Saterdag, November 22, 2025
spot_img
HomeIshengeroAbapasitori 200 000 nibo bagiye guhabwa inyigisho mu myaka 5 iri imbere...

Abapasitori 200 000 nibo bagiye guhabwa inyigisho mu myaka 5 iri imbere muri Afrika

Kaminuza y’iyobokamana iri mu gihugu ca Kenya i Nairobi (Africa international  University ) yategekanyije gutanga inyigisho kuba pasitori  bashika ibihumbi amajana abiri (200 000) muri Afrika mu myaka itanu iri imbere ibifashijwemwo n’ishirahamwe ryo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika (Church transformation Network CTN) risanzwe rifise uburambe mu gutanga inyigisho  kuba pasitori  hamwe n’abigisha b’Ijambo ry’ Imana;  izo nyigisho zitunganijwe mu ntumbero yo kugabanura amakosa n’ibibazo  mu mashengero yo  muri Afrika.

Ihangiro nyamukuru ry’uwo  mugambi nuko muri Afrika hariko hiyongera cane amashengero y’ivugabutumwa  ariko abapasitori benshi bakaba  batararonka  inyigisho  zemewe, ivyo  bigatuma haba amakosa mu nyigisho   canke mu buyubozi bw’amashengero. Akarorero  mu mwaka wa 2018 , Reta y’ U Rwanda yarugaye amashengero ashika 9000 kubera ko abarongozi bayo mashengero batari bafise inyigisho za Théologie canke kaminuza ; uwo mugambi rero ugamije gukosora ivyo vyose .

Umuvuduko w’ivugabutumwa muri Afrika woba wifashe gute ?

Nk’uko Nelson Makanda uwahoze ari umupasitori  w’ishengero Baptiste rya Nairobi  yabaye kandi umunyamabanga mukuru  w’inama nkuru y’amashengero  muri Kenya, ubu akaba ari umurongozi  mukuru wa kaminuza  Africa International University abisobanura :

Ivugabutumwa muri Afrika ryarateye imbere ivyo bikaba vyatumwe nuko ibikorwa vyinshi k’umugabane wa Afrika usanga birimwo abamisiyoneri bo muri Amerika, bigatumwa kandi n’irwirirana ry’urwaruka hamwe n’ubukene n’imibabaro.

Amakuru yatangajwe na Seminari ya Théologie  ya Gordon Conwell yerekana  ko igitigiri c’abavugabutumwa  ciyongereye kw’isi  kuva ku miliyoni 112 mu mwaka wa 1970 kugera ku miliyoni 386 mu mwaka wa 2020. Ukwiyongera kw’ivugabutumwa muri Afrika kwabaye kunini cane aho mu mwaka wa 1900 abiyita abavugabutumwa bari  hafi ibice 1,7% ariko mu mwaka wa 2020 bari bageze hafi ibice 42%.Abashakashatsi bavuga ko  ivyo bibandanije uko, abanyafrika  bazoba barenga kimwe ca kabiri  c’ivugabutumwa kw’isi mu mwaka wa 2050.

Intumbero n’inyungu z’uwo mugambi

Kaminuza Africa International University ifadikanije n’ishirahamwe Church Transformation Network  yipfuza ko abapasitori baronswa inyigisho zinoze (ivy’iyobokamana, n’uburongozi), kugira ngo hirindwe amakosa aturuka ku kutamenya neza ivyanditswe vyera. Iyo kaminuza ibicishije muri uwo mugambi ije Kugabanura ubukene bw’abapasitori  kubera ko amashengero mashasha avuka ku bwinshi, aho  haca hibonekeza ubusumbasumbane hagati y’igitigiri c’amashengero n’abapasitori. Ivyo bica  vyerekana ko amashengero y’ivugabutumwa muri Afrika ariko yerekeza  k’urwego rwo gutunganwa neza, no kugira amategeko ayagenga.

Uwo mugambi rero wo kwigisha  abapasitori mu kubaha ubumenyi bubereye kandi bukwiriye  ni ingira kamaro, kuko uje nk’inyishu ku bibazo bitandukanye bihanze ishengero muri Afrika, aho  abapasitori bazoba bafise ubumenyi buhagije kugira ngo bafashe gukura kw’ishengero muri Afrika hamwe no gutanga inyigisho zuzuye kandi zemewe.  Kandi kubw’uwo mugambi ushobora gutuma  amashengero aronka icubahiro kinini n’ijambo mu bijanye n’ivy’amasengesho, mu buzima bw’abantu, ndetse no mu bijanye n’ivy’igihugu.

Mwomenya ko gushika ubu abakristu bashikika 65000 aribo bamaze kwitabira izo nyigisho  kandi ico gikorwa kikaba kiriko caguka mu bihugu bitandukanye vya Afrika,Thailand hamwe n’Ubuhindi .

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments