Mu gisagara ca Séoul muri Koreya y’Epfo hariko habera ihuriro rusangi rya World Evangelical Alliance(Ishirahamwe ry’ivugabutumwa mpuzamakungu) aho ryakiriye abantu 850 bava mu bihugu 124 , iryo huriro ni rimwe mu mahuriro akomeye cane mu rugendo rw’ivugabutumwa kw’isi yose,ritegekanijwe kuba iminsi itanu aho ryatanguye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27 gitugutu rikazorangira kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 gitugutu.
Mbere y’uko riba, abatari bake bari bariyandikishije aho bangana 1500, ariko kubw’ibibazo vyo gufata ingendo hamwe no guteba kuronka visa vyatumye igitigiri c’abitabiriye iyo nama kigabanuka.

Brad Smith, umuvugizi wa WEA mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 Gitugutu, yavuze ko ishusho y’abitabiriye iryo huriro yerekana agace k’ukuri kw’ivugabutumwa kw’isi. Yagize ati: ibice 70 % vy’abakristu kw’ isi bakomoka mu bihugu vy’amajepfo no mu bihugu vy’ubuseruko,kandi na hano mu nama biraboneka kuko 71 % bakomoka muri ivyo bice mvuze.
Nk’uko Smith yabitangaje, mu bantu 850 bari bitabiriye iryo huriro : 36 % bakomoka muri Aziya, 21 % muri Afurika, hamwe n’abava mu bihugu vya burayi (12 %), Amerika ya Ruguru (17 %), Pacifique y’Amajepfo (3 %), Ikibira c’Abarabu hamwe na Afrika y’amajaruguru (Middle East & North Africa) (3 %), hamwe na Aziya y’Uburasirazuba (1.5 % ).
Ku kijanye n’imice ibiri ikomeye cane yarungitse benshi muri iryo huriro, yavuze y’uko Afrika yarungitse abagera 182 bavuye mu bihugu 29, harimwo : Kenya (27%), Uburundi (12%), Urwanda (12%), Afurika y’Epfo (9%), na Kameruni (5%). Ku ruhande rw’Asiya naho, hari abagera 299 bavuye mu bihugu 21, aho abenshi bari bavuye mu buhundi (29%), Pakisitani (12%), Filipine (11%), Nepali (9%), na Singapuru(6%).
1. Uko World Evangelical Alliance itunganijwe
Mu gusigura ingene Ishirahamwe ry’ Abavugabutumwa b’ isi yose (WEA) rikora n’ ubutumwa rifise, Brad Smith yavuze ko iryo shirahamwe rikora nk’ umuryango w’ isi yose, wubakiye ku mbuga zaryo z’ amadini y’ ibihugu. Yagize ati : « Ubutumwa bwacu nyamukuru ni ugushinga amashirahamwe y’ abavugabutumwa mu bihugu bitandukanye». Yasiguye kandi ko intumbero ya WEA ari uguhuza ayo mashirahamwe y’ ibihugu kugira ngo asangizanye ivyiza n’ uburambe bifise.
2. Uko WEA yubatse kuva ku rwego rw’isi gushika ku mashengero yo mukibano
Smith yasiguye neza ingene WEA yubatse kuva ku rwego rw’ isi gushika ku mashengero yo mu kibano .
Yavuze ati : « Dushobora kandi kuvuga ko WEA ikorera mu nyungu z’ amashirahamwe y’ amadini y’ akarere 9. Ayo mashirahamwe y’ akarere nayo akorera mu nyungu z’ amashirahamwe y’ ibihugu. Kuri buri gihugu, iryo shirahamwe ry’igihugu rihuza amadini, amashengero hamwe n’abarongozi b’amadini bakomeye mu gihugu. »
Yabandanije agira ati :
« Ayo mashirahamwe y’ ibihugu akorera amadini, nayo amadini agakorera amashengero y’ ibanze. Amashengero yo mukibano nayo ni yo ategura kandi akomeza abizera kugira bakorere Imana aho bari hose mu buzima bwa buri musi. Dufasha abo bari k’ umurongo wa mbere mu gukwiragiza Inkuru Nziza mu mashengero no mu bisata vyose vy’ igihugu, kugira bashobore kwerekana, kwamamaza no gushingira intahe ivyiza vy’Inkuru Nziza. »
Smith yabandanije avuga ko iyo Nama nkuru ari nko guhura kw’ umuryango, aho abagize umuryango w’ WEA bava mu bihugu bitandukanye bahurira hamwe kugira bungurane ivyiyumviro n’ ubucuti.Yagize ati : « Ntibaza gusa gusangira, ariko barafata akanya ko kwiyumvira hamwe ingene bokomeza amashirahamwe y’abo y’ ibihugu kugira berekane neza ubutumwa bw’ Inkuru Nziza mu bihugu vyabo. »
Mukurangiza Smith yavuze ko, Ishengero ryahuriye hamwe riturutse mu turere twose tw’ isi kugira rihuze ivyiyumviro, rihimbaze Imana kandi risabe kumenya umugambi wayo, umubiri umwe w’ isi yose, usangiye ukwizera kumwe n’ ubutumwa bumwe.
Iryo huriro rusangi rya WEA ryaheruka kuba mu mwaka wa 2019 i Jakarta muri endoneziya,aho ryitabiriwe n’abantu bashika 800 baje bava mu bihugu 92 hamwe n’ibihumbi vy’abanyendonoziya bari bahari.

Mwomenya ko, muri uyu mwaka iryo huriro rusangi rishimikiye ku civugo kivuga giti “Inkuru Nziza igere kuri bose imbere y’umwaka wa 2033″.


