Habuze iki ngo amashirahamwe rukristo akorera mu mashure akorere hamwe?
Neza na neza mu ikigo benshi bakunze kwita “mission swedoise”mu Kinindo i Bujumbura, Amashirahamwe Rukristo arenga cumi (10) akorera ibikorwa vy’ivugabutumwa mu mashure (écoles et universités) mu ntara ya Bujumbura, niho yahuriye yose kuri uyu wa 1 Munyonyo 2025 ku civugo: Ubumwe m’ubutandukane bwacu (unité dans la diversité).

Pasteur Kurunkunde Francois akurikirana ibikorwa vy’urunani rw’amashengero n’amashirahamwe rukristo “Burundi Mission Alliance” arinabo bahuje ayo mashirahamwe yose ati” Twabatumiye muri kino kibanza, kugira ngo m’ubutandukane bwacu tumenyane, hama dushire inguvu hamwe nkuko dusangiye igikorwa, uko niko n’Ijambo ry’Imana ridusaba kubana amahoro nk’abavukana, twoye kubona ko isi yaga (yakeshe) izohava itadukwira… ngo dutangure kwikatira umwe wese agapande akiwe nkuko abatumvira Imana bagira”.
Ubutandukane bwacu si intambamyi
Nayo Dr Emmanuel Ndikumana yatanze icirwa,yisunze ico civugo akaba yashimikiye kukwerekana ko naho dukora bimwe, ubutandukane bwobwo burahari,ngo yamara ntibukwiye kuba intambamyi ahubwo tubuvyaze umusaruro mukuryosha isi.
Akaba yasozereye asaba abitavye urwo ruganda kw’isuzuma ko ubumwe buri muribo,butariyo naho ngo bihane.

Abarongoye ayo mashirahamwe mu makomine bakaba baronse akaryo ko guhura bivanye nama komine bakoreramwo, bishura ibibazo bitandatu bahawe, ivyo rero ngo vyatumye bamenyana nkuko bavyiganye ngo ntibari bazinanyi. Bakaba baciye bagenda mw’ikomine umurwi wose ushizeho urubuga rwa bose rubahuza mu ntumbero yo gukomeza ubwo bumwe.
Umwe mubitavye urwo ruganda, Muhiziwintore Gédéon aserukira ishirahamwe EGBEBU muri Mukaza ati”jewe narinzi ko atarindi shirahamwe riri ngaha muri Mukaza,none ndarose abo tuzofatanya kuko ntabo narinzi.Mukamenya ko muri ico kiganiro havuzwemwo ikibazo c’amashirahamwe amwamwe ashitse mukarere akoreramwo adashaka uwundi muntu ajayo kandi bose bavuga ubutumwa. Bakaba basozereye bemeranije gukorera m’ubumwe n’urukundo.



