Maandag, Julie 7, 2025
spot_img
HomeBurundiAbepiskopi n’uburenganzira bwo kuvuga ku matora: Bibiliya ivuga iki ?

Abepiskopi n’uburenganzira bwo kuvuga ku matora: Bibiliya ivuga iki ?

Mugihe kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 13 Ruheshi 2025, inama nkuru y’abepiskopi Katolika b’i Burundi yasohoye itangazo ryerekana aho bahagaze ku vyaranze amatora y’abashingamateka n’abajenema b’amakomine yabaye ku wa 5 Ruheshi 2025, ivyo bashikirije muri iryo tangazo ntibiriko birahurizwako na bose. Hari ababona ko bari bakwiriye kwirinda kuvuga ku bibazo vyagiye biribonekeza mu matora kugira ngo bazigame ubumwe bw’igihugu. Ariko abandi, bakabona ko ubutumwa bwabo bwa gikirisitu bubasaba kuvuga ukuri naho kwoshobora kubabaza bamwe.

Uravye ubutumwa buri muri iryo tangazo, harimwo ivyo bashikirije bavuga ko bitagenze neza ariko urabona ko bashimikiye cane ku bijanye no gutsimbataza indangagaciro zijanye no kuvuga ukuri, ubutungane hamwe n’urukundo mu kibano.

Bagira bati: “Kwubakira ku kuri, ku butungane, ku rukundo n’amahoro nivyo bituma haba umwizero wo gushika ku matora atagira akanenge.”

None iyo hageze muri ibi bihe vy’amatora, abakristo bokwitwara gute? Mbega Bibiliya ivuga iki kuvyerekeye amatora? Inyishu ni muri iyi nkuru twabateguriye muri iki kinyamakuru cacu Umwungere News.

Naho amatora uko atunganywa uno musi tutabibona muri Bibiliya uko nyene, hariho ivyo Bibiliya itwereka nk’ingingo zisunga Bibiliya zishobora gufasha abantu mu matora, mu guhitamwo abarongozi no kuba umuntu abazwa ivy’igihugu.

“Ico abantu bakwiye kumenya nuko Imana iguma yigenga no mu bihe vy’amatora (…kuko ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana. Abaroma 13:1)” — Pasteur Oswald Nshimirimana.

Nk’uko uwo mukozi w’Imana asanzwe ari mu batanga ivyirwa vy’uburongozi abivuga, ngo uwo murongo urerekana neza ko Imana yemera ko habaho abaganza n’ubwo baba batowe n’abantu.
Abona ko amatora ari kimwe mu bigize ubwigenge bw’Imana.

Abandanya agira ati:— “Uko vyoba kose Imana iguma yigenga, irafise ububasha ku bantu bose n’abaganza kuko irashigikiye ko habaho abaganza. Nico gituma bihambaye gose ko umukristo aguma yizigiye uko kwigenga kw’Imana mu bintu vyose bibaye Kandi ari nayo mpamvu ihambaye yo guhitamwo abarongozi babereye iyo hageze gutora.”

None ubutumwa bw’abepiskopi twokuramwo iki?

Iyo dusomye ijambo ry’Imana mu gitabo co Kuvayo 18:21, Yetiro yahanuye Mose guhitamwo abarongozi yisunze uko bameze mu buzima bwabo. (— Ikindi, utoranye mu bantu bose abashoboye guca imanza, bubaha Imana, b’abanyakuri, banka ingurire; uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi-igihumbi, abandi ijana-ijana, abandi mirongwitanu-itanu, abandi cumi-cumi.)

Rero ibi birahambaye cane n’uno musi hageze guhitamwo abaganza, abakristo bakeneye gushigikira abarongozi bubaha Imana, bashira imbere ubutungane.

Read also: https://umwungere.com/kumenya-umwungere-news-urubuga-ruyobora-nkumwungere/ 

Ubutungane no kuba umunyakuri birahambaye gose mu burongozi

Umwami Salomo mu gitabo yanditse c’Imigani agira ati : “Iy’ abagororotsi bagwiriye, abantu baranezerwa, Arikw iy’ umunyakibi aganza, abantu baraniha.” (— Imigani 29:2)

Uwo murongo uratwereka akamaro ko gutora abarongozi bagororotse, b’abanyakuri. Rero Abakristo ntibakwiye kwibagira gusengera abaganza.

Intumwa Paulo nayo nyene yarandikiye Timoteyo amusaba gusengera abaganza no kutirengagiza ivy’igihugu ciwe (1 Timoteyo 2:1-2). Ivyo bisigura ko yaba uwatowe canke uwashizweho mu bundi buryo akwiriye gusengerwa kugirango amahoro n’ubutungane bisasagare.

Ibi rero vyerekana ivyo umukristo asabwa, mugabo kandi n’ivyo gutora birajamwo canke kugira uruhara mu buzima bw’igihugu nk’uko amategeko abitegekanya mu gihugu.

Aha rero ntakeka ko gutora, kwubaha amategeko, gutsimbataza amahoro,…ari bimwe mu bituma Imana ihabwa icubahiro igihe bikozwe mu bugororotsi. Ikindi n’uko abakristo bahamagarirwa gushishikara baba umuco kandi ihinduka ry’ukuri rigahera mu mitima yabo.

Ico mwomenya kandi n’uko igikorwa c’abakristo kibandanya imbere y’amatora, mu matora n’inyuma y’amatora kandi ntigihinduka: — Kwamamaza ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo, gukunda mugenzawe no kubaho werekana uburanga bw’ubwami bw’Imana hano mw’isi.

Musomyi, weho wakiriye gute ivyashikirijwe n’inama nkuru y’abepiskopi Katolika?

Read also: https://umwungere.com/pasteur-lopez-nininahazwe-yahishuye-ibanga-ryo-gukora-ibikorwa-bishimwa-nimana-nabantu/ 

Ndayikeza Pascal
Ndayikeza Pascalhttps://muckrack.com/ndayikeza-pascal
Pascal Ndayikeza ni umumenyeshamakuru w’Umurundi yatanguye umwuga wiwe muri 2022, akorera RegionWeek. Yarahawe inyigisho zikwiye zijanye n’ivyo kumenyeshamakuru, aho yigishijwe ubuhinga bwo gutohoza no gutangaza inkuru zijanye na politike, intwaro ibereye, ubutungane, ubutunzi, demokarasi, iyobokamana, n’umutekano mu Burundi no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Yaranongereje ubumenyi mu bijanye no kwihweza no gusuzuma ukuri kw’inkuru (fact-checking) biciye mu nyigisho za Code for Africa mu gisata cayo ca PesaCheck. Pascal azwi cane nk’umusore yitaho ukuri, afise ubumenyi buhanitse n’ugukunda igihugu biciye mu mwuga wiwe.
RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments