugateza imbere igihugu.” Yavuze kandi ko isengero ya Pāpa y’i Mugera igiye kuba ikimenyetso c’ubumwe hagati ya Reta y’Uburundi n’iya Vatikano, ngo ikazofasha gutsimbataza ubumwe bumaze imyaka 60 buri hagati y’ivyo bihugu.

Nayo umunyamabanga wa Pāpa Léon wa XIV, Pietro Parolin, yarakeje Uburundi kuba buronse isengero ya Pāpa. Avuga ko naho vyari kuba ngombwa ko iyo sengero ibanza kwagurwa, ngo ku bw’umwitwarariko Pāpa afitiye Ekleziya vyabaye ngombwa ko ayemeza vyihuta. Avuga ko yatangajwe n’isinzi ry’abantu bari bahuriye ngaho i Mugera, agashimira abarongozi b’Uburundi n’aba Ekleziya katolika mu Burundi ku kuntu bitaho Inkuru nziza. Karidinari Pietro Parolin asaba Abarundi gukomeza kuba ivyabona vy’urukundo, uguhariranira no gusubiza hamwe.


Ibirori bikaba vyasozerewe no gushira Uburundi mu minwe ya Bikira Mariya, bikozwe n’Umukuru w’igihugu ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe, Umunyamabanga wa Pāpa hamwe n’Abepisikopi ba Ekleziya y’Uburundi, ivyo ngo bikaba ivyaheruka gukorwa mu mwaka wa 1961 bikozwe n’Umuganwa Rudoviko Rwagasore na Reta yiwe hamwe n’abasenyeri ba katolika b’i Burundi bari bahari ico gihe.