Ishengero Minevam Kigobe biciye mu gisata c’abigeme, ryaratunganije ibihe bidasanzwe ku bigeme bari hagati y’imyaka 19-23 hamwe n’abafise imyaka 24 kuduga, ku civugo ’’Naremwe uburyo buteye ubwoba butangaje’’, kuw’Imana igenekerezo rya 16 Munyonyo 2025, kuri Pacifique Hotel, i Bujumbura.
Nigikorwa categuwe muntumbero yo kwibutsa umwigeme ko ari uw’agaciro. Yaremwe mu buryo butangaje kandi ko adakwiye kwishira inyuma mubijanye nico Imana yamuremeye.
Kari akaryo ko kwibukanya ko umwigeme wese yahawe ku vyuzuye muri Kristo Yesu, kandi akwiye kubigendera mu buzima bwiwe bwa misi yose. Haba mu vy’impwemu, mu bwenge, mu bwiza no mu gukorera abandi.

Mw’ijambo ryo kwugurura ivyo bikorwa ryashikirijwe na Justine Niyuhire umwe mubagize uburongozi bw’igisata c’Abigeme muri Minevam Kigobe; yarahagaze cane kukwerekana ko ihinduka ryose umwigeme akeneye kubona, rihagaze kuri we nyene. Biciye mu kwitandukanye ni kintu cose se kibi yoshaka kumukoresha. Agakora ivyo Imana imuhagarira kandi akaba umwizigigwa muvyo akora, akabikorana umwete n’ubwira.
Icuri muri Kristo Yesu
Nayo Maman Angele yarahagaze cane kugukangurira Abigeme kumenya ico bari muri Kristo Yesu. Agira ati : ” Iyo dutakaje intumbero yico Imana yaturemeye, turatakaza agaciro kacu tugaca tubaho uko tuvyumva”.

Abandanya yerekana ko kubaho warakiriye agakiza nk’umwigeme arico kiguha agaciro muri Kristo Yesu kandi bikakugira uwuriwe. Ntushobora kuvuga ko waremwe muburyo bwigitangaza bidaciye mu co Yesu Kristo yakugize igihe wamwakira mubuzima bwawe.
Harigihe uba wumva umengo waje guherekeza abandi, ukiyumvira iyo ukomoka, uburebure n’ubugufi bwawe n’ibindi n’ibindi. Ivyp bikagutera kwumva umengo ntaco umaze canke ushoboye, bikakuzanira kutikunda n’ibindi. Ariko ivyo vyose umaze guha ubuzima bwawe Yesu Kristo bihinduka ivyakera kuko ijambo ry’Imana muri zaburi 139 : 14 rica riza rikavuga ngo : ”Naremwe uburyo buteye ubwoba butangaje.” Uri uwagaciro mu maso y’Imana.
Arangiza agira ati : ’’Apana ko ikintu cose kije kikuronka akaryo mwigeme mwiza, shiraho indangagaciro ugendereka. Kuko umenye ico uri muri Yesu Kristo, tangure utambuke nk’umwamikazi.’’
Mbega kuko twaremwe muburyo bwigitangaza tuje kwerekana ko dusumba abandi bose ?
Hari abantu basanzwe bazi muri bo ko ari abagaciro kuko kumbure bafise amaso meza, amaguru meza, batwenga neza n’ibindi kuko isi arivyo yababwiye. Nta mwigeme mwiza w’agaciro ariho igihe atirabiye muri Yesu Kristo. Bivugwa na Maman Dr Neige umwe mubunganizi buwo munsi.

Aho yagarutse cane kwerekana ko umuntu agizwe n’amajwi amuganiriza canke n’ivyo aha umwanya mu nini. Agira ati : ’’ Ijwi uriko uragaburira cane niryo ririko ritahana itsinzi mu buzima bwawe. Suzuma ivyo uriko urumva rero ko ari ivyubaka canke bisambura.’’ kuko ivyo wisunga kugira uvuge ngo ndimwiza canke ndi mubi, mfise agaciro canke ntako mfise ni ibintu bishigwaho n’abantu kandi bihinduka umunsi ku munsi bivanye n’ibihe, ibibanza n’ibindi. Iyo ubitevyeko rero biraheza bigacika ubuzima bwawe bikakwonona.
Maman Dr Neige arangiza yerekana ko ibanga ryonyene kugira nk’umwigeme ugendere muco Kristo yakugize utishize hejuru canke ngo wisuzugure; ni guhora usoma ijambo ry’Imana uririmbura rikaba muri wewe rigwiriye. Kugira ivyiyumviro vyawe vyame bigaburirwa cane n’ico Papa wo mw’Ijuru akuvugako. Kuko arico gikuru kurusha ico isi ikubwira.
Kumenya icuri ntibiherera mukubimenya gusa hariho ibikurikira
’’Imana yakuremye muburyo butangaje. Umubiri wawe si uwawe ngo ukore ivyushaka vyose. Ariko uhamagarigwa kuwukoresha ico Imana yakuremeye. izigame kuko ubuzima bwawe ari ubw’Imana yawe.’’ bivugwa na maman Anne.

Nawe yakanguriye cane Abigeme kuba akarorero keza mubigaragara : isuku, ubwenge, gukunda Imana, no kwiyakira uko bari bagahora babishimira Imana. kuko ngo ntawuzogukunda nawe utikunze(love yourself others will follow). Agira ati : ’’mwigeme uri mwiza kandi uri uwagaciro igihe cose uriko urakora ico Imana yakuremeye.’’
Guhera unomunsi urashobora guhitamwo guhindura uko w’ibona igihe wokwirabira muco Imana yakugize ugatangura kuba munyungu zo kubaho unezererewe icuri. Aho yatanze intahe avuga ko kuba mugufi kwiwe vyari ibintu bimubangamiye atarakizwa. Kugeza aho yumva ko no kuja kwoga yogenda yambaye ikirato co hejuru kubera kutavyakira. Ariko amaze kumenya Kristo Yesu atangura kwikunda wese atanakimwe akuyemwo mubigize umubiri wiwe. Aho ubu n’ibirato vyohasi avyambara kandi akumva n’amahoro.’’
Nayo Umwe mu bigeme yaganiriye n’Umwungere News avuga ko ivyo bihe vyamubereye vyiza cane kuko yaronse inyishu kubibazo bimwe bimwe yahora agenda yibaza.
aho yagize ati Agira ati : ’’Jewe nahora numva hari ukuntu ntikunda bivuye kuvyo abari iruhande yanje bagiye barambwira ariko ntahuye ko ndi uwagaciro muri Kristo Yesu kubw’ico yakoze apana ico abantu bamvugako. Guhera ubu ngiye kuza ndafata umwanya wajewe na jewe nyene igihe hari ijwi ririko riranganiriza kukintu kanaka mukurisuzumisha ijambo ry’Imana.’’
Vyari ibihe bidasanzwe vyo kunagugwa ku mutima no ku mubiri kubigeme baraho.

Uwo muhingamo ukaba wari watumiwemwo abigeme bo mw’ishengero rya Minevam ahanini n’abandi bo muyandi mashengero, tutibagiye aba mama Pasteur bo muri Minevam Kigobe bari baremesheje ico kiyago.
Womenyako iki gikorwa ari igikorwa ngaruka mwaka, kandi ko kuri iyincuro categuwe muburyo butandukanye nuko cahora gitegugwa, Aho abo bigeme bahuriye mukibanza kindi atari kw’ishengero nkuko mu bibona kuri ayo mafoto.
Mwigeme hari ico isi ikwitezeko nk’umwana w’Imana kandi urafise ico woyiha.


