Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeBurundiApôtre King Dieudonné: Yatangaje Urugendo rwo gukoresha ibikorane i Maurice no kuraba...

Apôtre King Dieudonné: Yatangaje Urugendo rwo gukoresha ibikorane i Maurice no kuraba uburyo bwo gufasha abarondera amahirwe mu mahanga

Ku ncuro yiwe yambere, Umukozi w’Imana Apôtre King Dieudonné, arongoye Ishengero Tongues Generation Church riri mu Ngagara, agiye gukora ibikorane mu Kizinga Maurice (Île Maurice). Ivyo yabimenyesheje ku rubuga rwiwe rwa facebook, kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo 2025, aho avuga ko ubu vyamaze kwemezwa neza.

Aho ni mu gihe haheze iminsi indwi, kw’igenekerezo rya 7 Munyonyo 2025, Apôtre King Dieudonne, yanditse ku rubuga rwiwe rwa facebook, avuga ko yumva agomba kuja i Maurice gukorayo ibikorane ngo benshi bakizwe.

Ivyo bikorane bizoba kuva kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo gushika igenekerezo rya 7 Kigarama 2025. Aho azoba yakiriwe n’Umukozi w’Imana Pastor Gaitana Okanna. Maze ivyo ibikorane bikazobera kw’ibarabara Berthaud Street.

Apôtre King Dieudonné azomara iminsi indwi muri Ile Maurice

Mu majambo Apôtre yavuze amenyesha ivy’urwo rugendo mvugabutumwa rwiwe, yarongeye avuga ko azoca araba ko hoboneka inzira ku barondera amahirwe yo kuja mu mahanga, kubwo gutegura ejo heza.

Iryo jambo yaherejeko avuga ko azoca araba ko hobonekayo inzira, ryaravugishije abatari bake, cane cane abasanzwe bamuzi ku rundi ruhande benshi bashobora kuba batamuziko.

Apôtre King Dieudonné, hambavu y’uko asanzwe ari umuvugabutumwa, asanzwe akora n’akazi (Business) ko kurungika abarondera kuja mu mahanga kubwo gutegura ejo heza habo,  mu bisagara bitandukanye vyo mu makungu, aha twovuga nka Dubai n’ahandi.

Mu kwezi kwa Gitugutu 2025, yaragize urugendo muri Quatar, Dubai n’ahandi, aho agenda aho agenda avugana n’amashirahamwe ajejwe gutumako no kwakira abakozi ndetse n’amahinguriro atandukanye. Akivayo yaramenyesheje ko vuba agiye gutegura urugendo rwo kuja muri Koweit na Jordany.

Gitugutu 2025, Apôtre King Dieudonné agiye gufata indege agenda kwiga ivy’inzira z’amahanga
Aha yari atahutse avuye Quatar na Dubai kwiga ikibazo co kurungika abaja mw’ivyo bihugu.

Kubw’iyo mvo, abatari bake bakibona atangaje ku rubuga rwiwe rwa facebook, ko agomba kuja muri Île Maurice, akongera akabaza ko hoba abarundi bariyo; kuvuga ko azoca araba ko ico gihugu cobonekamwo inzira z’abaronderera ejo heza mu mahanga, ivyo vyaravugishije abatari bake.

Bamwe batanguye kumwitumira ko yoraba ko hariyo amaronderero y’ubuzima. Abandi bamushimira ukuntu asanzwe abafasha mu vyo kuja mu mahanga. Abandi nabo bakamutera intege ukuntu ashishikara guhembura abantu bashonje ijambo ry’Imana.

Apôtre King Dieudonné ariko yigisha ijambo ry’Imana

 

Ari mu bihugu vyo mu makungu, mu kazi akora ko kurungika abaja kurondera ejo heza mu mahanga

Uwitwa Bashirahishize Augustin yarashigikiye King Dieudonné, kuba azoba atagiye kuvuga ubutumwa ngw’abantu baho bakizwe gusa, ahubwo ko azoba agiye no kurabira abarundi ko hobayo inzira. Mu majambo yiwe, yagize ati : “Ako kantu ko kuraba ko hahita, ndagashigikiye, niwavayo, uzoze uduha amakuru”

Ebely Santana, we yavuze ko azoba abafashije hamwe yobamenyera ko hahita, ariko avuga y’uko kandi atoshira umutima cane kuri ivyo, ahubwo ko yovuga cane cane ubutumwa bwiza. Aya n’amwe mu majambo Ebely Santana yavuze: “ Cane cane dukeneye kumenya ko hahita, ariko ubutumwa bwiza bw’Imana imbere”

Mu gihe bamwe bamutera intege ko akwiye gushishikara mu butumwa bwiza, abandi baramushimira kuba abafasha cane kugera Dubai neza.

Musomyi, mbega nawe witeze iki kuri uru rugendo rw’ivugabutumwa rwa Apôtre King Dieudonné?

 

 

 

 

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments