Mukiganiro ishirahamwe Harvest Initiatives, ryahoze rizwi nka Moisson pour Christ ( Abimbuzi ba Kristo), ryahaye abamenyesha makuru kuri uyu wa 14 Gitigutu 2025 i Bujumbura, ryerekanye inyungu ziri mu gushira inguvu hamwe no kwemera kwigishwa kuw’urwaruka.
Amamuko y’ishirahamwe Harvest Initiatives
Harvest Initiatives ni ishirahamwe ryatangujwe n’umugwi w’urwaruka rushika indwi (7) mu mwaka w’2000, mu ntumbero yo kugarukana uturangamutima twiza mu bantu biciye mu gikorwa ci kanguro kw’ishengero rya Kristo. Kumvo zibihe igihugu cari gihitiyemwo mu mwaka 1993, aho abantu bari bacitse intege, ata vyizigiro kandi basabagiye.
Iryo shirahamwe rikaba ririko rirahimbaza imyaka 25 rimaze ribayeho, ryongera kandi rigaragaza ibikorwa ryaranguye muri iyo myaka iheze .
Ryatanguye rifise igikorwa co guhimiriza abantu ribicishije mukuvuga ijambo ry’Imana, ariko inyuma yaho, ryahavuye ryongerako ibijanye no guterera mw’iterambere rirama muburyo bufadika, ari naho havukiye ibikorwa bitari bike. Nk’uko bishikirizwa na Pasteur Ndagijimana Donatien uwusanzwe aramutswa iryo shirahamwe uyumunsi ku rwego rw’igihugu agira ati : “ibikorwa vyarahindutse ariko intumbero yagumye ari yayindi.“

Ibikorwa vyaranguwe mu myaka 25 ishirahamwe rimaze
Bimwe mu bikorwa bikuru bikuru twaranguye harimwo: ivugabutumwa mu ntara zitandukanye z’igihugu, aho twigishije tukanarungika ku kivi abavugabutumwa bashika ku 11.775 , amashengero ashika 513 arifatanya natwe mu mugambi w’abimbuzi, abantu bashika 892.292 twarababwiye ubutumwa bwiza, abashika 411.593 barabwizera. Mubijanye n’amagara y’abantu twarubatse ibitaro , aho abantu bashika 102.410 twabafashije mubijanye n’ubuvuzi, abantu 3.360 turabaha amakarata y’ukwivurizako, 2.625 turabigisha ibijanye no kwiringira ingwara y’umugera wa Sida, Abigeme 3.243 turabaronsa udutambara bakoresha mubihe vyabo vy’ubutinyanka( serviette hygiénique). Nayo mubijanye n’iterambere rusangi naho twarubatse ishure, inzu zishika ku 4.830 z’abantu bafise amikoro make cane cane mu mugwi wa basangwabutaka twarazisanuye, ivyo vyose kubw’inguvu zugwaruka zashizwe hamwe.
Urwaruka rurashoboye ariko rufashijwe

Uwahoze ari umuyobozi wiryo shirahamwe Pasteur Manirakiza Onesphore, unomunsi akaba ariwe aramutswa inama nkuru, arashima Imana ku bikorwa vyaranguwe muri iyo myaka 25, iheze ariko kandi akavuga ko hari ibitari bike yize muri iyo myaka harimwo: “ubwizigigwa bw’Imana, ubushobozi bw’ugwaruka hamwe n’ubushobozi bw’iyerekwa.”
Umwanditsi Jim Collins we agira ati :” ubushozi bw’ugwaruka ni ikintu gihambaye cane kuko ibushakashatsi bwerekana ko ibintu vyinshi bihambaye bivumbugwa n’ugwaruka ruri hagati y’imyaka 17 gushika kuri 25.”
Nubwo urwaruka rufise ubwo bushobozi mubijanye n’ivumbura, Pasteur Onesphore yerekana ko umuntu atoca ajana na rwo mu gukora ivyo yiyumviriye vyose kuko haba harimwo ubuto n’ubumenyi buke.
Agira ati :” Amwe mu makosa twakoze nuko ivyiyumviro vyose twiyumvira twaca tubikora buno nyene tutiyumviriye neza ingene bizohera.“
Ivyo vyaragize ingaruka kw’ishirahamwe ryacu, kuko unomunsi turiko turarondera ingene twoha umurongo mwiza bimwe mu bikorwa twatanguye ariko tutiyumviriye neza iherezo ryavyo.
Arangiza agira ati: “Birasaba rero ko mukintu cose wegera abagukurira ukemera kwigishwa no gufashwa kugirango ivyiyumviro vyawe bigire umurongo mwiza kandi ushike kwihangiro bitavunanye.”
Abarundi barayamaze bati :”umutwe umwe wifasha gusara ntiwigira inama ”.


