Nkuko vyama, mu mpera z’umwaka ishengero Life Center ryama ritunganya Ibihe bidasanzwe vyo kwiyegereza Imana mu gusenga.
Uyu mwaka, Ishengero Life Center ryo Mu gihugu c’ ububirigi mu gisagara ca Bruxelles riri kw’ ibarabara rya 54 ryitiriwe Rue Birmingham, ryaratunganije amakesha adasanzwe yo gusenga kw’igenekerezo rya 26 Nyakanga 2025. Ibikorwa bikazotangura kuva igihe c’isaha zine z’ijoro gushika isaha cumi na zibiri z’agatondo ( 22h00-6h00).
Ivyo bihe bidasanzwe bizoremeshwa n’Umwungere Mukuru w’ ishengero Life Center, Marc Kagisye .
Nk’uko yama yagize urugendo muri ico gihugu mu ntumbero yo gutera intege iryo shengero, Marc Kagisye amaze igihe ari muri ico gihugu.
Ivyo biri uko mugihe ishengero Life Center Burundi naryo ryatunganije nkuko vyama indwi yo gusenga mu kurangiza ukwezi kwa Nyakanga, kuva kw’igenekerezo rya 29 Nyakanga 2025 gushika kw’igenekerezo rya 3 gitugutu 2025.
Ayo masengesho azohora aba kuva isaha cumi na zibiri gushika isaha imwe z’agatondo (6h00-7h00), isaha zitandatu gushika isaha umunani z’umuhingamo (12h00-14h00) n’isaha cumi n’imwe n’igice gushika isaha imwe y’ijoro (17h30-19h00).
Soma n’ibi: