Saterdag, November 22, 2025
spot_img
HomeIbindiOuganda:Abakristu batanu barahasize ubuzima bwabo bivuye mu ntureka iri hagati y’abayisilamu n’abakizwa.

Ouganda:Abakristu batanu barahasize ubuzima bwabo bivuye mu ntureka iri hagati y’abayisilamu n’abakizwa.

Ku wa 4 Munyonyo 2025 mu gisagara ca Yumbe muri Ouganda, abakristu bashika kuri batanu baritavye Imana  abandi 44 barakomereka,mu myiyerekano yari yagizwe n’abayisilamu aho bariko biyamiriza urudandazwa rw’inyama z’ingurube rukorwa n’abakristu hafi y’umusigiti Munir wa  Yumbe.

Urwo rudandazwa rw’inyama z’ingurube hafi y’uwo musigiti,  ntirwakiriwe neza na gato n’abayisilamu bo muri ako karere, aho benshi muribo bafashe urwo rudandazwa  nko gutyoza n’ukwutubaha  idini ryabo, kuko idini rya Islam riziririza gufungura inyama z’ingurube.

Amakuru avugwa n’igipolisi avuga ko, intureka zatanguye inyuma y’aho hakwiragiye amasahusho(video) ku mbuga hwaniro  yerekana Sheik Kasim Abdalla w’umusigiti  wa Munir ariko asaba abayisilamu bo mu karere ka West Nile(mu buraruko bwa Ouganda), ndetse n’abari mu bihugu bibanyi nka  Sudani na Somaliya, gushigikira  ico yise “Operation Albadiri”, ayigereranya n’intambara yo mumateka  yo hambere mw’ idini rya Islam.

Mu mashusho yafashwe ku mugoroba wo ku wa 3 Munyonyo, Sheik Kasim Abdalla yasavye ko abayisilamu bose bo muri Yumbe bohagurukira hamwe  kugira ngo “bahindure Yumbe habe ahantu hera, hatagira ibikorwa vy’ibicumuro  bidahuye n’amategeko y’Imana”. Nyuma y’ivyo, uwo mu Sheik yahimirije  abayisilamu bose bo  mu karere ka Yumbe ngo baje hamwe mu  kwiyamiriza icuruzwa ry’inyama z’ingurube mu kibanza gikuru c’ubudandaji  mu gisagara ca Yumbe.

 Ku wa 4 Munyonyo niho haciye hatangura imyiyerekano,mu ntango yiyo myiyerekano yariko iba  mu mahoro  ariko iza guhinduka mibi igihe abiyamiriza batangura gutera amaduka n’amazu y’abakristu, nk’uko ivyabona vyo mu gisagara ca Yumbe bibivuga.

Mu gihe c’iyo myiyerekano, Sheik Abdalla yabwiye abayoboke biwe ati :“Yumbe yashingiwe kuri Allah kuva kera. Ntitwokwihanganira ko haba urudandazwa rw’inyama z’ingurube  hano. Umunyarwaruka w’umuyisilamu wese akwiye guhaguruka arwanire icubahiro c’ukwemera kwacu. Ntihagire ubudandaji bw’abakristu bushigikira igicumuro busigara ngaha ku butaka bwacu.”Ivyashikirijwe n’umwe mu bakristu bo mu buraruko bwa Uganda yitwa Moses Nsubuga.

Iyo myiyerekano yatumye ubuzima bw’abantu buhasigara ndetse n’ibitari bike birononekara

 Nsubuga yavuze ko abakristu batanu bamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima  muri iyo myiyerekano.Jackson Lameriga, w’imyaka 34, wo mw’ishengero New Revival Church rya Yumbe, yapfuye aho yari amaze imisi  arwariye ku bitaro vya yumbe afise ibikomere vyomunda no mu mbavu,Collins Chadiru, wo mw’ishengero ry’Abangilikani mu karere ka Nebbi, yari yakomeretse mu mutwe no mu maso, ava amaraso menshi hanyuma apfa ari kwivuza.

