Saterdag, Oktober 4, 2025
spot_img
HomeIshengeroAbantu 36 baritavye Imana abandi 200 barakomereka cane mw'isanganya ryabereye mu rusengero...

Abantu 36 baritavye Imana abandi 200 barakomereka cane mw’isanganya ryabereye mu rusengero rwa Menjar Shenkora Arerti Mariam muri Etiyopiya

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 01 Gitugutu 2025, muri Etiyopiya mu rusengero ruri i Arerti kubirometero 70Km mu buseruko bw’igisagara ca Addis Abeba mu ntara ya Amhara, harabaye isanganya ryatewe n’isenyuka ry’urusenge rw’inkingi z’ibiti mu nyubako z’urusengero rwitwa Menjar Shenkora Arerti Mariam .


Iryo sanganya ryabaye neza na neza igihe c’isaha imwe n’iminota mirongwine n’itanu (7h45) z’agatondo, bikaba vyahuriranye nuko hari abantu benshi bari baje gusenga; aho 36 bahasize ubuzima abarenga 200 nabo barakomereka cane. Abakomeretse baciye bajanywa kuvurirwa kw’ivuriro ry’i Arerti abandi nabo bajanywa mu bitaro bifise ibikoresho bihagije mu gisagara ca Addis Abeba . Ivyo bikaba vyashikirijwe n’ikimenyeshamakuru ca Reta FBC(Fana Broadcasting Corporate). Ariko imbere yico cegeranyo hari ikindi cegeranyo cari cashikirijwe ubwambere n’ikindi kimenyeshamakuru ca Reta aho ibitigiri vy’abantu 22 ari abari bamaze kwitaba Imana abakomeretse nabo bakaba bari 55 .

Ku rubuga rwa Facebook rwa EBC (Televiziyo nkuru y’igihigu ca Etiyopiya) naho, hari amasanamu yerekana imbere y’uko urwo rusenge rw’inkingi z’ibiti rusenyuka hamwe n’inyuma yaho rwamaze gusenyuka aho haboneka amasanamu y’ abantu benshi bariko bagerageza gutabara abo urwo rusenge rwaguyeko.

Ubutegetsi bw’i gihugu ca Etiyopiya bubivugako iki?

Reta ya Etiyopiya ibicishije mu bimenyeshamakuru vyayo, yarihanganishije imiryango yose yakozweko n’iryo sanganya yongera kandi ivuga ko umutekano ukwiye kuza imbere mu migambi y’inyubako.

Abategetsi bo kurwego rw’intara harimwo n’umurongozi wa karere hamwe n’igiporisi bavuze ko bazotangura gukora amatohoza kugira bamenye uwufise ico abazwa , cane cane mubijanye n’ukuntu urusenge rwari rwakozwe.

Ahmed Gebeyehu umurongonzi w’igiporisi murako karere yavuze ko urwo rusenge rwoba rwaguye kubera uburemere bw’abantu benshi bari hejuru yarwo kandi ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera.Ivyo vyerekana ko mu matohoza bazoraba ko ari ubwinshi bw’abantu bwoba bwatumye urwo rusenge rusenyuka.

 Abarongozi b’amashengero muri Etiyopiya nabo baragize ico bashikiriza inyuma y’iryo sanganya

Umurongozi mukuru wa diyoseze ya Addis Abeba akaba n’umukuru w’inama y’Abepiskopi baba katolika muri Etiyopiya, yavuze ko ishengero Katolika ribabajwe cane n’ico cago cashikiye ishengero rya Orthodox muri Etiyopiya. Yarongeye kandi avuga ko katolika ya Etiyopiya iremesha iryo shengero hamwe n’imiryango yabuze ababo muri iyo mpanuka.Yongera abababwira ko ishengero katolika ririkumwe n’abo muri ivyo bihe bigoye barimwo kandi ko bakomeza kubasabira.

Abarongozi b’ishengero Orthodox muri Etiyopiya nabo nyene bavuze ko babajwe cane n’iryo sanganya, aho basaba ko umutekano w’ibibanza vyo gusengeramwo wokwihwezwa neza bongera kandi basaba n’intererano y’amasengesho muri ivyo bihe bitoroshe barimwo.

Mwomenya ko akarere Arerti kari mu ntara ya Amhara iyakabiri mu ntara zifise abantu benshi muri Etiyopiya kandi ko igitigiri kinini cabagize iyo ntara ari abakristo b’ishengero Orthodoxe. Ishengero rya Orthodox ry’i Etiyopiya ni rimwe mu mashengero ya kera cane kw’isi, kandi rikaba rigereranya hafi ibice 35% vy’ abanya Etiyopiya.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments