Saterdag, November 22, 2025
spot_img
HomeAbanditsi n'abaririmvyiIndirimbo iri muri Album yambere y'umuririmvyi mpimbazamana Bienvenue Bizimana

Indirimbo iri muri Album yambere y’umuririmvyi mpimbazamana Bienvenue Bizimana

 

Bienvenue aravuga kuvyerekeye ubutumwa buri mu ndirimbo yise <<Warakoze>> agira ati:”
Ubutumwa buri muri iyi ndirimbo n’ubutumwa bwikwije (ambitieuse).
Iyo umuntu amaze kwakira umwami Yesu Kristo m’ubuzima bwiwe aba abaye icaremwe gisha, ariko ivyo ntibivuze ko ubuzima buca bumworohera
ahubwo aho kumworohera ahura n’ibimurwanya vyinshi ibibazo bikiyongera intambara z’ubuzima zikaba nyinshi, ariko ikiruta ivyo vyose nuko muri Kristo Yesu hari ubuzima, nubwo intambara zoba nyinshi ibiturwanya bikiyongera ntidutinye kuko Ijambo ry’Imana ritwibutsa ko amarushwa y’umugororotsi ari menshi, ariko ko uhoraho ayamukiza yose uko angana”.

Yongera ati:” Indirimbo #warakoze n’urwibutso rw’ibihe bitoroshe canke ibihe bigoye umuntu yaciyemwo canke ariko aracamwo, ariko kandi ikatwereka ukuntu Imana yama irikumwe natwe mu marira yacu, muntambara zacu ikatubera umuzigamyi wacu wukuri muri vyose.

Kuboba bipfuza kumviriza indirimbo “Warakoze” barashobora uyisanga K’urubuga rwa you tube Bienvenue Bizimana .

 

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments