Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeAbanditsi n'abaririmvyiInyuma y'amezi 4 gusa umuririmvyi Vestine anshinze urugo rwiwe ngo yasanze yahisemwo...

Inyuma y’amezi 4 gusa umuririmvyi Vestine anshinze urugo rwiwe ngo yasanze yahisemwo nabi

Uyu munsi, mu gitondo co ku wa 18 Munyonyo 2025, inkuru zitari nke zatangajwe ku mbuga hwaniro (réseaux sociaux) no mu binyamakuru bitandukanye, aho havugwa ko umuririmvyi w’indirimbo zo guhimbaza Imana, Vestine Ishimwe, yoba ari mu bibazo bikomeye vyo mu rugo, ndetse ko ngo yafashe ingingo yo gutandukana n’umugabo wiwe, Idrissa Jean Luc Ouédraogo, asanzwe akomoka mu gihugu ca Burkina Faso.

Ikinyamakuru Igihe co mu Rwanda, kimwe mu binyamakuru bizwi cane, cabaye mu ba mbere batangaje iyo nkuru. Ku rubuga rwabo rwa Facebook, batangaje ko Vestine yafashe ingingo yo guhagarika umubano wabo wari umaze iminsi 136 gusa.

Inkuru yaciye itangura gukwiragira ku mbuga zitandukanye, aho benshi batangajwe n’ivyavuzwe, na cane cane ko ubukwe bwa Vestine na Idrissa bwari bwatangajwe nk’intambwe ikomeye mu buzima bwiwe, kandi bwari bwavugishije abatari bake kubera uburyo bwari bwarateguwe neza kandi busa n’ubw’igitangaza.

Vestine na Idrissa basezerana imbere y’amategeko

N’ubwo biruko, ntawuzi neza ko ayo makuru ari ay’ukuri kuko inyuma y’uko ayo makuru akwiragiye hose,hari ayandi makuru yagaragaye k’urubuga rwa X kuri compte y’uwitwa Ishimwe Vestine ariko tutazi nimba vyukuri ari iyuwo muririmvyi canke yoba ari uwundi muntu ayikoresha, yariko asaba imbabazi, aho yavuga ko nawe yatangajwe n’ayo makuru ariko amuvurwako n’umufasha wiwe. Yabandanije avuga ko, urubuga(compte )rw’iwe rwa Instagram rwibwe bisobanura ngo, abivye iyo compte n’ibo boba banditse amajambo benshi bafatiyeko mu gukwiragiza ayo makuru.

Amajambo y’amarira ya Vestine kuri Instagram yiwe

Ivyo vyavuzwe vyavuye ku majambo Vestine ubwiwe yanditse mu gitondo co kuri uyu wa 18 Munyonyo 2025 nyene, kuri story ya Instagram yiwe. Mu majambo yuzuye intimba n’agahinda, yavuze ati:

“Uyu musi ubuzima mbayemwo sibwo nahisemwo, ndi mu mubano mubi kandi siwo nari mbereye…narahakuye icigwa…uwundi tuzobana nzobanza kumumenya neza menye n’umuryango wiwe.”

Aya ni yo majambo yanditse kuri Story yiwe kuri Instagram yiwe

Ayo majambo yaciye acana umuriro mu mitima y’abavuzi b’iyi nkuru, bamwe batangura kwemeza ko Vestine yoba yarafashe ingingo yo gutandukana n’uwo bubakanye, naho wewe ubwiwe ataho arabitangaza.

Ikindi cavugishije benshi, n’uko amafoto yose y’ubukwe hamwe n’ay’umugabo wiwe yakuwe ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Ivyo bikaba vyateye abantu kwibaza ko iyo ngingo yo gutandukana n’umufasha wiwe itari yitezwe yoba ariyo.

Ni vyinshi vyavuzwe ku mubano wa Vestine na Idrissa. Babaye nk’abahuye bongera bubaka urukundo rwabo mu kiringo gito. Abatari bake barakeje ubwo bukwe, ndetse benshi babwita “ubukwe bw’Imana” canke “urukundo rw’igitangaza.”

Vestine n’Umugabo wiwe igihe bashinga urugo rwabo

Ariko nk’uko amajambo yiwe abivuga, bisa n’uko yasanze atamenye bihagije uwo bari kumwe, hamwe n’abiwe, mbere agasigura ko ico ari “icigwa” yigiye mu buzima.

Nta tangazo ridasubirwamwo rirava ku ruhande rwa Vestine canke Idrissa. Ariko amajambo yashikirijwe, n’ibimenyetso vyabonetse kuri Instagram, vyerekana ko hashobora kuba hari vyinshi bikomeye biriko biraba inyuma y’iyo nkuru.

RELATED ARTICLES

2 COMMENTS

    • Vyukuri dukwiye kurorera Imana kugeza ari yo iduhuje n’uwuzotubera umufasha mwiza. Ntidukwiye kwihuta canke gufatira ku mubiri

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments