Kw’ igenekerezo rya 25 Nyakanga 2025, ishure ndoramana Nation to Nation Christian University rifadikanije n’ ishirahamwe United Christian for Change and development ( UCCD) mu Burundi, ryaratanze impapuro z’ umutsindo ku bakozi b’ Imana barenga 1900. Abo banyeshure bari barangije urukurikirane rw’ inyigisho ku ngezo zitandukanye (diploma,bachelor na Master’s degree ).

Ishure ndoramana Nation to Nation Christian University risanzwe rifise Icicaro I Texas mu gihugu ca Amerika ( United States of America) . Aha mu Burundi , ryakiriwe n’ ishirahamwe Rukristo UCCD.
Ihangiro nyamukuru y’iri Shure ndoramana
Gukarihiriza ubwenge ibice mirongo umunani kw’ijana (80%) n’abakozi b’ishengero bo mu Burundi bwose biciye mw’ishure rya Bibiliya kugira Ishengero rishitse neza intumbero yaryo.
Ico iri shure ritandukaniyeko n’ayandi mashure atanga inyigisho ndoramana
Nation to Nation Christian University rishimikira cane ku gutegura umuntu yuzuye mu bice vyose bigize umuntu ngo Yesu azogaruke asanga bitagira umugayo , nk’uko biri mu gitabo c’ab ‘ I tesalonika ba mbere 5:23.
Ubwa mbere , impwemu izigamwe kugira ngo umuntu agiranire imigenderanire myiza n’Imana. Ikindi iryo shure ritanga ivyigwa ngo ubugingo canke umushaha n’ umubiri vyose bizigamwe.
Kumererwa neza mu mushaha n’ umubiri bituma umuntu agiranira imigenderanire myiza n’ ivyo Imana yaremye hamwe no kwitwararika ubuzima bwiwe n’ubw’ umuryango.
Ni ibihe vyigwa nyamukuru bashimikirako?
Nk’uko bishikirizwa n’umuhuzabikorwa muri Nation to Nation Christian University, NTAKIRUTIMANA Ferdinand, ivyigwa bashimikirako ni ivyigwa ndoramana (Theologie), ivyigwa vy’uburongozi (Leadership Transformationnel), ivyigwa vy’imibano hamwe n’ivyigwa vy’iterambere ryo mu kibano (development communautaire)
Uwo muhuzabikorwa wa UCCD mu Burundi arongera ati: Izo nyigisho zimaze imyaka umunani zitangwa . Abarongozi batandukanye n’ abakozi b’ishengero mu bisata bitandukanye nibo bamaze kuramurwa n’ iryo Shure ( abungere, abavugabutumwa, abadiyakoni, abarimu n’ abandi)
Amatati mu mashengero yaragabanutse kubera iryo shure
Dufatiye ku biharuro vyashizwe ahabona na UCCD(2025),tubona umwimbu w’iryo shure mu Burundi wifahse neza aho amatati mu mashengero yaragabanutse biboneka. Ibice 52,6% bemeza ko bari bafise amatati mu mashengero barimwo, inkomoko y’ayo matati ahanini vyava kukutamenya.
Maze ingaruka zakwo zikigaragaza mu mice myinshi y’ubuzima bw’ishengero n’ikibano.
Abashika ibice 99% bemeza ko gutahura ivyerekeye uburongozi vyiyongereye, ivyo bica bituma amakosa aterwa no kutamenya agabanuka bishimishije n’amatati yakunda kwigaragaza akagabanuka.
Abashika ibice 99% kandi ko imigenderanire hagati y’abasangiye igikorwa (abarongozi n’abo barongoye) yabaye myiza kuruta uko yahoze. Ivyo bituma iterambere no guhuza mu bikorwa vyiyongera.
Mu miryango amatati yaragabanutse kubera inyigisho z’iryo shure
Ibice 88,1 % bemeza ko habaye impinduka zikomeye mu miryango yabo bamaze kwiga inyigisho zo muri rino shure. Ibice 22% barashizeho intumbero yo kwitaho indero y’abana kuruta uko vyahora aho n’imigenderanire hagati y’abavyeyi n’abana yariyongereye. Ibice 22% barateje imbere imigenderanire hagati yabubakanye, ibiganiro mu muryango birahabwa ikibanza.
Ibice 43% barateje imbere imigenderanira hagati y’abagize umuryango wose, ibiyago hagati y’abavyeyi n’abana vyarashizweho ahandi birakomezwa.
Ibice bishika 68,1% bari bazazaniwe n’ico gukora kuvyerekeye kuvyara ku rugero barashoboye kwumva no kumenya uburyo bubereye buhuye n’ukwizera kwabo bibafasha gutunganya neza ivyerekeye imvyaro.
Abantu barize kwitunaniriza imigambi
Abantu barize kwitunganiriza imigambi ku giti cabo, abandi batunganya imigambi babicishije mukuja hamwe bakagira amashirahamwe. Abashika ibice 82,1% barashoboye kwitunganiriza imigambi y’iterambere ku giti cabo, muri abo abashika ibice 71,4% bariko bakorera mu burimyi n’ubworozi, hama abashika 7,3 % batanguje imigambi yo gukora urudandaza.
Abandi bashika ibice 67,2 % barinjiye mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana yo mu kibano kugira biteze imbere. Hari n’abatanguye umugambi mwiza wo gukingira ibidukikije mu guhingura amakara bakoresheje iyarara n’iyindi myavu yose igizwe n’ivyatsi bitandukanye. Ibindi bice 47,4 % mubatanguye ishure atakazi bafise ubu barashoboye kwishiriraho akazi kabatunze. Ibice 94,5% barateye imbere kuvyerekeye isuku muri rusangi, ibice 25,5% barashoboye gutunganya neza utuzu twa surwumwe.
Dufatiye ku burere twakoreyemwo, abashika ibice 34,3% barafise ikibazo co kuronka amazi meza, biciye muvyigwa vya rino shure barigishijwe uburyo bwo kuyatunganya neza bakayasukura. Ni muri iyo ntumbero rero ibice 33,1% basukura amazi yo kunywa bakoresheje uburyo bwo kuyateka, ibice 10,3% bakoresha ubuhinga bwifashisha igiterwa citwa Molinga,
ibice 5,2% bakoresha akamiminisho bitunganirije bakoresheje urucekeri rw’amabuye n’umusenyi.
Uburimyi n’ubworozi
Mw’isuzuma abarongozi b’iryo shure bagize ibice 74,5% bafise igitungwa batunze kiba gito canke kinini. Ibice 56% batunze inka, impene canke intama, Ibice 19% batunze inkoko, 18% batunze ingurube n’abandi bashika ibice 7% bahereye ku nkwavu. abandi nabo bakaba bagiye mu burimyi.
Ferdinand, asanzwe ari umuhuzabikorwa wa UCCD atera akamo abarongozi ko bokwijukira kwiga Kuko iyo utize ataco uba Uzi. kandi avuga ko na Bibiliya irabivuga ko abantu b’ Imana baranduwe no kutamenya. Rero umuntu yamenye ukuri kuramuha kwidegemvya nk’uko muri yohana 8:31-32 habivuga neza.
Arangize ahamagarira abakozi b’mana kwiga kugira ngo bakorere Imana bafise ivyankenerwa n’ ubumenyi ndoramana bukwiye bategerezwa kuba bafise ngo bakorere ikibano neza, Kuko ari co ishengero ribereyeho