Alvella Muhimbare na Yanick Utter Ntivyakunze ko batsindira imodoka ya Superbat Burundi
Alvella Muhimbare na Yanick Utter bose n’abaririmvyi mpimbazamana bari bamaze imisi bahabwa amahirwe menshi n’abafana babo yo gutsindira imodoka nshasha yashizwe kumeza n’uruganda rw’ibisakazo arirwo Superbat rubicishije mw’ihiganwa SuperBeat, ihiganwa ryarangiye ku mugoroba w’uwa 15 Munyonyo 2025 mu gisagara ca Bujumbura.
Iryo higanwa rikaba ryatsindiye umuririmvyi kirikou A Kili aririmba secular, nayo Muhimbare Alvella afata ikibanza ca kabiri n’igifovya ca miliyoni zitatu (3.000.000 FBU), Yanick Utter nawe aca aza mu kibanza ca gatatu nagashimwe ka miliyoni zibiri(2.000.000fbu)
Tubamenyeshe ko n’ubwo hagati ya Utter na Alvella atawatsindiye imodoka, umukozi w’Imana azwi nka Prophet of Jesus Joshua Joshua wewe yari yavuze ko ako kamodoka ashobora kugaha Yanick Utter canke Muhimbare nubwo atatomoye uwo agahaye! yagize ati “karya kamodoka ndagahe inde hagati ya Alvella na Utter? Imana yamaze kuvugana nanje.” budakeye nakabiri, yaciye amenyesha ko atashatse kuvuga akamodoka,ngo kuko akamodoka ashobora kukagura akagaha umuntu nki cadeau.
Ibintu biri uko mugihe Alvella wewe abantu bakomeje kuvuga ko yaranzwe nishusho yo gushavura,ariko wewe akaba yashimiye abagize jury aho yagize ati ” Nubwo twahiganwa, jewe nabona ko Kiriku aza imbere yanje, ndashimiye jury yabaye mu muco, iyo bayimpa jewe bari kuba banyibiye”.





