I Bujumbura igenekerezo rya 12 Kigarama 2025–Ishengero ry’Abagenzi ryo mu kamenge (Eglise Evangélique des Amis) ryabateguriye ijoro ridasanzwe ryo guhimbaza no gutazira Imana, biciye muco bise ’’Night of Grace ’’.
Akaba ari ku ncuro y’icenda (9) iryo shengero ritunganije ibihe nkivyo bidasanzwe kuva mu mwaka wa 2016.

Nk’uko vyashikirijwe n’abariko barategura ico gikorwa, Night of Grace yatunganijwe mu ntumbero yo guha akaryo abantu bose bumva imitima yabo ifise inyota yo kuba imbere y’Imana, kugira babe mu busabane bwimbitse Nayo.
Iryo joro rizoba umwanya w’ukubana n’Imana biciye mu guhimbaza, gusenga no gutazira mu mpwemu no mu kuri, mu mwanya wiyaguye.
Ico mwomenya n’uko abazokwitaba ico gikorwa ari umuntu wese–Abana,Imiyabaga n’Abakuze– yumva akeneye kuba mu bihe vyiza vyoguhimbaza, gutazira no kubana n’Imana. ‘‘ Ibisabwa si amafaranga canke impuzu zihariye, ahubwo ni umutima wicishije bugufi ushaka kuba mu busabane n’Imana’’ bivugwa n’umwe mu batunganije ico gikorwa mu kiganiro yagiranye n’Umwungere News.

Abandanya, agira ati : ’’’Ntidukunda gushira imbere abatumire canke ikindi kintu cose, ahubwo tuba dushaka uwuza aze adakweze n’abantu, ariko aze afise umutima umusunikira ku haba kuko anyotewe Imana’’.
Ntiyashimye kugira kinini avuga kubijanye n’abatumire b’uwo munsi
N’ibiki twokwitega uwo musi?
Bitegekanijwe ko hazoba ibihe bidasanzwe vyo guhimbaza no gutazira, vyuzuye ubusabane aho abantu bazonagugwa mu mutima no mumubiri, ibitangaza vy’Imana bigakoreka kubw’icubahiro cayo. Nta wuzotaha uko yaje, kuko uwuzoza yiteze Imana wese azoyibona, nkuko ijambo ryayo rivuga riti :’’ Nkunda abankunda, kand’abandondera ubudahumeka bazombona.’’ (Imigani 8 : 17)

Womenya ko ibikorwa nk’ibi bisanzwe bitunganywa uko umwaka utashe. Uyu mwaka bizoba ku ncuro yavyo y’icenda ( 9), kandi uko umwaka utashe, abantu benshi baramaze kuhakirizwa, kuhakirira indwara, kuhabohokera no kwishurwa mu buryo butandukanye.
Kikaba ari igikorwa catanguye 2016, kivuye mu ciyumviro c’umwe mubaririmvyi b’iryo shengero. Ico gihe igihugu c’Uburundi cariko gica mubihe bitoroshe, maze uwo muririmvyi yumva ko hakenewe ibihe vyokuba imbere y’Imana n’umutima unyotewe Imana. Nuko abishikiriza uburongozi bw’ishengero, ico ciyumviro baracumva, baracakira gutyo igikorwa gitangura gukorwa kumugaragaro .

Kuva ico gihe, iryo joro ryagiye rihurumbirwa n’abakristo bava mu mashengero menshi atandukanye, rihinduka umwanya w’ugukomeza ukwizera no kwibutsa ko : “kumusozi w’Uhoraho ari ho vyose bironkeka, kandi Imana iha impera abayirondera ijoro n’umutaga.”


