Gospel-Rwanda: Album nshasha ya Israël Mbonyicambu harimwo umudiho wama piano

“Ninasiri” niyondirimbo Israël Mbonyicambu yinjiriyeko muri concert yiwe yo gushira ahagaragara Album nshasha igizwe n’indirimbo 14, m’urukurikirane rw’indirimbo rugira gatanu yise “Hope”.
Nayo isaha imwe yijoro (19h), Niho y’agaragara kurutambiro(Stage),yakirwa n’abakunzi biwe harimwo abo basangiye umwuga aribo baririmvyi baho m’Urwanda n’abandi bakozi b’Imana batandukanye.
Ico gikorwa co gufata amashusho y’indirimbo zigize Album yiwe ya Gatanu yise “Hope” cabereye mu #Intare_Conference_Arena, kuri iyu wamungu, igenekerezo5 Gitugutu(Ukwakira) 2025.
Gishasha muriyo Album:

Israël Mbonyicambu yashikirije ko iyo Album izoba igizwe n’indirimbo zo m’ururimi rw’ikinyarwanda, Icongereza hamwe ni igiswahili,vyaranavuzwe ko muri iyo Album harimwo iziri m’umudiho wama piano, kubwiwe abona ko gusohora indirimbo ziri mundimi zitandukanye bizotuma umugabane munini wa Afirika nuwaburayi uronka bumwe m’ubutumwa buciye mundirimbo.
Ikindi mwomenya,n’uko abenshi bahanahaye utu reresi ariko aratamba yambaye imyambaro benshi mu Rwanda bita imishanana,ivyo benshi batari bamumenyereyeko.


