Charlie Kirk, Umunyamerika w’umunyapolitike, azwi cane nk’Umuyobozi w’Ishirahamwe Turning Point USA (TPUSA) akaba azwi kandi nk’Umwanditsi no mu kuvugira imbere y’abantu nko mu mashengero, mu mashure no muri za kaminuza mu guteza imbere indangagaciro z’umukristo n’iz’urwaruka. Mu nyuma yuko yishwe kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2025, Ikinyamakuru Umwungere News twagomba kuvuga uko ibirori vyo kumusezerana iteka vyagenze.

Hari ku munsi w’Imana kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga 2025 mu kibuga citiriwe State Farm Stadium i Glendale muri Arizona aho abantu barenga ibihumbi mirongo itandatu na bitanu (65 000) bari bitabiriye ibirori vyo gusezerana iteka Charlie Kirk.
Muri ivyo birori Charlie Kirk yagiye afatwa kenshi mu majambo nk’uwapfuye azira ukwizera kwiwe (Martyr) kubw’amajambo yiwe yafatanya politike n’ukwemera kwa gikristo.
Hari amwe mu majambo yasize avuze imbere yuko apfa, twovuga nk’aya : “Yesu azotsinda urupfu namwe muzobaho” (ijambo yavuze iminsi ine imbere y’uko apfa), ayandi ni: “Ngomba kuzokwibukwa ko nagize umwete muguhagararira ukwizera kwanje”.
Mu birori vyo kumusezerana iteka, abategetsi n’abarongozi batandukanye bari bavyitabiriye
Ibisa n’ibi:
Ngaya amwe mu majambo yavuzwe na bamwe mu bari bitabiriye ivyo birori
James David Vance, icegera c’Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yavuze ati: “Wa mwicanyi mubi yatwambuye Charlie Kirk, yari yiteze ko uno musi tuzoba dufise ikiriyo. Ariko aho kubaho gutyo, ncuti zanje, twagize ikanguro ryabereye mu guha icubahiro Charlie Kirk n’Umwami wiwe Yesu Kristo.”
Stephen Miller, Icegera c’Umukuru w’uburongozi bwa Trump, yavuze ati: “Twebwe turi igihuhusi, kandi abansi bacu ntibashobora gutahura inkomezi zacu, ukwiyemeza kwacu, umwete wacu n’ishaka dufise.
Umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, yerekanye atandukanye na Charlie Kirk, aho yavuze ati: “Charlie Kirk yari umuntu afise umutima mwiza kandi afise intumbero ikomeye y’ubuzima.
Ntiyigeze yanka abansi biwe, ahubwo yipfuza ivyiza kuri bo.
Aho niho ntandukaniye na Charlie; Jewe ndanka abansi banje, kandi sinipfuza ivyiza kuri bo. Mumbabarire.”
Soma n’ibi:
Igikorane co kubohoka categuwe n’ishengero Eglise du Rocher i Bujumbura
Muri ivyo birori, Pastor Rob MacCoy, Umwungere w’umuhisi mw’Ishengero yasengeramwo, yavuze ati: “Charlie Kirk ndamwita incuti; Nari kumwe nawe muri Koreya indwi zibiri ziheze, aho yariko arafasha abakristo bahamwe n’amashengero, maze ayaga n’urwaruka rwaho”
Ibirori biriko birarangira Erika Kirk, Uwahoze ari umugore wa Charlie Kirk yamenyesheje ko ababariye umwicanyi.
Charlie Kirk yarangije urugendo rwiwe rwo gukangura imitima n’ivyiyumviro vya benshi mu majambo no mu bikorwa, yar’afise abamukunda n’abamwanka, ariko ntivyamuciye intege kugeza ku mpwemu ziwe za nyuma.
Musomyi mbega nawe hari ico uzosiga ciza mu mitima y’abantu kizosigara kiravugisha benshi utagihari?
GLS-Bujumbura : Uruganda rw’uburongozi (Global Leadership Summit GLS) rwageze