Kaminuza y’iyobokamana iri mu gihugu ca Kenya i Nairobi (Africa international University ) yategekanyije gutanga inyigisho kuba pasitori bashika ibihumbi amajana abiri (200 000) muri Afrika mu myaka itanu iri imbere ibifashijwemwo n’ishirahamwe ryo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika (Church transformation Network CTN) risanzwe rifise uburambe mu gutanga inyigisho kuba pasitori hamwe n’abigisha b’Ijambo ry’ Imana; izo nyigisho zitunganijwe mu ntumbero yo kugabanura amakosa n’ibibazo mu mashengero yo muri Afrika.
Ihangiro nyamukuru ry’uwo mugambi nuko muri Afrika hariko hiyongera cane amashengero y’ivugabutumwa ariko abapasitori benshi bakaba batararonka inyigisho zemewe, ivyo bigatuma haba amakosa mu nyigisho canke mu buyubozi bw’amashengero. Akarorero mu mwaka wa 2018 , Reta y’ U Rwanda yarugaye amashengero ashika 9000 kubera ko abarongozi bayo mashengero batari bafise inyigisho za Théologie canke kaminuza ; uwo mugambi rero ugamije gukosora ivyo vyose .
Umuvuduko w’ivugabutumwa muri Afrika woba wifashe gute ?
Nk’uko Nelson Makanda uwahoze ari umupasitori w’ishengero Baptiste rya Nairobi yabaye kandi umunyamabanga mukuru w’inama nkuru y’amashengero muri Kenya, ubu akaba ari umurongozi mukuru wa kaminuza Africa International University abisobanura :
Ivugabutumwa muri Afrika ryarateye imbere ivyo bikaba vyatumwe nuko ibikorwa vyinshi k’umugabane wa Afrika usanga birimwo abamisiyoneri bo muri Amerika, bigatumwa kandi n’irwirirana ry’urwaruka hamwe n’ubukene n’imibabaro.
Amakuru yatangajwe na Seminari ya Théologie ya Gordon Conwell yerekana ko igitigiri c’abavugabutumwa ciyongereye kw’isi kuva ku miliyoni 112 mu mwaka wa 1970 kugera ku miliyoni 386 mu mwaka wa 2020. Ukwiyongera kw’ivugabutumwa muri Afrika kwabaye kunini cane aho mu mwaka wa 1900 abiyita abavugabutumwa bari hafi ibice 1,7% ariko mu mwaka wa 2020 bari bageze hafi ibice 42%.Abashakashatsi bavuga ko ivyo bibandanije uko, abanyafrika bazoba barenga kimwe ca kabiri c’ivugabutumwa kw’isi mu mwaka wa 2050.
Intumbero n’inyungu z’uwo mugambi
Kaminuza Africa International University ifadikanije n’ishirahamwe Church Transformation Network yipfuza ko abapasitori baronswa inyigisho zinoze (ivy’iyobokamana, n’uburongozi), kugira ngo hirindwe amakosa aturuka ku kutamenya neza ivyanditswe vyera. Iyo kaminuza ibicishije muri uwo mugambi ije Kugabanura ubukene bw’abapasitori kubera ko amashengero mashasha avuka ku bwinshi, aho haca hibonekeza ubusumbasumbane hagati y’igitigiri c’amashengero n’abapasitori. Ivyo bica vyerekana ko amashengero y’ivugabutumwa muri Afrika ariko yerekeza k’urwego rwo gutunganwa neza, no kugira amategeko ayagenga.
Uwo mugambi rero wo kwigisha abapasitori mu kubaha ubumenyi bubereye kandi bukwiriye ni ingira kamaro, kuko uje nk’inyishu ku bibazo bitandukanye bihanze ishengero muri Afrika, aho abapasitori bazoba bafise ubumenyi buhagije kugira ngo bafashe gukura kw’ishengero muri Afrika hamwe no gutanga inyigisho zuzuye kandi zemewe. Kandi kubw’uwo mugambi ushobora gutuma amashengero aronka icubahiro kinini n’ijambo mu bijanye n’ivy’amasengesho, mu buzima bw’abantu, ndetse no mu bijanye n’ivy’igihugu.
Mwomenya ko gushika ubu abakristu bashikika 65000 aribo bamaze kwitabira izo nyigisho kandi ico gikorwa kikaba kiriko caguka mu bihugu bitandukanye vya Afrika,Thailand hamwe n’Ubuhindi .


