Vrydag, November 21, 2025
spot_img
HomeIterambereEglise Catholique: Iyahora ari Shapelle ubu yahindutse paroisse

Eglise Catholique: Iyahora ari Shapelle ubu yahindutse paroisse

Iyahora ari Shapelle ubu yahindutse paroisseMusenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umushikiranganji wambere wa Leta y’u Burundi NESITORI Ntahontuye, Icegera cambere c’Umukuru w’Inama Nshingamateka y’u Burundi NKEZIMANA Boussessia hamwe n’abakristu ba Sikirisale ya Carama-Gahahe, bazindukiye mu birori vyo guhezagira Paroisse nshasha ya Carama-Gahahe.

Hari kuwa 15 Munyonyo 2025 isaha zine zagatondoto(10h), niho Paroisse Gahahe yavyawe na paroisse saint famille Kinama, yahezagirwa icese, imisa ikaba yaherejwe na Musenyeri arongoye Diyoseze nkuru ya Bujumbura Gerevazi Banshimiyubusa abanje kuyugurura akoresheje umugirwa w’inkoni yiwe y’ubwungere no gusiga amavuta impome ziryoshengero niyindi migenzo.

Musenyeri Gerevazi akaba yisunze amajambo yo muri Yohani mweranda mugutanga impanuro zitandukanye,haba kubazorongora iyo paroisse eka n’abakristu muri rusangi.

Impanuro za Musenyeri Gerevazi:Yagize ati”Iyi paroisse nayitiriye Yezu Umwungere mwiza, ariko uwomwungere mwiza si jewe, ni Yezu Kristu ,uwo niwe mukwiye kubera abasuku mutavanguye abantu.”
Yongeyeko ati ” Nihaboneka imfashanyo,muraha kose mutaravye ko ari aba Kristu canke atari aba Kristu ”
Musenyeri akaba yahimirije abakristu gukora ibikorwa vy’iterambere.

Tubibutse ko iyo paroisse yubatswe umwaka umwe gusa,uhereye muri Ndamukiza 2024, patiri Seth DesireREMESHA akaba ariwe agiye kuramutswa iyo paroisse.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments