Donderdag, Oktober 2, 2025
spot_img
HomeIbindiAbarongonzi b'amashengero rukristo i Londres baranebaguye uko ibimenyetso vya gikristo vyakoreshejwe mw'ihuriro...

Abarongonzi b’amashengero rukristo i Londres baranebaguye uko ibimenyetso vya gikristo vyakoreshejwe mw’ihuriro Unite the kingdom

 

Kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga 2025 i Londres mu gihugu c’Ubwongereza , harabaye ihuriro rikomeye ryitwa “Unite the kingdom” ryari ryateguwe n’umunyepolitike azwi cane Tommy Robinson aho intumbero nyamukuru yiryo huriro yari iyo gukingira ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro ( défendre la liberté d’expression).

Muri iryo huriro ,hari abaje bambaye imisaraba abandi mumvugo zabo bakoresha amajambo rukristo ivyo bikaba bitakiriwe neza n’abarongozi b’amashengero rukristo aho bavuga ko ari ugukoresha nabi ukwemera kwa gikristo. Kubwabo , bavuga ko umusaraba utokwinjizwa muvya politike canke mu bikorwa vy’urwanko .

Imyifato y’amashengero rukristo kuvyibonekeje i Londres muri” Unite the kingdom”

 

Kuwa 21 Nyakanga 2025 , abarongozi benshi b’ukwemera kwa gikristo bava mu mashengero atandukanye nka Baptiste, Méthodiste, Pentecôtes, Anglicane n’ayandi…. barasohoye itangazo rimwe rihuza bose aho bavuga bati :

Ego, abantu benshi baba bashaka kugaragaza umubabaro canke ivyo batishimira muri demokarasi,ariko iryo huriro ryerekanye Kandi ingeso z’imvangura rifatiye k’urukoba hamwe n’urwanko kuba isilamu . Kubwabo , gukoresha ukwizera kwa gikristo kugira bacurire canke banke abandi ni ikintu kitemewe .

Mbega umusaraba usiguye iki mu kwizera kwa gikristo ?

Abarongozi bayo mashengero i Londres , barongera kandi berekana ukuntuu umusaraba ari ikintu gikomeye cane mu kwizera kwa gikristo aho bavuga ko :

Umusaraba atari urwanko ahubwoo werekana urukundo n’ukwitanga kandi ko ubutumwa bwa Yesu kristo bushingiye k’ urukundo, imbabazi no kwicisha bugufi .

  1. Abo barongozi b’amashengero rukristo rero, baratera cane akamo abakristo hamwe n’abenegihugu bose b’i Bwongereza kwubaka ikibano gihurikiyemwo bose kandi cakira bose.
RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments