Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeAbanditsi n'abaririmvyiGospel-Burundi:Deep in Worship Room édition ya 3 yageze

Gospel-Burundi:Deep in Worship Room édition ya 3 yageze

Kwigenekerezo rya 9 Gitugutu 2025, Ikinyamakuru umwungere news carakiriye umuririmvyi mpimbazamana Don Guylain baganira kubijanye n’indirimbo mpimbazamana (gospel) mu Burundi,anamenyesha igiteramo afise vuba.

Don Guylain asanzwe abarizwa mw’ishengero rya Amazing Miracles Church rirongowe n’umwungere Edmond Nkengututse, yatumenyesheje ko uretse no kuririmba asanzwe ari n’umucuraranzi w’ivyuma vy’umuzika (instruments musicaux) birenga bitatu(3),ngo yamara akunda cane Guitare basse🎸.

Muri ico kiganiro Don Guylain yaravuze akamaro k’umu pasitori mugikorwa ciwe co kuririmba, aho yagiriyeko yerekana uruhara rw’ishengero ku muririmvyi ariko aratera imbere. Nayo kukijanye nuko hari abaririmvyi usanga batariko barahuza n’abapasitori babo,asaba bagenziwe basangiye igikorwa co guhimbaza no gutazira Imana, ko bosenga cane bakicisha bugufi imbere y’abungere babo no mu gihe baba barateye imbere. Yamara uwo muririmvyi ntahakana ko bishika hakabaho abarongonzi batorohereza abaririmvyi bariko baratera imbere.

Umuririmvyi Don Guylain

🎧Don Guylain afise indirimbo zingahe?

Mu ndirimbo zitandatu 6 zose afise, zitatu 3 ziramaze kuboneka muburyo bw’amajwi(audio) nayo indirimbo …Umetukuka,” ngo yitezwe mu minsi yavuba. Uwomuririmvyi yijeje abakunzi biwe ko vuba Imana imufashije zizoba zifise amasanamu.

Ku kibazo c’uko indirimbo amaze gusohora yoba yabifashijwemwo na “management” canke ivyo benshi bita Label, yavuzeko wewe atayo afise uretse ishengero rimushigikira.

Don Guylain asanzwe avuza instrument zirenga 4

Mugusozera yaratumiye abantu bose kuza kwifadikanya nawe mu guhimbaza no gutazira Imana mu giteramo ciwe citiriwe Deep in Worship Room édition ya 3. Ico giteramo gitegekanijwe kuba kuwa 26 Gitugutu 2025, mu kibanza c’ishengero Amazing Miracles Church (AMC) riri mu Ngagara quartier y’icenda(Q9) isaha cumi n’igice z’umuhingamo (16h30).

Amakuru yose ajanye n’igiteramo Deep Worship Room, umuririmvyi Don Guylain yayavugiye mu kiganiro yagiranye n’umwungere TV mushobora kugisanga kuri Youtube ya Umwungere TV.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments