Muharire ababapfungishije
Muri rwaruganda rw’iminsi ibiri rwatunganijwe n’ishirahamwe ryihaye kuburanira abanyororo bafise amikoro make “Rastoration Burundi (RestoBu)” ku magenekerezo ya 13 na 14 Munyonyo I Bujumbura, umunsi ugira kabiri w’inyigisho, abahoze mumvuto, bahamagariwe guharira abatumye bapfungwa.
Nkuko bivurwa na Noel Iradukunda yanonosoye ivyirwa vyo gufasha amagara yo m’u bwonko ati: ”Umutima barawukomerekeje, n’ubu ndazi ko ushobora kuba ufise ibikomere kandi ababiguteye ukaba ukibabona, aho rero bigusaba kubaharira ntibigutume wihora ngo usubireyo. Nowel yabandanije avuga ko hagati y’uwihoye n’uwahariye, uwahariye niwe afise inkomezi. “Guharira ni guhitamwo gukaraba canke gushona umutima ukoresheje urunyuzi rw’urukundo”.
Bamwe mu bahoze mumabohero atandukanye bati ”Turabashimiye kunyigisho, kuko nka jewe uwampfungishije aguma anyigamba ko yankomesheje, ubu nanje iyontaza muri iz’inyigisho nariko nitegurira kumwihora, ariko mvuye ngaha nabihevye, namuhariye.
Gratien Nibigira akaba yasozereye yemerera abitavye urwo ruganda ko Restoration Burundi (RestoBu) arongoye, igiye gushiraho igisata caba Pasitori bazohora babafasha mu bijanye n’impwemu.


