Ku wa 4 Munyonyo 2025 mu gisagara ca Yumbe muri Ouganda, abakristu bashika kuri batanu baritavye Imana abandi 44 barakomereka,mu myiyerekano yari yagizwe n’abayisilamu aho bariko biyamiriza urudandazwa rw’inyama z’ingurube rukorwa n’abakristu hafi y’umusigiti Munir wa Yumbe.
Urwo rudandazwa rw’inyama z’ingurube hafi y’uwo musigiti, ntirwakiriwe neza na gato n’abayisilamu bo muri ako karere, aho benshi muribo bafashe urwo rudandazwa nko gutyoza n’ukwutubaha idini ryabo, kuko idini rya Islam riziririza gufungura inyama z’ingurube.
Amakuru avugwa n’igipolisi avuga ko, intureka zatanguye inyuma y’aho hakwiragiye amasahusho(video) ku mbuga hwaniro yerekana Sheik Kasim Abdalla w’umusigiti wa Munir ariko asaba abayisilamu bo mu karere ka West Nile(mu buraruko bwa Ouganda), ndetse n’abari mu bihugu bibanyi nka Sudani na Somaliya, gushigikira ico yise “Operation Albadiri”, ayigereranya n’intambara yo mumateka yo hambere mw’ idini rya Islam.
Mu mashusho yafashwe ku mugoroba wo ku wa 3 Munyonyo, Sheik Kasim Abdalla yasavye ko abayisilamu bose bo muri Yumbe bohagurukira hamwe kugira ngo “bahindure Yumbe habe ahantu hera, hatagira ibikorwa vy’ibicumuro bidahuye n’amategeko y’Imana”. Nyuma y’ivyo, uwo mu Sheik yahimirije abayisilamu bose bo mu karere ka Yumbe ngo baje hamwe mu kwiyamiriza icuruzwa ry’inyama z’ingurube mu kibanza gikuru c’ubudandaji mu gisagara ca Yumbe.
Ku wa 4 Munyonyo niho haciye hatangura imyiyerekano,mu ntango yiyo myiyerekano yariko iba mu mahoro ariko iza guhinduka mibi igihe abiyamiriza batangura gutera amaduka n’amazu y’abakristu, nk’uko ivyabona vyo mu gisagara ca Yumbe bibivuga.
Mu gihe c’iyo myiyerekano, Sheik Abdalla yabwiye abayoboke biwe ati :“Yumbe yashingiwe kuri Allah kuva kera. Ntitwokwihanganira ko haba urudandazwa rw’inyama z’ingurube hano. Umunyarwaruka w’umuyisilamu wese akwiye guhaguruka arwanire icubahiro c’ukwemera kwacu. Ntihagire ubudandaji bw’abakristu bushigikira igicumuro busigara ngaha ku butaka bwacu.”Ivyashikirijwe n’umwe mu bakristu bo mu buraruko bwa Uganda yitwa Moses Nsubuga.
Iyo myiyerekano yatumye ubuzima bw’abantu buhasigara ndetse n’ibitari bike birononekara
Nsubuga yavuze ko abakristu batanu bamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima muri iyo myiyerekano.Jackson Lameriga, w’imyaka 34, wo mw’ishengero New Revival Church rya Yumbe, yapfuye aho yari amaze imisi arwariye ku bitaro vya yumbe afise ibikomere vyomunda no mu mbavu,Collins Chadiru, wo mw’ishengero ry’Abangilikani mu karere ka Nebbi, yari yakomeretse mu mutwe no mu maso, ava amaraso menshi hanyuma apfa ari kwivuza.
Abandi bitavye Imana, harimwo Recheal Anyandiru wo mw’ishengero rya Baptiste rya Koboko, Philemon Okou wo mw’ishengero Deliverance Church yapfuye ako kanya igihe bamutera ibuye mu mutwe, hamwe na ’Evangeliste Ben Gracious Padi wo mw’ishengero rya Baptiste rya Koboko.Nsubuga yavuze ko yabonye uwo muvugabutumwa Padi aterwa amabuye n’abayisilamu igihe yariko avuga ubutumwa mw’ibarabara .
Hari n’amakuru avuga ko, hari abandi bakristu batatu boba barishwe ariko ayo makuru ntiyigeze yemezwa n’ubutegetsi.
Amashengero atari make harimwo Saint Peter’s Anglican Church, Lodonga Pentecostal Church hamwe na Yumbe Revival Centre yarasambuwe, kandi amaduka menshi y’abakristu yarasahuwe yongera araturirwa, nk’uko vyavuzwe na Révérend Akidribo Robert wo mw’ishengero rya Anglicane muri Ouganda.
Sivyo gusa,nk’uko vyanditswe ku mbuga ngurukana bumenyi, amazu agera kuri 50 yarasambuwe yongera araturirwa mu gihe c’izo ndyane.
Mbega abarongozi b’amashengero babivugako iki?
Pasitori Akiridribo Robert asaba Reta ya Ouganda ko yogira ubutungane k’ubakristo basize ubuzima bwabo n’abakomeretse yongera kandi asaba ko Reta yo kingira umutekano w’abakristo bo muri Yumbe. Akiridribo abandanya avuga ko abakristo batazohirahira ngo barataye ingo canke amashengero yabo ahubwo ngo barushirizaho gusengera amahoro n’mutekano muri ico gisagara ariko kandi Reta ibatunganirize.
Ico inzengo z’umutekano zakoze muri iyo ntureka
Abasirikare n’abapolisi baraje gutabara inyuma y’uko ibintu bihindutse bibi , bakoresheje ivyuka bikoroza amosozi kugira batatanye abari mu myiyerekano. Ariko ibinyamakuru vyo muri ako karere vyavuze ko abapolisi barashe amasasu mu kirere.
Igipolisi carafashe abantu barenga 30, harimwo Sheik Abdalla, akaba afunzwe yagirizwa ku vyaha vyo gushigikira ubukozi bw’ikibi bushingiye ku madini no gukwiragiza inzankano mukibano. Amatohoza aracariko arakorwa, kandi abasirikare baracari ku murwa wa Yumbe kugira bakingire ntihongere kuba indyane.
Abenegihugu nabo babivugako iki?
Bamwe mu benegihugu bavuze ko umuntu wese afise uburenganzira bwo gukora ubudandaji ashaka mu gisagara.
Abanyagihugu b’abakristo n’abo, bavuga ko bugarijwe n’ubwoba, kuko muri ico gisagara abayisilamu aribo benshi.Icegeranyo co mu mwaka wa 2024 cerekana ko akarere ka Yumbe, ibice 76% ari abayisilamu nayo abakristu akaba ari ibice 24% gusa.
Mwomenya ko, iyo ntureka ari imwe muzindi nyinshi zikomeza kugaragara mu gihigu ca Ouganda, aho usanga abakristo bariko bakorerwa ihohoterwa rishingiye ku kwizera kwabo nk’uko ikinyamakuru Morning News kivyerekana.
Ariko n’ubwo biruko,Itegeko Nshingiro rya Ouganda n’ayandi mategeko y’igihugu biremeza ubwigenge bwo gusenga, harimwo n’uburenganzira bwo kwamamaza ukwemera kwawe no guhindura idini.