Abandi bitavye Imana, harimwo Recheal Anyandiru wo mw’ishengero rya Baptiste rya Koboko, Philemon Okou wo mw’ishengero Deliverance Church yapfuye ako kanya igihe bamutera ibuye mu mutwe, hamwe na ’Evangeliste Ben Gracious Padi wo mw’ishengero rya Baptiste rya Koboko.Nsubuga yavuze ko yabonye uwo muvugabutumwa  Padi aterwa amabuye n’abayisilamu igihe yariko avuga ubutumwa mw’ibarabara . 

Hari n’amakuru avuga ko, hari  abandi bakristu batatu boba barishwe  ariko ayo makuru ntiyigeze yemezwa n’ubutegetsi.

Amashengero atari make harimwo Saint Peter’s Anglican Church, Lodonga Pentecostal Church hamwe na Yumbe Revival Centre yarasambuwe, kandi amaduka menshi y’abakristu yarasahuwe yongera  araturirwa, nk’uko vyavuzwe na Révérend Akidribo Robert wo mw’ishengero rya Anglicane muri Ouganda.

Sivyo gusa,nk’uko vyanditswe ku mbuga ngurukana bumenyi, amazu agera kuri 50 yarasambuwe yongera araturirwa mu gihe c’izo ndyane.

Mbega abarongozi b’amashengero babivugako iki?

Pasitori Akiridribo Robert asaba Reta ya Ouganda ko yogira ubutungane k’ubakristo basize ubuzima bwabo n’abakomeretse yongera kandi asaba ko Reta yo kingira  umutekano w’abakristo bo muri Yumbe. Akiridribo abandanya avuga ko abakristo batazohirahira ngo barataye ingo canke amashengero yabo ahubwo ngo barushirizaho gusengera amahoro n’mutekano muri ico gisagara ariko kandi Reta ibatunganirize. 

Ico inzengo z’umutekano zakoze muri iyo ntureka

Abasirikare n’abapolisi baraje gutabara inyuma y’uko ibintu bihindutse bibi , bakoresheje ivyuka bikoroza amosozi kugira batatanye abari mu myiyerekano. Ariko ibinyamakuru vyo muri ako karere vyavuze ko abapolisi barashe amasasu mu kirere. 

Igipolisi carafashe abantu barenga 30, harimwo Sheik Abdalla, akaba afunzwe yagirizwa  ku vyaha vyo gushigikira ubukozi bw’ikibi bushingiye ku madini no gukwiragiza inzankano mukibano. Amatohoza aracariko arakorwa, kandi abasirikare baracari ku murwa wa Yumbe kugira bakingire ntihongere kuba indyane.

Abenegihugu nabo babivugako iki?

Bamwe mu benegihugu bavuze ko umuntu wese afise uburenganzira bwo gukora ubudandaji ashaka mu gisagara. 

Abanyagihugu b’abakristo n’abo, bavuga ko bugarijwe n’ubwoba, kuko   muri ico gisagara abayisilamu aribo benshi.Icegeranyo co mu mwaka wa 2024  cerekana ko akarere ka Yumbe, ibice 76% ari abayisilamu nayo abakristu akaba ari ibice 24% gusa. 

Mwomenya ko, iyo ntureka ari imwe muzindi nyinshi zikomeza kugaragara mu gihigu ca Ouganda, aho usanga abakristo bariko bakorerwa ihohoterwa rishingiye ku kwizera kwabo nk’uko ikinyamakuru Morning News kivyerekana.

Ariko n’ubwo biruko,Itegeko Nshingiro rya Ouganda n’ayandi mategeko y’igihugu biremeza ubwigenge bwo gusenga, harimwo n’uburenganzira bwo kwamamaza ukwemera kwawe no guhindura idini. 

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments