Muri buno buzima tubayemwo, hari igihe umuntu agira icifuzo c’umutima, ariko akibaza ingene azogishikako ndetse naho yokura imfashanyo.
Umwanditsi w’ikinyamakrur UMWUNGERE NEWS aratuyagira yishimikije uturorero two muri Bibiliya ukugene gusenga ari urupfunguruzo rw’imigisha nkuko vyagiye biba ku bantu benshi muri Bibiliya.
Mu buzima bwa gikirisitu, hari abantu benshi babonye ko gusenga atari igikorwa gusa, ahubwo ari urufunguruzo Imana yaduhaye kugira twugurure imiryango y’imigisha igihe ihuye n’ubugombe bwayo itari iy’abantu. Muri ukwo kwemeza ko ugusenga atari igikorwa gusa ahubwo ari urupfunguruzo rw’imigisaha yacu, turishimikiza uturorero tugaragara muri Bibiliya.
Amasengesho ya Hana aratwereka ko yamubereye urupfunguruzo
Hana (1 Samweli 1) ni umugore umwe w’Umuyisirayelikazi yahuye n’akarenganyo kadasanzwe. Yari ingumba, ariko mugenziwe Penina yari afise abana benshi. Hana yanyaruka mu rusengero, asenga n’amarira menshi
“Yagirizwa agahinda kenshi, asaba Imana ku mutima wiwe.” 1 Samweli 1:10-11
Yarasenze avuga amasezerano: “Numpa umwana w’umuhungu, nzomugutura”
Imana ntiyamumwimye: yamuhaye Samweli, umuvugishwa akomeye. Gusenga kwiwe kwuguruye umugisha utari uwo kubona umwana gusa, ahubwo n’uwo kuba nyina w’umukozi w’Imana.
Salomo nawe yasenze asaba ubwenge ariko Imana yaciye imuha vyonse
Salomo (1 Abami 3:5-14) na we ni ikindi gishingantahe Imana yaramubajije ati: “Saba ico ushaka nguhe.” Salomo ntiyasavye ubutunzi, canke ibindi, ahubwo yasavye ubwenge bwo gutunganiriza abantu b’Imana. Imana yamwishuye iti:“Ko utasavye ivy’isi, nzoguha ubwenge ndetse n’ubutunzi n’icubahiro.”Gusenga kwa Salomo kwatumye imigisha yose imugwako. N’ubu aracazwi nk’umwami w’ubwenge n’ubutunzi burenze.
Shadrake, Meshaki na Abedinego barasenze bibaviramwo kwubahwa i Bwami
Shadrake, Meshaki na Abedinego (Daniyeli 3) nabo barageragejwe. Bahisemwo gusenga Imana y’ukuri aho gusenga igishusho. Ntibatevye guhanwa, baratererwa mw’ itanure ryaka umuriro. Ariko Imana yohereje umumarayika wo kubarinda nkuko tubisoma mu gitabo ca Daniel 3:25 “Nabonye abantu bane bagendagenda hagati y’umuriro, kandi nta n’umwe yafashwe n’ico kindi. Uwo wa kane asa n’umwana w’Imana.”
Abo basore basenze Imana mu kwizera, kandi gusenga kwabo kwuguruye umugisha wo gukingirwa, no kugira ububasha n’icubahiro imbere y’abami.
Musomyi ubwo nawe gusenga woba ubibona nk’ urufunguruzo rw’imigisha ?